Abateshejwe izabo kw'isi: Africa iza kw'isonga, Ethiopia ikaza ubwa mbere mu 2021

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu imiriyoni zitanu barateshejwe izabo ubu bakaba ari impunzi zo hagati mu gihugu muri Ethiopia, nico gitigiri ca mbere kinini c'abantu nkabo kizwi mu gihugu kimwe, nk'uko biri mu cegeranyo.
Ico cegeranyo gikorwa buri mwaka n'ikigo gikurikirana ibijanye n'abateshejwe izabo bagahungira mu gihugu hagati (Internal Displacement Monitoring Centre, IDMC), kivuga kandi ko Repuburika ya Demokrasi ya Congo, Afghanistan na Myanmar (Birmanie) biri mu bihugu navyo vyagize abantu benshi bateshejwe izabo mu 2021.

Ico cegeranyo gisohotse mu gihe igitigiri ca mbere kinini ca miriyoni 59 z'abantu kw'isi yose baharuwe nk'abateshejwe izabo gushika mu mpera zo mu mwaka uheze kubera intambara zidahera hamwe n'imipfunda mishasha y'intureka.
Bivuze ko habaye ukwiyongera kwa miriyoni zine kw'isi yose ugereranije no mu mwaka uheze, nk'uko ico cegeranyo kibandanya kivuga.
Icegeranyo c'ico kigo cashinzwe n'ishirahamwe rya Norvège ryo gufasha impunzi (Norwegian Refugee Council), cerekana ko umugabane wa Afrika ariwo wa mbere ku bantu benshi bateshejwe izabo.

Mu buraruko bwa Ethiopia, intambara imaze amezi 18 yarateye akaga gakomeye cane, aho abantu baharurwa muri za miriyoni bavanywe mu buzima bwabo bwa minsi yose.
Igitigiri nyaco c'abantu baguye muri iyo ntambara - yavuzwemwo amabi n'amahano amwe amashirahamwe y'agateka ka zina muntu avuga ko ashobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara - gushika ubu ntikizwi neza.
Mu ntara y'amajaruguru cane ya Tigray, aho intambara yatanguriye mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu 2020, abantu baharurwa muri za miriyoni n'ubu baracakeneye cane imfashanyo.
Mu bindi bice vy'igihugu, urugero rutari bwigere rushikwako rw'intureka ishingiye ku moko yatumye abantu ibihumbi n'ibihumbi bahunga ingo zabo.
Ubu ingabo za reta ziri mu gikorwa ca gisirikare co kurwanya umugwi witwaje ibigwanisho wo muri Oromia, intara ya mbere nini muri Ethiopia -wa Oromo Liberation Army (OLA) - hakaba hari impungenge ko gishobora kugwamwo abanyagihugu basanzwe no gutuma akaga karushiriza gukomera.











