Chad yishe abarwanyi ba Boko Haram

Boko Haram kandi zigabwako ibitero n'ingabo za Nigeria

Ahavuye isanamu, Nigerian Army

Insiguro y'isanamu, Boko Haram kandi zigabwako ibitero n'ingabo za Nigeria

Nta ruhande ataho rwegamiye ruremeza amakuru y'izo ntambara zibera mu mazinga y'ikiyaga Chad no mu micungararo yaho.

Boko Haram yatanguriye muburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, ariko ubu uwo murwi usigaye uvurwa mu bihugu bitandukanye vyo mu karere.

Ejo kuwa kane, inama nshingamteka ya Chad yemeje kongera kugarura igihano c'urupfu ku vyaha vy'iterabwoba, igihano cari caraciwe haraheze amezi atandatu.