US: Umugore yariko yirenganira yishe umugabo yariko arasa abari mu birori muri Virginia

Inkoho zo mu bwoko bwa AR-15 ziri kw'isoko muri Virginia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Izi ni inkoho zo mu bwoko bwa AR-15 ziri kw'isoko muri Virginia

Umugore wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yariko yirenganira yarashe yica umugabo yariko ararasa umurwi w'abantu bari mu birori i Charleston muri Virginia y'uburengero.

Dennis Butler, umugabo w'imyaka 37 kandi azwi mu bukozi bw'ikibi, yarashwe igihe yariko arasa umurwi w'abantu 40 bari bibereye mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru w'amavuko.

Umuvugizi w'igipolisi Tony Hazelett yavuze ko ububangutsi bw'uyu mugore bwarokoye ubuzima bw'abantu benshi kandi anaburizamwo uyu mugabo yariko arasa abantu mu kivunga.

Ibi bibaye mu gihe ik igihugu kiri mu mpari ku bijanye no gutunga inkoho inyuma y'igitero c'umusore yitwaje inkoho kw'ishure ryo muri Texas.

Butler yariko agendesha imodoka ku wa gatatu mu mugoroba igihe asabwa kugabanya umurindi kubera abana bariko barakina.

Mu nyuma yagiye kugaruka afise inkoho yo mu bwoko bwa AR-15 aca arasa abantu bari mu birori vy'amavuko hampande y'umuhana muri ico gisagara.

Hazelett yabwiye abanyamakuru ko uyo mugore yatabaye atigeze aba mu nzego zijejwe umutekano. Ntiyatanze umwidondoro wiwe.

"Ni umunyagihugu asanzwe yari yitwaje inkoho atunze biciye mu mategeko. Hanyuma hakwiruka ahunga, yahisemwo ahubwo guhangana n'iyo nkozi y'ikibi maze arokora ubuzima bw'abantu".

Uyo mugore yagumye aho ivyo vyabereye, kandi ariko akorana neza n'abajejwe amatohoza.

Igipolisi kivuga ko uyo mugore atavyaha azokwagirizwa.

Kivuga kandi ko Butler yagiye gutorwa ari ikiziga afise n'ibikomere vy'amasasu menshi yarashwe.

Hazelett avuga ko bitaramenyekana neza ingene Butler yaronse ico kirwanisho, yari atunze kandi amategeko atabimurekurira kubera ivyaha vy'ubukozi bw'ikibi vyamwagiriye.

Aka kabi kabaye inyuma y'aho umusore yari afise inkoho arasiye akica abantu 21 kw'ishure ry'intango ryo muri Texas akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa AR-15, inkoho yaguze biciye mu mategeko.

Iki gitero catumye hasubira kuvyuka impari ku burenganzira bw'abantu ku giti cabo bwo gutunga inkoho, busanzwe butangwa n'ibwirizwashingiro rya Amerika.