India mu kigandaro: 141 baguye mw'isenyuka ry'ikiraro

Ibikorwa vyo gutabara ku ruzi Machchhu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibikorwa vyo gutabara birabandanya

Nibura abantu 141 barapfuye inyuma y’aho ikiraro gisenyukiye ku wa mungu mu ntara ya Gujarat mu burengero bw’Ubuhindi.

Ibizwi gushika ubu:

  • Abantu amajana bari kuri ico kiraro co mu kirere (kiba gifashwe n’imigozi nayo iboheye ku minara) igihe casenyukira mu ruzi Machchu.
  • Abahaguye barimwo cane cane abana, abagore n’abageze mu za bukuru, nk’uko bivugwa n’abategetsi.
  • Ibikorwa vyo gutabara n’ubu biracabandanya.
  • Abarenga 170 baramaze gutabarwa
  • Reta ya Gujarat yatanguje amatohoza kuri ako kaga.
Machchhu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu barundanye ku nkombe z'uruzi mu gihe hakomeje ibikorwa vyo gutabara

Ico kiraro co ku ruzi Machchhu cari kimaze imyaka irenga ijana. Mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, carugawe kugira gisubirwemwo” nk’uko Sandeep Jhala, umukuru w’igisagara ca Morbi yabibwiye abamenyeshamakuru.

Avuga ko abantu bari basubiye kurekurirwa kugicako ku wa 26 Gitugutu (ukwezi kw'icumi).

Ariko ntihari bwatangwe urupapuro rwemeza ubuziranenge.

Machchhu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abategetsi bavuga ko ico kiraro cariko abantu benshi igihe casenyuka

Amakuru avuga ko abantu benshi bari kuri ico kiraro igihe casenyuka ku wa mungu.

Ni ikiraro gisanzwe kigenderwa cane na ba mukerarugendo. Mu mpera z'iyi ndwi ho bari benshi gusumba kuko cari igihe c'iminsi mikuru y'aba Hindu ya Diwali na Chhath Puja.

Hari abashoboye kwoga barashika ku nkombe.

Abantu nibura 177 nibo bashoboye gutabarwa, nk'uko abategetsi bavuga, bakongerako ko vyari bigoye gutabara mw'ijoro kubera hatabona neza.

Igisirikare c'Ubuhindi, indege za gisirikare, igisirikare co mu mazi hamwe n'ingabo zicungera inkengera bariko barafasha mu kurondera no gutabara abataratorwa irengero.

'Igitangaza c'ubwubatsi'

Ikiraro ca Morbi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urubuga rwa internet rwa reta ya Gujarat ruvuga ko ico kiraro cari cubatswe ngo gihe Morbi "akaranga kihariye"

Urubuga rwa internet rwa reta ya Gujarat ruvuga ko ico kiraro ca Morbi cari "agatangaza k'ubuhinga... kerekana ivyiyumviro vy'iterambere n'ubuhinga vy'abategetsi" muri ako karere.

Ico kiraro ca 1,25m z'ubwaguke hejuru y'uruzi Machchu, cafatanya ikirimba (palace) n'ishure ry'ubuhinga, cari cubatswe ngo gihe "Morbi akaranga kihariye hakoreshejwe ubuhinga bwari bugezweho ico gihe", nk'uko urwo rubuga rwandika.

Morbi ni igisagara kirimwo ibikorwa vyinshi vy'inganda z'ububumvyi bwa ceramic n'amasaha manini manini (horloge/clock) - hari inganda zishika 390 za ceramic na 150 z'amasaha yo kumanika ku mpome, nk'uko bivugwa na reta.

Ariko si ubwa mbere Morbi ishegeshwa n'akaga. Mu 1979, urugomero rwaraturitse muri ako karere, mu 2000 naho haba nyamugigima ikomeye cane muri Gujarat, hapfa abantu bashika 20.000.