Kubera iki abakardinali bahisemwo Papa Léon XIV aho gutora Umunyafrika?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Lebo Diseko
- Igikorwa, Umunyamakuru yegeranya amakuru ajanye n'amadini
Igihe isi yose yari irindiriye kubona uwuzotorwa nk'umurongozi mushasha wa Ekleziya Katorika, hari ikibazo abatari bake bari bahanze amaso Vatikano batahengeshanya kwibaza: Papa mushasha azova he?
Baguma bibaza cane cane nimba yari kuva mu karere Ekleziya Katorika iriko irakura ku muvuduko munini-Afrika.
Muri kahise, harabaye abapapa nibura batatu bava kuri uno mugabane, ariko uwuheruka - Papa Gelasius I/ Gélase I (wa mbere), haciye imyaka irenga 1500 apfuye, bamwe bakaba babona ko hari hageze ko uronka uwundi.
Papa Francis yaripfuza ko uburongozi bwa Ekleziya bujana n'ukuntu Ekleziya ihagaze kw'isi, mbere 18 mu bakardinali 108 yagenye ni Abanyafrika.
Batatu muri bo bari bafise igihagararo co gushobora kwitoza kuba Papa - Fridolin Ambongo Besungu wo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Robert Sarah wo muri Guinée, na Peter Turkson wo muri Ghana. Kardinali Turkson yatanguye kubonwa ko yari gushobora kwitoza nka Papa mu 2013 igihe Papa Fransisko yatowa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe Umunyamerika Robert Francis Prevost yatorwa, agafata izina rya Papa Leo XIV, Abakatorika kw'isi yose baruzuye umunezero, ariko hari abibajije nimba Afrika itoba yirengagijwe.
Inama y'abakardinali batora Papa iba mw'ibanga, rero ntibishoboka kumenya neza ivyo bavuganye. Ariko ikintu gishoboka ni uko ku muzirikanye w'abakardinali 133 batoye harimwo ikibazo nyamukuru, nk'uko bivugwa na Patiri Lawrence Njoroge, umwanditsi w'umukatorika akaba n'umwigisha muri kaminuza ya Jomo Kenyatta muri Kenya.
"Dutore Papa kugira ngo abandanye n'umugambi wa Papa Fransisko, canke turonke uwundi azofata inzira itandukanye? Niyumvira ko iki batagihurijeko".
Papa Fransisko ni umuntu yazanye impinduka – nubwo atahinduye inyigisho za Ekleziya, yaroroheje ibintu bimwe bimwe nko ku kijanye n'uko abahukanye bosangira, akaba yahaye abasenyeri uburenganzira bwo gufata iyi ngingo mu turere bajejwe.
Patiri Njoroge avuga ko nubwo "hari abakardinali b'Abanyafrika bari bafise ububasha bwo kwitoza, bisa n'uko ikibazo nyamukuru cabaye ico gukomeza iragi rya Papa Fransisko".
Birashoboka ko hari ibindi bibazo vyahabaye. Papa ategerezwa kurongora Ekleziya kw'isi yose, agafata mu minwe ibibazo vya buri mugabane kw'isi yose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Afrika iracagerageza kwigobotora mu vyara vy'iragi ry'ubukoloni, nk' uko bivugwa na Patiri Joseph Nyamunga, umuyobozi w'inyigisho katorika ku kigo Institute of St Anne i Nairobi. Avuga ko ari "umugabane wakomerekejwe".
"Uturere twose turangwamwo intambara, muri Congo, muri Sudani.
"Hakenewe umuntu atuje kandi ahagaze neza mu kurongora Ekleziya nini. Nka Papa, nta kindi kintu gikwiye kugusamaza mu mabanga yawe".
Patiri Nyamunga avuga ko Ekleziya Katorika muri Afrika ikeneye kwibanda ku kurondera akaranga kayo, kugira ngo ishobore gukorera neza abantu basanzwe.
"Ikibazo coba, Afrika ikeneye iki ubu? Ni ukwimikwa nka Papa canke gusubira mu mizi yacu kugira tumenye ibitera ububabare abantu bacu?"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni vyo, Afrika atari wo mugabane wonyene urangwamwo intambara, aho intambara zibandanya mu Buseruko bwo Hagati no ku mugabane wa Bulaya. Papa mushasha agiye kurongora Ekleziya mw'isi ihanganye n'ingorane zitagira uko zingana, ahangana n'ibibazo bikomeye, kuva ku kwiyongera kw'intwaro z'agahotoro gushika ku bibazo bijanye n'ubutunzi.
Azobwirizwa kuba ashoboye kwitaho ibibazo vy'abemera bo mu Bumanuko bw'Isi, aho Ekleziya Katorika iriko irakura. Ariko kandi azotegerezwa kuba umurongozi azotera intege no gufasha gukomeza Ekleziya i Bulaya – akarere Vatikano ivuga ko gafise intege nke.
Nk'uko Patiri Njoroge abivuga, abakardinali batoye bari bakeneye kurondera "umurongozi ashobora guhagararira neza Ekleziya yagenewe bose, atakuraba amamuko canke ubwoko".
Papa Leo XIV aboneka nk'umuntu yumviriza, ashoboye gukora ku buryo imice yose ya Ekleziya itabona ibintu kumwe yiyumva ko yumvirijwe.
Ariko kumbure ikiruta vyose, arafise kahise mu Buraruko no mu Bumanuko bw'Isi.
Patiri Njoroge avuga ko nubwo yavukiye muri Amerika, Papa Leo XIV yamaze imyaka myinshi arangurira ubutumwa muri Peru.
"Yaragendeye ibihugu vyose 50 birangurirwamwo ibikorwa vy'umuryango w'aba-Augustino. Muri Kigarama umwaka uheze wa 2024 yari i Nairobi muri Kenya kandi yaratanguje amaparuwasi n'imigambi mu bihugu hafi vyose umuryango wiwe ukoreramwo".
Nubwo atari Umunyafrika, kumbure Papa Leo XIV yabonetse ko ashoboye kwitaho ibibazo vy'abemera muri Afrika.













