'Twariboneye abapolisi barasa incuti zacu' - Umunyagihugu wa Tanzania

Umunyagihugu wa Tanzania aba mu gisagara ca Dar es Salaam yavuze amahano umuryango wiwe waciyemwo mu gihe c'imyiyerekano yaranze amatora aheruka mu ndwi iheze, aho asigura ingene babuze abantu babo, ubwoba n'agahahazo k'abapolisi.
Uno munyagihugu tutavuga izina ku mvo z'umutekano wiwe, avuga ko umuryango wiwe uri mu gahinda, inyuma y'uko bavyarawe "babiri barashwe bari ku muhana iwabo, barakomereka biteye ubwoba, ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vya Muhimbili".
Aravuga uwundi muvukanyi yari kw'ipikipiki atera aja i Arusha na we nyene yahuye n'aya mahano, wewe akaba yahavuye acikana azize ibikomere.
Uwundi na we ava muri uwo muryango nyene aba ahitwa Mabibo mu gisagara ca Dar es Salaam yavuye muhira agiye kugura imfungurwa, nk'uko abivuga, araraswa aca apfira aho nyene.
Ati: "Ntitwashoboye gutora ikiziga kubera caciye gitwarwa n'imodoka ya reta. Ntituratora ikiziga ciwe gushika ubu, ntituzi iyo kiri".
Hampande y'aba bo mu muryango wiwe, uno munyagihugu avuga ko yiboneye abandi batari bake bishwe n'inzego z'umutekano.
Ati: "Jewe nariboneye abicwa i Mikwajuni, abantu barapfuye abababa cumi, naranafashe n'amavidewo, hari isaha icumi z'umuhingamo, nta myiyerekano yariko iraba, bari abapolisi barasa mu rudavagi.
"Twarabonye ko bari abapolisi, twarabiboneye".
Uno munyagihugu avuga ko hakiri ubwoba bwinshi baterwa n'igipolisi, kinababuza no gutanga amakuru n'aho boba bari mu bitaro.
Ati: "Bemereye umuntu umwe gusa wo mu muryango kwinjira, n'uyo muntu na we nyene yinjiye yabujijwe gukoresha terefone yiwe. Abajejwe umutekano bari mu bitaro baramugabishije, bamutegeka kurwaza umuntu wiwe, ni yaheza atahe.
"Ariko ivyo kwakira amaterefone, uvuga ibiriko biraba mu bitaro….ngo hazanywe abantu bangana uku canke kuriya…kirazira kuvuga amakuru nk'aya".
BBC irabandanya igerageza kurondera inzego z'igipolisi kugira zigire ico zishikiriza kuri ibi birego kuko gushika ubu ntaco zirashikiriza.
Gusa buca haba amatora, umuvugizi w'igipolisi ca Tanzania yari yaburiye abategura imyiyerekano ko uwari guhirahira agahonyanga "itegeko ryo ku wa 29 Gitugutu ntaze yidoge".
Amatora yo ku wa 29 Gitugutu (10) yaranzwe n'intureka, aho abanywanyi b'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi bihaye amabarabara, igipolisi naco gica kibiraramwo, ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) hamwe n'abatavuga rumwe bavuga ko cakoresheje inguvu zirenze n'ubundi bugome.
Iri shirahamwe rivuga ko umwe mu babibonye yaribwiye ko ku wa 30 Gitugutu biboneye umubanyi atari mu myiyerekano yarasiwe hanze y'umuhana wiwe n'umugabo yari yambaye impuzu zisanzwe aca arapfa
Rivuga ko imiryango myinshi mu gihugu cose ibandanya irondera abayo, mu gihe abandi bagihamba ababo bapfiriye muri izi ntureka zamaze imisi itatu.
HRW ivuga ko igipolisi carungitse ubutumwa mu kivunga bugabisha abanyagihugu ba Tanzania kudahanahana amafoto n'amavidewo ateye ubwoba y'intureka zabaye, kikavuga ko bishobora kubaviramwo ugupfunga.
Abaharanira uburenganzira bwa muntu n'abatavuga rumwe bavugako izi ntureka zapfiriyemwo abaharurwa mu majana, ariko BBC ntiyashoboye kubihinyuza.
Ntivyari vyoroshe kumenya ivyariko birabera mu gihugu mu gihe reta yari yugaye urubuga rwa internet mu gihe c'izi ntureka, rukaba rwagiye gusubira kwugururwa amasaha makeya inyuma y'uko Perezida Samia ahejeje kurahira.
Ikigandaro c'imisi indwi - CHADEMA

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, umugambwe CHADEMA (Chama cha Demokrasia na Maendeleo) utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi watangaje ikigandaro c'imisi indwi mu gihugu cose kuva kuri uno wa 5 Munyonyo (11), mu ntumbero yo kwibuka abaguye muri izi ntureka.
Brenda Rupia arongoye igisata kijejwe kumenyesha amakuru n'inyigisho ndangamutima muri uwo mugambwe agira ati: "Twafashe iyi ngingo kubera ibintu bibabaje vyabaye, bigatuma abantu bapfa, abandi barakomereka, abandi bakaburirwa irengero".
Muri ubwo butumwa yacishije ku rubuga rwa Instagram, umupfasoni Brenda Rupia avuga ko iyi ngingo yafashwe mu nzira yo kwerekana icubahiro bafitiye abatakarije ubuzima muri iyo myiyerekano yabaye muri Tanzania kuva ku musi w'amatora yabaye ku wa 29 Gitugutu.
Avuga kandi ko amabendera yose ya CHADEMA azoduzwa gushika hagati kuva isaha cumi na zibiri z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri z'umugoroba.
Reta ya Perezida Samia Suluhu Hassan aherutse kurahirira ikiringo ciwe kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ntirashira ahabona igitigiri c'abapfiriye muri iyi myiyerekano yadutsemwo intureka.
Bamwe mu bakora mu biro vy'ubuserukizi bavuga ko abapfuye bagera kuri 500, naho CHADEMA ivuga ko ibitigiri bishobora kuba barenga ibi.
Umukuru w'umugambwe CHADEMA, Tundu Lissu, aracari mw'ibohero kuva muri Ndamukiza (4) uno mwaka, ku birego vyo guhemukira igihugu.
Imbere yo gufatwa, yasavye abanywanyi b'umugambwe wiwe kutitaba amatora yo ku wa 29 Gitugutu gushika habaye impinduka mu mategeko agenga amatora.
Mw'ijambo yashikirije igihe yarahira, Perezida Samia yagabishije abo yita "abateza intureka", akavuga ko bamwe mu bafashwe bagiriza guteza imigumuko mu gihugu harimwo abavuye hanze, nubwo atadomye urutoke igihugu canke ibihugu bavamwo.









