Alain Guillaume Bunyoni yongeye gusabirwa gupfungwa burundu we asaba kwezwa

Alain Guillaume Bunyoni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mw’iyungururizo, urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni ruburanishijwe iminsi ibiri gusa ruca rushirwa mu mwiherero.

Ku munsi wa mbere humvirijwe uwo yahoze ari umushikiranganji wa mnbere w’Uburundi yagirizwa ivyaha indwi ari vyo:

  • kuronka amatungo aciye mu nzira zitagororotse nk’ibiturire
  • gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha
  • guhungabanya itunga ry’igihugu
  • kugerageza kwica umukuru w’igihugu
  • kugerageza gutembagaza inzego z’igihugu zatowe
  • gutuka umukuru w’igihugu n'umushikiranganji wa mbere
  • Kwitungisha mu buryo buteye kubiri n’amategeko akoresheje igihagararo ciwe

Ku wa mbere hari humvirijwe kandi Samuel Destino Bapfumukeko yakora mw’iperereza. We yagirizwa ivyaha bibiri birimwo kumena amabanga y’akazi mu kuburira Bunyoni ko ariko araronderwa hamwe no gufatanya mu caha co kugerageza gutembagaza inzego z’igihugu.

Intahe igira kabiri yo kuri uyu wa kabiri yaranzwe ahanini no gusozera imburano inyuma yo kwumviriza babiri bari basigaye: Desire Uwamahoro intwazangabo mu giporisi na Come Niyonsaba yari umuhinga mu bwubatsi wa Bunyoni.

Uretse Bunyoni yari yasabiwe igihano c’ubuzima bwose mu rubanza rwaciwe mu kwezi kwa Kigarama (12), abo batatu basigaye bari baciriwe imyaka 15 umwe umwe.

Mu gusosezera imburano, n’ubundi umushikirizamanza yongeye gusaba umucamanza wo mw’iyungururizo kwemeza ivyo bihano vya mbere kuri abo bose yashengeje.

Hari ibindi vyasabwe kwongerwa ku gihano ca Bunyoni - we asaba kwambikwa izera

Ariko kuri Bunyoni hari ibindi umushikirizamanza yasavye ko vyongerwa ku gihano.

Ivyo navyo ni kuriha ihadabu rya miriyaridi zirenga 24 mu mafaranga y’Uburundi, n’uko hoca hafatwa ubwo nyene imiduga n’amatongo yiwe nk’uko biri mu rwaciwe ubwa mbere.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri rusangi, Bunyoni asaba ko yokwambikwa izera akidegemvya kuko nk’uko yagumye abisubiramwo ngo muri urwo rubanza umushikirizamanza ntiyigeze azana ivyemeza ingene ivyo vyaha yagirizwa yabikozwe.

Nk’ibigwanisho bivugwa ngo nta nomero bifise kandi ntivyigeze vyerekanwa muri sentare.

Avuga kandi ko ibiturire umushikirizamanza amwagiriza atigeze avuga ababimuhaye canke ingene vyangana.

Ico kugerageza kwica umukuru w’igihugu hakoreshwe amangetengete canke ibintazi (nk’abapfumu n’abarozi) nta wuzi ingene yacisiguyeko kuko cagumye cumvirizwa mu mwiherero, haba mu rubanza rwa mbere haba no mw’iyungururizo.

Ariko na cane cane ku matungo yiwe, Bunyoni yashimangiye cane ko atumva ingene yonyagwa ivyo yarondeye mu kiringo c’imyaka 15 atari mu kanya gato nk’uko yavyagirijwe.

Yemeye ko afise amatongo yose hamwe 20 yubatse canke ndimwa, nazo imodoka zirenga 40 yemera ko afise avuga ko harimwo n’imashini zo kurima.

Desire Uwamahoro yari yaciriwe umunyororo w’imyaka 15. Nawe nyene yasavye kwambikwa izera akarekurwa ku vyaha vyo kumena amabanga no mu gufasha kugerageza gutembagaza inzego. Ico umushikirizamanza yavuze ko bimwe mu kikigaragaza ari amafaranga yahawe na Bunyoni yo kubikora.

Iyo ntwazangabo mu giporisi ntihakana ayo mafaranga ariko amwe avuga ko yayamuhaye ''nk’umuvyeyi'' ayandi yayamuguranye arungika umwana kwiga mu mahanga.

Samuel Destino Bapfumukeko yakora mw’iperereza nawe ahakana icaha co kumena amabanga mu kuburira Bunyoni ko ariko araronderwa. Abihakana avuga ko yabiremantanirijwe na General de Brigade Emmanuel Ndayiziga batacana uwaka ku kazi.

Ico gihe kandi ngo yari mu karuhuko. Ni nako agirako ahakana ica kabiri co gufatanya mu kugerageza gutembagaza inzego kuko ngo ataho yahurira na Bunyoni.

Umuhinga mu bwubatsi wa Bunyoni Come Niyonsaba nawe nyene yari yaciriwe imyaka 15 yagirizwa gufatanya na Bunyoni kugerageza gutembagaza inzego mu kumwunguruza no kumushira ivya nkenerwa bimwe bimwe. We avuga ko ata caha carimwo kuko yari asanzwe ari sebuja. Nawe nyene yasavye kwambikwa izera akarekurwa.

Nta vyabona vyumvirijwe

Icagaragaye muri urwo rubanza n’uko ata vyabona canke amasura yahamagajwe ngo yumvirizwe.

Abaregwa bari badondaguye amazina atari make y'abo bifuza ko boshika imbere ya sentare ariko ntiyashimye kubahamagaza.

Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero.

Umukuru w’intahe akaba n'umukuru wa sentare ntahinyuzwa Emmanuel Gateretse yavuze ko uruzocibwa ruzomenyekana mu kiringo kitarenze ukwezi.

Urwo rubanza rwatanguye rurimwo abantu indwi. Bane bonyene nibo bunguruje. Abandi batatu baciriwe imyaka itatu itatu yo gupfungwa ntibashimye kwunguruza.

Alain Guillaume Bunyoni yafashwe mu kwezi kwa kane mu 2023 amaze amezi arenga atandatu akuwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere yari yatanguranye n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu 2020 akamukura mu kwezi kw’icenda mu 2022.

Uwo mujenerari w’ipete rya mbere rinini mu giporisi c’Uburundi yari amaze imyaka irenga 17 yama ari mu bibanza bikomeye vy’inzego z’igihugu kuva umuhari CNDD FDD yagwaniye ushitse ku butegetsi mu 2005.