Israel nta mahirwe menshi iha ivy'uko agahengwe gashoboka inyuma y'ivyashikirijwe na Hamas

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko atabona amahirwe menshi y'agahengwe muri Gaza inyuma y'aho Hamas ishikirije abahuza ico yita ''uko ibona ibintu bikwiye kugenda''.
Ibiro vya Netanyahu vyavuze ko Hamas n'ubu ''ibandanya gusaba ibidashoboka''.
Hamas ishaka ko intambara ihagarara burundu n'uko Israel iva rwose muri Gaza.
Ku wa kane mw'ijoro ubushkiranganji bwa Gaza bujejwe amagara bwavuze ko abantu 20 bishwe igihe bari barindiriye imfashanyo. Israel ihakana ko ko ata ruhara na rumwe ifise ikagiriza abanya-Palestina bafise ibigwanisho ko ari bo barashe mw'isinzi ry'abantu.
Mu makuru ya vuba, ubushikiranganji bujejwe amagara buvuga ko abantu 155 bakomeretse ico gihe. Abantu bakomeretse bari barambaraye hasi mu bitaro vya Shifa muri Gaza City aho abaganga bariko barita ku rutare ngo biteho abo bantu bose bakomeretse mu buryo bitandukanye.
Mw'itangazo, igisirikare ca Israel (IDF) cavuze ko cari coroheje ukurengana kw'amakamyo 31 ajanye imfashanyo muri Gaza.
''Hafi isaha imwe imbere y'uko urwo rukurikitrane rw'amakamyo rushika ruciye mu muhora wo kujana imfashanyo, abanya-Palestina bafise ibigwanisho bararashe mu gihe abanyagihugu basanzwe bo muri Gaza bari barindiriye ko imfashanyo ishika,'' nk'uko cavuze.
Kibandanya kivuga ko kurasa kwabandaninije mu gihe abanyagihugu nabo bariko barasahura ayo makamyo mbere bamwe akabacako, kikabandanya kivuga ko kiriko kirihweza ingene vyagenze.
Hagati aho ubwato butwaye amatoni 200 y'ivyo kurya buraboneka uri ku nkengera ya Gaza bukaba ari ubwa mbere bwo kugerageza kwugurura inzira yo mu mazi yo kujana imfashanyo.
Open Arms - ubwato bwo gutabara bw'ishirahamwe ry'abagiranzeza ryo muri Espagne rifise iryo zina nyene, - buriko burakwega ubundi burimwo umuceri, ifu, imboga, imboga zo mu bikopo n'indemamubiri zo mu bikopo.
Gaza nta kivuko gikora ifise, ni naho Amerika iri inyuma y'ubutumwa World Central Kitchen, buriko burubaka ikivuko kireremba kugira bupakurure imfashanyo.
Uburyo bunyaruka, kandi bukora neza gusumba n'ugucisha imfashanyo ku butaka hakoreshejwe ibarabara. Ariko amashirahamwe afasha avuga ko inzitizi za Israel zituma agace gato k'imfashanyo irungitswe ari yo yonyene yinjira.
Israel ivuga ko ishima ishingwa ry'inzira yo mu mazi kandi ko yorosha itangwa ry'imnfashanyo muri Gaza mu gihe ingabo zayo zibandanya kugwanya Hamas.
Ku wa gatanu, Australia yavuze ko izosubira guha uburyo UNRWA - ishami rikuru rya ONU rifasha muri Gaza. Australia n'ibindi bihugu vyinshi bifasha vyarahagaritse gufasha iryo shami rya ONU igihe Israel yagiriza bamwe mu bakozi baryo kuba baragize uruhara mu bitero vya Hamas muri Israel.










