Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca misire i Odesa - Ukraine: 'Isi yanje yaranduwe na misire ya Russia'
- Umwanditsi, Na Caroline Davies
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Odesa
Yuriy Glodan yari avuye mu nzu agiye gusuma igihe yumva amakuru y'ikibombe cari gihejeje guturika.
Ageze kw'irembo ry'igorofa yabamwo, yaririye abapolisi ngo bamureke yite muri iyo nzu yariko iraka umucanwa.
Ageze mu nzu yiwe, yasanzemwo ibiziga vy'umugore wiwe na inabukwe (nyina w'umugore wiwe), bishwe na misire y'Uburusiya yaranduye amazu yandi ari hejuru y'iyiwe muri iyo gorofa.
Ikiziga c'uruhinja rwiwe Kira rwari rumaze amezi atatu yagiye kugitora mu nyuma; asubiyeyo ejo ku wa Mungu.
Izi mpfu zose - abantu batatu b'umuryango umwe gusa - zateje uburakari n'umutima mubi muri Ukraine, igihugu kiri mu magorwa y'intambara imaze amezi abiri.
Avuga kuri ibi bitero, Perezida Volodymyr Zelensky yaboneka ko yuzuye ishavu igihe yavuga kuri ubu bwicanyi bwakorewe uru ruhinja Kira.
Mw'ijambo yashikirije nijoro abanya-Ukraine, Zelensky yavuze ati: "None ni gute yari abangamiye Uburusiya? Bisa n'uko kugandagura abana gisigaye ari co civugo c'Uburusiya".
Avuga ko abateguye bagakora ico gitero ari "ibipfamutima".
Hari abandi batanu bapfiriye muri ico gitero ca misire.
Yuriy yari yagiye mu bihomoka vy'iyo gorofa ku wa Mungu kuraba ko hari ivyo yokura mu nzu yiwe.
Album y'amafoto, udusashe tw'isukari tw'umugore wiwe, udutabo yanditsemwo n'iminwe. Yasanze n'igikinisho c'umwana wiwe ari ubunywenywe.
Yabwiye BBC ati: "Ari nka hamwe nosiga ibi bintu mu nzu, bizoca biba umucafu abantu babite. Ndipfuza kubigumana kugira nzogume ndavyibukirako".
We na Valeria bari bamaze imyaka icenda bubakanye.
Ati: "Yari umuntu anezerejwe n'ibintu vyose. Odesa cari co gisagara yakunda. Yakora mu gisata co kumenyesha amakuru kandi yavugana n'abantu benshi, kandi akabatahura. Nakunda ingene yari umwanditsi mwiza"
"Yari umuvyeyi akomeye, incuti y'imico myiza yose. Ntibizoshoboka ko ndonka uwundi ameze nka Valeria. Yari intore. Umuntu nk'uyo umuhabwa rimwe gusa mu buzima kandi ni ingabire y'Imana".
Kira yari yavutse mu mpera z'ukwa mbere, hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo intambara itangure.
Haciye indwi nkeya, Valeria yashize amafoto kuri Instagram yandika ko yari "ku rugero rushasha rw'umunezero" inyuma yo kuronka umwana wiwe w'imfura.
Yanditse ati: "Umukobwa wacu arakwije ukwezi ubu. Ni amayinga 40 meza gusumba ayandi yose".
Yuriy yatweretse amafoto ya Kira muri terefone yari yarungikiwe n'umugore wiwe.
Ati: "Twaruzuye umunezero udasanzwe igihe avuka. Nari mu bitaro vy'abavyeyi bibaruka. Biragoye kuri jewe kwumva ko umukobwa wanje n'umugore waje batakiriho. Isi yanje yose yaranduwe na misire y'Uburusiya".
Ashaka ko isi yose imenya ivyashikiye umuryango wiwe.
"Ibiriko biraba ni amagorwa ku muryango wanje, ku gisagara cacu, kuri Ukraine. Ni amagorwa kw'isi yose. Ndizeye ko ivyatubayeko bizofasha guhagarika iyi ntambara".
Tugiye, yaduhaye imisego y'umwana wiwe yatekeye mu gasaho, kimwe mu bintu bike yashoboye gutora muri iyo nzu.
Ati: "Yitware. Murayihe abagiraneza. Ntayo ngikeneye ubu".
Ibindi ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine:
- Ukraine yiteguye kuganira kuba igihugu kidafite uruhande - Zelensky
- N'umwiheburo, yanditse ibimuranga ku mugongo w'umwana wiwe
- Ibitero byinshi by'Uburusiya byasubijwe inyuma i Donbas – UK
- Ukraine yemerewe ibindi bigwanisho mu gihe Uburusiya busatira ubuseruko
- Uburusiya burimo kurasa ahatandukanye muri Ukraine