RSF iragirizwa kwica abarenga 1500 mu ntara ya al Jazirah muri Sudani

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu muri Sudani uvuga ko mu ndwi iheze, umugwi witwara gisirikare wa Rapid Support Forces (RSF) wishe abasivire barenga igihumbi n’amajana atanu mu karere ka al Jazirah gusa.

Uwo mugwi waragize ibitero vyikurikiranya inyuma y’aho umusirikare wo mu rwego rwo hejuru wa RSF aturuka muri ako karere, aviriye muri uwo mugwi aja mu gisirikare ca reta.

Kuva mu kwezi kwa Ndamukiza(4), RSF iriko iragwana n’igisirikare ca Sudani kugira yigarurire ico gihugu.

Iyo ntambara yatumye kamwe mu kaga gakomeye kw’isi, abantu barenga imiriyoni 11 bataye izabo.

Umuhari Gezira Congress uharanira agateka ka zina muntu uvuga ko ibigwati amajana n’amajana bisigaye bigaragara kuva RSF wifatiye ako karere haraheze umwaka.

Uramaze guharura abantu bafashwe ku nguvu barenga ijana na mirongo itanu.

Uko gusubira kwiyongera kw’imigwano gufise ingaruka nyinshi cane.

Onu ivuga ko abantu barenga ibihumbi amajana atatuna mirongo ine bo mu karere ka Al Jazirah bateshejwe izabo mu kwezi guheze.

Imiryango iriko irahunga n’ubwoba bwinshi igenda iratana. Hakaba hanavugwa ubwicanyi bw’ihonyabwoko bukorwa na RSF.

Umuhari Gezira Congress ukaba uvuga ko bikenewe vyihuta ko amakungu yofasha gucira inzira abasivire bariko barahunga.

Abashigikiye impande zishamiranye bagwanira kugira igihagararo mu karere

Mu mpera z'ukwezi kwa Myandagaro(8) ibiganiro vy'amahoro vyabera i Geneve vyarangiye ata ntambwe igaragara itewe. Ivyo biganiro vyari vyatunganijwe na Suisse, Amerika na Arabia Saudite.

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze Ubumwe za Amerika Tom Perriello yari yateguye ivyo biganiro afise icizere kinini. Yashaka ko abo bajenerari babiri bahanganye bahura amaso ku yandi, hanyuma bashire umukono ku masezerano yo guhagarika intambara.

Ariko SAF irongowe na Gen al-Burhan yaranse kuvyitaba eka mbere nta n'ukurungika intumwa.

Yavuze ko RSF itegerezwa kubanza kuvana ingabo zayo mu micungararo y'abasivire - bave mu turere bigaruriye - nk'ibisabwa ubwa mbere kugira ibiganiro bibone gutangura.

Ivyo Perriello yari yizeye si ko vyabaye, biba ngombwa ko aganira n'abahari ahandi agahamagara kuri terefone - harimwo n'umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken - yizeye kugurura amabarabara kugira amabarabara ahite.

Ariko abo baserukiye ibihugu vyabo barazi neza ko ata ntambwe bizotera gushika abashigikiye izo mpande zibiri - ku ruhande rwa RSF ni Reta zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE), SAF na yo ni Arabia Saudite na Misri - bumvikanye.

Gushika ubu, ukutumvikana hagati ya Arabia Saudite na UAE ku wotwara ako karere kuradindije utwigoro two kugarukana amahoro.

N'aho ivyo bihugu bibihakana, ivyemeza vyerekana ko UAE iha RSF amahera n'inkoho, mu gihe Arabia Saudite na yo ifasha SAF.