Lamine Yamal agiye gukorwako amatohoza ku kibazo co gukoresha abafise ubutandara mu birori vyiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alex Brotherton
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC Sport
Umushikiranganji wa Espagne ajejwe imibano yasavye ibiro vy'umushikirizamanza mukuru w'igihugu gukora amatohoza ku mukinyi Lamine Yamal wa Barcelona inyuma y'amakuru avuga ko yakoresheje abafise ubumuga bw'ubutandara (ubugufi burenze urugero) mu birori vyiwe vy'isabukuru yiwe y'imyaka 18.
Lamine Yamal yateguye ikirori ku wa Mungu mu nyubakwa yakodesheje ahitwa Olivella, agasagara gato kari ku birometero 50 mu buraruko bushira uburengero bw'igisagara ca Barcelona, mu batumire biwe hakaba harimwo abakoresha urubuga rwa YouTube, abantu basanzwe bakurikirwa cane, hamwe n'abatari bake mu bo basanzwe bakinana muri Barcelona.
Bivugwa ko Lamine Yamal yakose umurwi w'abanyatugenegene bafise ubumuga bw'ubutandara, ikintu ishirahamwe ry'abafise ubutandara rizwi nka 'Association des personnes atteintes d'achondroplasie et d'autres dysplasies squelettiques/Association of People with Achondroplasia and other Skeletal Dysplasias' muri Espagne (ADEE) rivuga ko "kidashobora kwihanganirwa mu kinjana ca 21".
Babajijwe na BBC Sport, igisata ca BBC gitangaza amakuru y'inkino, abarongoye igisata c'ubushikiranganji bw'imibano kijejwe abagendana ubumuga – bagize bati: "ADEE yuguruje uburanza.
"Rero, ibiro vy'iki gisata kijejwe abagendana ubumuga vyasavye ibiro vy'umushikirizamanza mukuru gukora amatohoza kugira ngo bimenyekane nimba amategeko hamwe kandi, kuri ivyo, n'uburenganzira bw'abagendana ubumuga vyarahonyanzwe".
ADEE ivuga ko "yiyamiriza ku mugaragaro ikodeshwa ry'abafise ubumuga bw'ubutandara mu bikorwa vyo kwinezereza", ikavuga ko itegerezwa gufata ingingo zijanye n'amategeko kubera "bitsimbataza ivyiyumviro bitari vyo, bigatera ivangura, kandi bigatosekaza isura n'uburenganzira" bw'abantu bagendana ubumuga.
Mw'itangazo, ivuga iti: "Hampande y'amategeko, ibintu nk'ibi bihonyanga kandi indangagaciro shingiro z'igihugu kirondera kurwanya ubusumbasumbane no gushira imbere ukwubahiriza buri muntu.
"Itegeko ryerekeye uburenganzira bw'abagendana ubumuga rirabuza cane ibikorwa bikurikira: 'Ibiteramo canke ibikorwa vyo kwinezereza aho abantu bafise ubumuga canke ibindi bibazo bokoreshwa mu bikorwa vyobateza agasuzuguro, ugutwengwa, cane agashinyaguro mu bantu ku buryo bibatesha icubahiro bahabwa n'iteka ryo kuba kiremwamuntu, birabujijwe.
Hagati aho, iradiyo RAC1 yo muri Espagne yatangaje ikiganiro ivuga ko yagiranye n'umuntu avuga ko yari umwe mu berekanye utugenegene muri ivyo birori ashigikira Lamine Yamal.
"Nta n'umwe yadusuzuguye, twakoze mu mahoro", bivugwa n'uno munyatugenegene yasavye ko izina ryiwe ritoja ahabona.
"Sintahura igituma babigize birebire. Turi abantu nk'abandi, dukora ivyo dushatse, kandi mu buryo butegekanijwe n'amategeko.
"Turakora nk'abanyatugenegene. Kubera iki tutobikora? Kubera ubumuga bwacu bw'umubiri?
"Turazi aho tugeza kandi ntituzokwigera tuharenga: ntituri inkende z'ibikinisho.
Uno munyatugenegene avuga ko vyamaze isaha imwe, mu nyuma n'abandi banyatugenegene nabo barinjira.
"Turatamba, tukagabura ibinyobwa, tugakora ibitangaza…hari ibirori vy'ubwoko bwinshi. Wari umunezero kuri bose".
BBC Sport yasavye umuvugizi wa Barcelona kugira ico ashikirije, akaba yavuze ko uno murwi ataco "ushobora kuvuga ku kintu kiraba ubuzima bwite bw'umuntu", ariko akaba yongeyeko ko bashobora kuzogira ico bashikirije mu gihe hazoba habonetse "amakuru nyayo".













