Tchad: Jenerali Mahamat Déby yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu

Wa mutegetsi wa gisirikare ca Tchad, Jenerali Mahamat Déby, yatangajwe ko ari we yatsinze amatora y’umukuru w’ico gihugu, maze aba arashikiriye ubutegetsi mu nzira y’amategeko.

Jenerali Déby yatsinze ku majwi 61.3%, nk’uko bitangazwa n’umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora mu biharuro vy’imfatakibanza watangaje, mu gihe umukeba wiwe, umushikiranganji wa mbere Succes Masra, yaronse 18.53%.

Imbere y’aha, Masra yari yatangaje ko ari we yatsinze ano matora “ku rugero runini”, ariko ko “intsinzi y’abanyagihugu” yibwe.

Jenerali Déby w’imyaka 40, yashizwe ku butegetsi n’igisirikare inyuma y’aho se wiwe, Idriss Déby Itno, yiciwe ku rugamba n’inyeshamba mu kwa kane 2021.

Intsinzi yiwe isigura ko intwaro y’umuryango wa Déby umaze imyaka 34 ku butegetsi izobandanya.

Ivyavuye muri ano matora yabaye ku wa mbere bitangajwe indwi zibiri imbere y’ikiringo cari gitegekanijwe.

Vyitezwe kwemezwa n’inama nkuru ijejwe ibwirizwashingiro.

Imbere gato yo gutangaza ivyavuye muri ano matora, umushikiranganji wa mbere Masra yatangaje ko yatsinze ano matora mu butumwa yashikirije ikibiriraho ku rubuga rwa Facebook, aca ahamagarira abanywanyi biwe n’inzego zijejwe umutekano kurwanya ico avuga ko ari igerageza rya Jenerali Déby ryo "kwiba intsinzi y’abanyagihugu".

Ati: "Akarwi gato k’abantu kibaza ko gashobora guhatira abanyagihugu kwemera ko amatora yatsinzwe na ya ntwaro nyene yari imaze imyaka mirongo itwara Tchad.

"Ku banyagihugu bose ba Tchad batoye impinduka, abantoye, ndababwira nti: Haguruke. Mubikore mu bwitonzi, murangwe n’umutima wo gutsimbataza amahoro".

Tchad ibaye igihugu ca mbere mu bihugu aho ibisirikare biherutse gusenyura intwaro zari zihari muri Afrika y’uburengero no hagati gikoze amatora, mu twigoro two kugarukana intwaro ya gisivire.

Ariko abanegura ano matora bavuga ko ata gihindutse inyuma y’intsinzi ya Jenerali Déby.

Aya matora yo ku wa mbere yabaye mw’ituze muri rusangi, ariko nibura umuntu umwe yarishwe nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga kandi ko habaye utunenge ku musi w’amatora.

Abanyaporitike cumi bari bizeye kwitoza barakuwe mw’ihiganwa n’inama nkuru y’ibwirizwashingiro kubera “utunenge”, ariko bamwe bavuga ko vyabaye ku mvo za poritike.

Uwundi yari akomeye atavuga rumwe n’ubutgetsi, akaba yari muvyara wa Jenerali Déby, Yaya Dillo, yarishwe n’inzego z’umutekano mu kwa kabiri yagirijwe ko yari arongoye igitero ku rwego rw’igihugu rujejwe umutekano ku mugwa mukuru N’Djamena.

Abaharanira uburenganzira bwa muntu bari bateye akamo abanyagihugu kutitaba ano matora.

Abenshi baracari mu buhungiro inyuma yo guhigwa buhongo ku batavuga rumwe n’ubutegetsi bivuye ku myiyerekano yo mu kw’icumi 2022.

Iki gihugu gisanzwe kibeshejweho n’igitoro gishora hanze, kikaba gifise imiriyoni hafi 18 z’abanyagihugu, nticari bwigere kirangwamwo ukubisikanya ku butegetsi mu mahoro kuva ciganzuye ubukoloni bw’Ubufaransa kikaronka intahe y’ukwikukira mu 1960.

Idriss Déby yatembagaje ubutegetsi bwa Hissène Habré mu 1990 aca amara imyaka irenga 30 ku butegetsi gushika yiciwe ku rugamba mu kwa kane 2021 afise imyaka 68.

Mu ntango, Jenerali Déby yavuga ko yari kumara amezi 18 gusa arongoye ikiringo c’imfatakibanza, ariko cahavuye congerezwa. Yari yatangaje kandi ko atari kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.