Abanyafrika muri Liban: 'Twese mu kigo ca kaminuza umutima uri mu mutwe'

    • Umwanditsi, Priyanka Sippy
    • Igikorwa, BBC News

Farai Makamba, umunyeshure w'imyaka 27 aturuka muri Zimbabwe, yakunda kubika ibitabo vyiwe vya kaminuza ku biro vyiwe i muhira i Beirut.

None ubu vyasubiriwe n'igitabo ciwe c'inzira (passport), izindi mpapuro z'urugendo hamwe n'amafaranga abona.

''Naramaze kwitegura hamwe vyoshika ngafata urugendo gihutihuti,'' ni ko avuga.

Makamba, twahinduye izina kugira dukingire umwidondoro wiwe, yagarutse i Beirut muri Nyakanga kugira arangize umwaka wa nyuma wa mater mu gisata c'ubuhinga bw'imashini (genie mecanique).

Uburuhuko bwo mu ci yabumaze iwabo i Harare.

Yagarutse yizeye ko intambara izocureha. Ariko kuva Hamas igavye igitero muri Israel ku wa 7 Gitugutu mu mwaka uheze, ibitero ntibisiba ku rubibe hagati ya Israel n'umuhari ucuditse na Hamas, Hezbollah. Uwo muhari ushigikiwe na Iran ushingiye mu bumanuko bwa Liban.

Indwi iheze yabaye iminsi ya mbere igiyemwo abantu benshi mu ntambara ya Liban mu myaka hafi 20.

Abantu bashika umuriyoni barataye izabo barahunga ingo zabo muri Kiban, nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wa mbere wa Liban, Najib Mikati.

Ubu igisirikare ca Israel yatanguye ibitero vyo ku butaka mu bumanuko bwa Liban bigamije gusambura ibibanza n'ibikoresho vya Hezbollah. Umukuru w'uwo muhari Hassan Nasrallah yishwe mu gitero co mu kirere ku wa gatanu.

Indwi imwe imbere yiyo, abantu 39 barishwe abandi ibihumbi barakomereka igihe utwuma two kuvuganirako (bipeurs na walkie-talkies) twakoreshwa n'abo muri Hezbollah twaturika mu gihugu cose. Hezbollah yegetse ico gitero kuri Israel itigeze icemanga canke ngo igihakane.

Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa, Canada n'Ubuhindi vyose vyaragiriye inama abenegihugu bavyo kuva muri Liban vuba bishoboka.

Abanyeshure baturuka muri Afrika babwiye BBC News ko batagira ico bafata n'ico bareka - ko boguma muri Liban mu gihe Israel ibandanya ibitero canke gusubira mu bihugu vyabo nka Uganda, Zimbabwe na Cameroon.

Kuri Kaminuza ya Amerika y'i Beirut (AUB), aho Makamba yiga, hari abanyeshure hafi 90 baturuka muri Afrika.

Makamba avuga ko ubwoba bwongerekanye cane mu banyeshure na cane cane kuva ama bipeurs (pagers) na walkie-talkies aturitse.

''Ntitumenya abagendana bombe ishobora guturika umwanya uwo ari wo wose mu mifuko yabo,'' ni ko avuga.

''Yoba ari uwugutwaye muri taxi? Yoba ari umushoferi wa Uber ufashe? Yoba ari umuntu ariko aragenda imbere yawe?''

Iminsi ya Makamba yarangwa n'ukuja mw'ishure no kuramutsa abagenzi. Ubu avuga ko ava mu nzu gusa agiye gusuma ivyo akeneye, kandi biraboneka ko icuka ari kibi.

Ubu vuba yaragerageje gusuma ibimumaza kabiri nk'umukate, supageti n'amazi yo mu macupa hamwe vyokena.

Ubu ikigo [ca kaminuza kirugaye], ivyigwa vyinshi na vyo abikurikiranira ku buhinga bwa internet.

''Twese dufise umutima uhagaze. N'ingene tuvugana ubu biratandukanye, '' ni ko avuga.

''Iyo duhejeje icigwa, ubu umwigisha avuga ngo: 'Mugire umunsi mwiza hanyuma ntihagire ico muba.' Natwe tuvuga nk'uko kuko turazi ibiriko biraba mu gihugu.''

''Nta n'umwe atekanye.''

N'amashure ya reta na yo yarugawe kandi ubushikiranganji bw'indero buvuga ko ariko arakoreshwa mu kwakira abantu bahunze ingo zabo kubera ibitero vya Israel mu bumanuko bw'igihugu.

Umugambi urihira abanyeshure b'Abanya-Afrika biga kuri AUB warahaye abanyeshure bava mu makungu guhitamwo gutaha iwabo hanyuma barangize ivyigwa vyabo baciye kuri internet.

Ariko bamwe bavuga ko ivyo bitazoshoboka. .

