Bishasha mu ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine: nta gahengwe impande zompi zihana

Abari mu micungararo y’igituro ca gari ya moshi ca Staraya Toropa mu ntara ya Tver bahungishijwe inyuma y’igitero c’indege itarimwo umudereva (drone) muri ako karere, nk’uko vyandikwa n’umuhora wa Telegram uzwi nka Baza.

Nk’uko uno muhora uvyandika, ingendo zitari nke za gari ya moshi yunguruza abantu zahagaritswe, mu gihe izindi, nk’iza Moscou-Pskov hamwe na Saint Petersburg-Smolensk, zafashe izindi nzira kandi zirarindirizwa mu kiringo cababa amasaha abiri.

Imbere y’aha, buramatari w’iyo ntara, Igor Rudenya, yari yatangaje ko amadrone atari make y’igisirikare ca Ukraine yakorowe mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Tver.

Hagati aho, amakuru avuga ko hari igiturika gikomeye cabereye ku bubiko bw’ibirwanisho ku kigo ca gisirikare gikoresha vya muzinga kiri mu kigwati ca Oktyabrsky mu ntara ya Tver. Iki kigo kiri ku birometero 16 mu bumanuko bw’igisagara ca Toropets, aho haciye imisi ubundi bubiko bunini bw’ibirwanisho buturiwe, kikaba kandi kiri ku birometero 8.5 uvuye ku gituro ca gari ya moshi ca Staraya Toropa.

Amashusho atashoboye guhinyuzwa yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana igiturika gikomeye n’urubeya runini.

Ni mu gihe ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko amadrone 101 ya Ukraine yarasiwe mu ntara zitari nke z’Uburusiya mw’ijoro ryakeye.

Muri ano madrone, 53 yarasiwe hejuru y’ikirere ca Bryansk, 18 arasirwa hejuru ya Krasnodar, 16 nayo akaba yarasiwe mu kirere c’ikiyaga ca Azov.

Ayandi madrone atari make yarasiwe hejuru y’intara za Kaluga, Tver, Belgorod, Smolensk na Kursk, hamwe no mu kirere ca Crimée/Crimea, nk’uko bibandanya bivugwa n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.

Ku ruhande rwiwe, buramatari wa Kuban na we, Veniamin Kondratyev, yatangaje ko akarere ka Tikhoretsky katewe mw’ijoro ryakeye.

Itangazo yasohoye rigira riti: “Amadrone abiri yasambuwe n’ingabo zikoresha ubuhinga bwo gutuza ibitero vyo mu kirere n’ubwa elektroniki. Ibisigarira vy’imwe muri yo vyateje umuriro waciye urandaranda mu bintu biturika. Haciye hatangura kwumvikana ibiturika”.

Ababibonye bavuga ko ibiturika vyumvikanye mu karere karimwo ububiko bw’ibikoresho vya gisirikare. Amashusho ya mbere yatanguye kuboneka ku mbuga hwaniro.

Kondratyev yandika ati: "Ku mvo z’umutekano, abanyagihugu baba mu kigwati cegereye aka karere kabereyemwo iki gitero bariko barimurwa vy’agateganyo. I Tikhoretsk hashinzwe icumbi ry’agateganyo. Abajejwe kuzimya imiriro n’abakozi b’ibisata bidasanzwe bariko bahashitse”.

Ku rundi ruhande, abantu batatu baraye bishwe abandi batatu nyene barakomereka, amazu atuwemwo abantu arononekara mu gitero Uburusiya bwakoze mu karere ka Krivoy Rog, nk’uko bitangazwa n’umukuru w’igisirikare c’intara ya Dnepropetrovsk muri Ukraine, Sergei Lysak.

Igisata c’igihugu kijejwe ubutabazi cerekanye ingaruka z’iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye n’abajejwe ubutabazi bariko barakora.

Eka n’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Kharkiv yasohoye videwo yafashwe na kamera (camera) y’imodoka, yerekana kimwe mu bitero vyakozwe mu karere ka Shevchenkivskyi muri iyo ntara.

Umukuru w’ibiro vy’umushikirizamanza, Alexander Filchakov, avuga ko amabombe atatu yarashwe n’indege y’intambara yo mu bwoko bwa Su-34 yavuye mu ntara ya Belgorod.

Ibi biro bivuga ko abantu bashika umunani ari bo bakozweko n’iki gisasu avuga ko caguye hafi y’icumba cakira abavyeyi bagiye kwibaruka ku bitaro vy’akarere ka Shevchenkivskyi.

Umukuru w’igisagara ca Kharkiv na we, Igor Terekhov, avuga ko iki gisagara catewe n’ibibombe bitatu vyakomerekeje abantu bane, harimwo n’umwana. Buramatari w’intara na we, Oleg Sinegubov, avuga ko kimwe muri ibi bibombe caguye mw’ibarabara ryo hagati mu gisagara ca Kharkiv neza na neza, maze conona amazu.

Abarongoye igisirikare c’Uburusiya ntaco baravuga kuri ibi bivugwa n’abategetsi ba Ukraine kuri iki gitero.