Barcelona yaciwe ihadabu ku nyifato y’ivanguramoko igihe ikina na Paris Saint-Germain

Barcelona iri mu kibanza ca kabiri muri La Liga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Barcelona iri mu kibanza ca kabiri muri La Liga

Barcelona yaciwe ihadabu ku nyifato y’ivanguramoko n’ayandi makosa vyerekanywe n’abafana bayo mu rukino rwayo rwa mbere na Paris Saint-Germain (PSG) mu nkino z’igice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League).

Hampande y’ivanguramoko, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Bulaya (UEFA) ryagirije abafana ba Barcelona ko bacanye imiriro yo kwerekana akari ku mutima (feux d’artifice/fireworks) yononye ibintu ku kibuga ca PSG, Parc des Princes.

Uno murwi wo muri Espagne utegerezwa gutanga ihadabu y’ama-euro 32.000.

Muri urwo rukino rwa mbere, Barça yatsindiye PSG ku kibuga cayo 3-2 ariko ikubitwa bikomeye mu rukino rwo kwishura rwabereye i Camp Nou (ikibuga ca Barça), 4-1, iba ivuye mw’ihiganwa.

Hejuru y’ihadabu, Barcelona yabujijwe kugurisha amatike ku bafana bayo mu rukino rukurikira mw’ihiganwa rya UEFA, nk’igihano ku nyifato yabo y’ivanguramoko, nubwo kibaye kirarindirijwe mu kiringo c’umwaka umwe.

Barcelona itegerezwa kandi kuvugana na Paris St-Germain, yiteze guhura na Borussia Dortmund mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mu misi 30 kugira ngo batorere hamwe umuti ku vyononywe n’abafana ba Barça kuri Parc des Princes.