Umu diplomate wa Russia yatanze imihoho ku co yita 'intambara y'ubujuju' muri Ukraine

Boris Bondarev yashize ahabona itangazo ryiwe rinegura ubutegetsi inyuma yo gutanga imihoho mu kwiyamiriza intambara y'Uburusiya muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Boris Bondarev

Insiguro y'isanamu, Boris Bondarev yashize ahabona itangazo ryiwe rinegura ubutegetsi inyuma yo gutanga imihoho mu kwiyamiriza intambara y'Uburusiya muri Ukraine
    • Umwanditsi, Na Flora Drury
    • Igikorwa, BBC

Umukozi wo mu biro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya yahevye akazi kiwe mu buryo bwo kwiyamiriza ico yita intambara "yo gusesa amaraso, y'ubujuju kandi yatewe na Putin kuri Ukraine".

Boris Bondarev, urubuga rwa LinkedIn rukaba ruvuga ko yakora mu biro vy'ubuserukizi bw'Uburusiya muri ONU i Genève/Geneva, yabwiye BBC ko yari azi y'uko ingingo yiwe yo kugira ico ashikirije ishobora gusigura ko Kremlin ubu imufata nk'igihemu.

Ariko yaryumyeko mu kuvuga ko iyi ntambara ari "amabi akorerwa abanyagihugu ba Ukraine" hamwe "n'abanyagihugu b'Ubrusiya".

Moscou ntaco irashikiriza.

Uburusiya ntibwihanganira uwo wese anegura canke ateye kubiri n'ibishikirizwa na reta ku vyerekeye iyi ntambara, ifatwa gusa ko ari "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare".

Mw'ikete yacishije ku mbuga hwaniro kandi yahaye abakozi bagenziwe mu biro vy'ubuserukizi, Bondarev asigura ko yafashe ingingo yo guhagarika akazi kiwe yari amazemwo imyaka 20 kubera atashobora "kwihanganira aka gasuzuguro ko gusesa amaraso, katagira insiguro kandi kadakenewe".

Yandika ati: "Abateguye iyi ntambara bashaka ikintu kimwe gusa - kwihambirira ku butegetsi imyaka yose".

"Kugira ngo babishikeko, bashaka gutanga ubuzima bw'abantu benshi bashoboka. Ibihumbi n'ibihumbi vy'Abarusiya n'abanya Ukraine baramaze gupfa kubera ibi".

Iri kete ntirisiga inyuma uwahoze ari umukoresha wiwe, mu kwagiriza umushikiranganji ajejwe imigenderanire ko arajwe ishinga cane "n'ibinyoma n'inzigo" gusumba ibikorwa vyiwe nk'uwujejwe imigenderanire.

2px presentational grey line

Umwihwezo wa Steve Rosenberg, ajejwe uruganda rw'amakuru ku Burusiya

Uravye amakete yo gutanga imihoho, iri ni agahomerabunwa.

Uyu mu diplomate Boris Bondarev ntarya umunwa mu kunegura Perezida Putin, umushikiranganji w'imigenderanire Lavrov hamwe n'igitero c'Uburusiya kuri Ukraine.

"Intambara y'ubugome...icaha c'agahomerabunwa...ugukokeza intambara, ibinyoma n'urwanko..."

Ni ibintu bidakunze kuba kwumva amajambo nk'aya ku mutegetsi w'Umurusiya. Muri ano mezi atatu kuva Putin atanguje ico gushika ubu yita "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare" muri Ukraine (ico isi hafi yose yita intambara y'Uburusiya), ni ibimenyetso bike vy'abatishimiye inzego z'Uburusiya.

Vyoba ari ibiterasoni ku bategetsi b'Uburusiya? Nivyo. Barakunze kwerekana ko Abarusiya bose bashigikiye ingingo ya Putin yo gutera Ukraine.

Gusa, umuntu umwe atanze imihoho ntibisigura ko hari abandi bagiye gukurikira. Bondarev yemeza ko ari mu nkehwa. Yemeza ko ubu abakozi hafi bose mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburusiya bashigikiye reta kandi ko bashigikiye 'igikorwa kidasanzwe' ca Kremlin.

line

Avugana na BBC, Bondarev yavuze ko ata "yindi nzira yabona" atari ugutanga imihoho: "Sinibaza ko hari ico izohindura kinini, ariko nibaza ko ari agatafari gato mu ruhome runini cane rushobora kuzokwubakwa. Ni vyo nizeye".

Bondarev yavuze ko mu ntango bagenziwe bakiriye iki gitero "n'umunezero udasanzwe".

Yabwiye BBC ati: "Ubu bafise umunezero muke, kubera turi mu ngorane, ubwa mbere na mbere zishingiye ku butunzi. Ariko simbona ko hari benshi bashobora kwigarura bagahindura imbono yabo".

Ati: "Barashobora guhinduka buke buke, bakagabanya uburakari, ariko ntibumve amahoro".

Ku ruhande rwiwe, Bondarev avuga ko atari bwigere yumva "isoni ku gihugu canje" nk'izo yagize ku wa 24 Ruhuhuma (2), umusi igitero gitangura.

Ntibizwi nimba ari we mu diplomate wa mbere atanze imihoho muri ubwo buserukizi, na rirya ata wundi yari bwigere arisohora.

Bondarev nta nkeka afise ko Moscou igiye kumufata nk'igihemu, ariko akavuga ko ata kintu na kimwe yakoze giteye kubiri n'amategeko.

Ati: "Natanze imihoho gusa nshikiriza n'akari ku mutima. Ariko ni ngombwa ko ngira impungenge ku mutekano wanje".