Marina Ovsyannikova: Wa munyamakuru wa Russia avuga ku masaha 14 yamaze asambishwa

Marina Ovsyannikova

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Marina Ovsyannikova avuga ko yasambishijwe amasaha arenga 14

Umunyamakuru w'umurusiyakazi yatangishijwe ihadabu hanyuma ararekurwa inyuma y'imyiyerekano yakoze yo kwiyamiriza intambara ya Ukraine mu gihe hariko hashikirizwa amakuru ikibiriraho hanyuma agaca asohora ireresi yo kwiyamiriza iyi ntambara.

Marina Ovsyannikova, umukuru w'uruganda rujejwe kwegeranya amakuru ku mboneshakure Channel 1 yegukira reta, yarahagaritswe ku wa mbere inyuma y'aho yiteye mu cumba c'amakuru y'ikibiriraho afise icapa kivuga ngo "Oya intambara".

Avuga ko yasambishijwe amasaha arenga 14 kandi ko yari amaze imisi ibiri ataryama, kandi ko atamwunganirizi yahawe.

Ihadabu y'ama rouble 30.000 (mu mafaranga y'Uburusiya, angana n'amadorari y'abanyamerika 280) yerekeye ubutumwa yacishije muri iyo reresi yasohoye.

Arahakana ivyo yagirizwa vyo gutegura ikoraniro riciye kubiri n'amategeko.

Mw'iyo reresi, ahamagarira abanyagihugu b'Uburusiya kwiyamiriza iyi ntambara, akavuga ko ari bo bonyene bafise ububasha bwo "guhagarika ubu busazi".

Ati: "Ntimutinye, nta na kimwe. Ntibashobora kudupfunga twese".

Ntibitomoretse neza nimba azohava arengutswa ku myiyerekano yakoreye ku mboneshakure ikibiriraho, mu gihe hari ubwoba ko ashobora kwagirizwa icaha gikomeye, mw'itegeko mpanavyaha rishasha ribuza kwita igikorwa ca gisirikare c'Uburusiya muri Ukraine "igitero" canke gukwiragiza "amakuru y'ibinyoma" kuri iyi ntambara.

Inyuma yo gusambishwa na sentare, umupfasoni Ovsyannikova yabwiye abanyamakuru ko akeneye kuruhuka inyuma y'imisi ibiri yari amaze adasinzira.

Ati: "Nasambishijwe amasaha arenga 14, sinari nemerewe kuvugana n'umuryango wanje canke abagenzi banje. Baranyimye n'umwunganirizi".

Ashimangira kandi ko ivyo gukora imyiyerekano ari we wenyene yavyiyumviriye.

Ati: "Ni ingingo yanje yo kwiyamiriza intambara. Nije nafashe ingingo jenyene kuko ntashigikiye iki gitero c'Uburusiya. Ni ukuri vyari ibintu biteye ubwoba".

Abashingwamanza baramaze amasaha atari make batazi iyo umupfasoni Ovsyannikova ari inyuma y'ifatwa ryiwe ku wa mbere ku mugoroba.

Nta muntu yari azi iyo ari gushika hasohotse isanamu yazungurutse ku mbuga hwaniro z'Uburusiya imwerekana ari muri sentare ari kumwe n'umushingwamanza wiwe Anton Gashinsky.

Anton Gashinsky na Marina Ovsyannikova

Ahavuye isanamu, 'VLager' Telegram channel

Insiguro y'isanamu, Marina Ovsyannikova yararengukishijwe muri sentare ku wa kabiri ari kumwe n'umushingwamanza Anton Gashinsky

'Barababesha'

Amasanamu y'umupfasoni Marina ari mu myiyerekano yarakwiragiye ku muvuduko munini kw'isi yose inyuma yo kwinjira mu kiganiro c'amakuru y'ikibiriraho, kizwi nka Vremya, gikurikiranwa cane mu Burusiya, afise icapa canditseko ngo "Oya intambara, hagarika intambara, ntimwemere iyi propagande, hano barababesha".

Yumvikana kandi asubiramwo amajambo ngo "oya intambara, hagarika intambara".

Iki capa caraboneka neza mu kiringo c'amasegonda makeya imbere y'uko iki kiganiro gihagarikwa gushikirizwa ikibiriraho hagaca hajako amakuru yafashwe imbere y'igihe.

Imbere y'uko ibi biba, yari yifashe ireresi avuga ko atewe isoni no gukorera ico yita propagande ya Kremlin.

Ati: "Numva isoni kubona naremeye gushikiriza ibinyoma ku mboneshakure. Numva isoni kubona nararetse Abarusiya bakaba nk'ibishusho. Tuguma twihweza gusa ubu butegetsi butagira ubuntu ataco turi buvuge".

Marina Ovsyannikova

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ovsyannikova yifashe ireresi avuga ko atewe isoni no gushikiriza ibinyoma ku mboneshakure

Umupfasoni Ovsyannikova - avuga ko se wiwe ari umunya-Ukraine - avuga ko isi yose yiyamiriza Uburusiya.

"Ibisekuru cumi biri imbere ntibizoshobora kwikurako ibimaramare vy'iyi ntambara y'abavukanyi".

Bagenziwe kuri Channel 1 bivugwa ko bakubiswe n'inkuba babonye ivyo yakoze.

Umwe muri bo yabwiye ikinyamakuru co ku mbuga ngurukanabumenyi Faridaily - kirongowe n'uwahoze ari umunyamakuru wa BBC Farida Rustamova mu gisata c'ururimi rw'ikirusiya - ko umupfasoni Ovsyannikova, nyina w'abana babiri, atahora avuga ibintu vya poritike, ko ahubwo yakunda kwivugira "kenshi ku bana, imbwa hamwe n'inzu".

Kuva ibintu vyiwe bimenyekanye, Ovsyannikova yaronse ubutumwa bwinshi ku rubuga rwiwe rwa Facebook mu kirusiya no mu congereza, bamushimira ku vyo yakoze.

Eka na Perezida Zelensky wa Ukraine yaramushimiye kubera "yashikirije ukuri aho kuri".

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa avuga ko igihugu ciwe kigiye gutangura utwigoro two kumukingira, ari ku biro vy'ubuserukizi canke mu buhungiro hanze, kandi ko azobivuganako na Perezida Putin basubiye kuvugana.

Ariko umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov avuga ko ivyo yakoze ari "ubugumutsi".

Ni ibintu bitamenyerewe ku bakozi bakora mu binyamakuru bigenzurwa na reta kugira ico bashikirije gitandukanye n'aho Kremlin ihagaze.

Ariko kuva intambara ya Ukraine itanguye abanyamakuru n'imiburiburi batatu bakorera ama televiziyo atatu makuru makuru baramaze gutanga imihoho, ari bo Zhanna Agalakova wa Channel 1, hamwe na Lilia Gildeyeva na Vadim Glusker bakora kuri NTV.