Sharon Atyang, umunyeshure w'imyaka 27 aturuka muri Uganda, ubu ariko ararangiza master mu vyigwa ry'iterambere ry'imibano kuri AUB.

Avuga ko ikibazo ca internet n'amatara iwabo bituma adashobora guheraheza ivyigwa vyiwe kuri internet.

''Nanje ndi kuri uwo mugambi wo kurihirwa amashure, kandi sinzi ko hamwe notaha bazoheza bakangarukana ibintu bimaze gucureha,'' ni ko avuga.

Adele Pascaline ava muri Cameroun, twamuhinduye izina kugira dukingire umwidondoro wiwe, na we nyene avuga ko kurangiza ivyigwa vyiwe vya radiyo yo kwa muganga asubiye iwabo bimeze nk'ibitoshoboka.

''Sinshobora kurara amazamu yo kwa muganga ndi iwacu, kandi ntegerezwa kuyakora kugira ndonke urupapuro rw'umutsindo,'' ni ko avuga.

Ariko, ibitero bibandanya vyatumye agura itike yo gusubira inyuma.

Uwo mugambi wa Mastercard urihira ivyigwa abanyeshure baturuka muri Afrika baharurwa mu mirongo muri Liban.

Mastercard Foundation ivuga ko ikurikiranira hafi ibiriko biraba kandi ko ikorana na AUB kugira ishigikire abanyeshure.

Umuvugizi wayo yavuze ati: '' AUB ivugana buri gihe n'abanyeshure kandi irabafasha mu bijanye n'amagara no kubaho neza.

''Uburyo bwo gukurikira ivyigwa bwarorohejwe kandi ingingo zikenewe zarafashwe bivanye n'uko ibintu vyifashe kugira ivyigwa bibandanye ku banyeshure bari basanzwe banditswe. Abanyeshure bava mu makungu bifuza gutaha iwabo turabibafasha.''

N'ubwo bigishoboka kuva i Beirut uciye ku kibuga mpuzamakungu c'indege, ama tike aragoye kuronka. Kompanyi nyinshi z'indege nka Emirates, Qatar Airways, Air France na Lufthansa zarahagaritse kuja no kuva muri ico gisagara.

Atyang avuga ko ari mu cumba iwe i Beirut, ashobora kwumva urwamo rw'indege z'intambara za Israel zica hafi mu kirere c''ico gisagara.

''Nari mu cumba dusomeramwo hanyuma aho numviye ikizibira urwamo kirengewe, nca ndiruka. Ariko nta na hamwe nari mfise niruka nja. Nisanze nagiye kwinyegeza mu kazu ka surweumwe,'' ni ko avuga.

Kuguma umutima uri mu mutwe witeze ko hahava haba ikindi gitero bituma ''adatekana - [adashobora] gukora ikintu na kimwe''.

Yavuze ko abanyeshure benshi basavye abigisha babo kubongera umwanya ku bikorwa bari babahaye.

Hagati yo kwiga no kugerageza kwandika igitabo ciwe, Atyang aguma yitaba terefone z'abo iwabo.

''Bansaba gutaha, bambwira ko ubuzima bwanje butegerezwa kuza imbere y'ivyigwa.''

Hari ibihugu vya Afrika bimwe bimwe vyatanguye gutahukana abavyo.

Umunyamabanga mukuru ajejwe ibibazo vy'ababa mu mahanga [diaspora] muri Kenya, Roseline Njogu, yemeje ko abanya-Kenya icenda batashe mu kwezi kw'umunani.

Yasavye abandi banya-Kenya bifuza kuvayo kwiyandikisha mu buserukizi bw'igihugu. Bigereranywa ko hari abanya-Kenya 26.000 bari muri Liban.

Mu kwezi guheze, uwahoze ari umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Ethiopia bujejwe imigenderanire, Nebiyu Tedla, yabwiye BBC ko bariko bakurikiranira hafi ibiriko biraba kandi bariko ''barategura ingene botahana ababo bibaye ngombwa.''

Yavuze ko bigereranywa ko muri Liban hariyo abanya-Ethiopia 150.000, benshi bakaba ari abakozi bo mu nzu.

Ku bakozi bamwe hiyongerako iyindi ngorane kuko bakorera ku mategeko ya Liban azwi nka kafala, bisigura ko bategerezwa kubanza gusaba abakoresha babo kugira bagende.

Ku banyeshure nka Makamba na Atyang, kuva muri Liban bishobora kworoha gutunganywa. Ariko bagumyeyo kuko bifuza kuhava barangije amashure yabo.

Bompi bavuga ko bazofata ingingo mu minsi mike.

Atyang avuga ko bitoroshe na cane cane ku banyafrika.

''Uba uri wenyene, kandi ni we utegerezwa kwigwanako,'' ni ko avuga.