Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Ibihugu biyishigikiye vyemeye ibindi bigwanisho mu gihe Uburusiya busatira ubuseruko
Inyuma yo gutangaza ko bugiye gushimikira kuri Ukraine yo mu buseruko, Uburusiya bwongereje umurindi w'ibitero ku bisagara muri ako karere ku wa kabiri.
Harabaye gutana mu mitwe ku rwasiro rw'ibiromerero vyinshi, mu gihe intambara yo kurwanira Donbas yinjiye mu kiringo gihambaye.
Mu gihe ivyo bitero bishasha vyari vyitezwe kuva Uburusiya bunaniwe no gufata umurwa mukuru Kyiv, bishora guba bihambaye cane mu gutanga icerekezo c'iyo intanbara iriko iragana.
Aho ni ukubera ko, hamwe Uburusiya bwofata Donbas, vyoca bifasha prezida Putin kuvuga ko hari ico yashitseko muri iyo ngwano yashoje kuri Ukraine.
Ariko intambara zo ku wa kabiri zerekanye ko ingabo za Ukraine n'ubu zigishoboye kwihagararako, nawe umukuru w'ico gihugu, Volodymyr Zelensky - avuga ku karere k'ubuseruko - yiyemeje kudaheba "agace na kamwe ka Ukraine".
Abashigikiye Ukraine bagiye gukora iki?
Ibitero bishasha vy'Uburusiya mu buseruko vyatumye abashigikiye Ukraine bihuta kugira ico bavuze.
Barahiye ko bagiye kurungikira Ukraine ibisasu vya muzinga, ibiduga bitamenwa n'amasasu hamwe n'ibikoresho vyo kurwanya ibitero vy'indege mu biganiro vy'iminota 90 bakoreye kuri video ku wa kabiri.
Iyo nama yabereye ku buhinga bwa none (ata n'umwe ari kumwe n'uwundi imbona nkubone), yarimwo prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson, hamwe n'abakuru b'Ubufaransa, Ubutaliano, Ubuyapani, Ubudagi, mu bandi.
"Ikironderwa n'ugukomeza igisirikare ca Ukraine ku buryo gishobora gusubiza inyuma igitero c'Uburusiya", nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wa mbere (Chancellier) w'Ubudagi Olaf Scholz
Uretse ibigwanisho, abo bategetsi bemeye no gufatira Uburusiya ibindi bihano.
Ubuzima bw'abana bwahindutse
Mu gihe ibitero vya gisirikare vyarushirije gukomera mu buseruko ku wa kabiri, amakungu nayo akemera kwongereza imfashanyo, biroroshe kutibuka kuraba ingene iyo ngwano yahinduye ubuzima muri Ukraine.
Ariko urunganwe rwose rw'abakiri bato muri ico gihugu ubu rwasezeye kubaho ubuzima busanzwe bw'abana mu gihe iyo ngwano ibandanya gutema itongora.
ONU igereranya ko 2 kuri 3 kuri miriyoni 7.8 z'abana muri Ukraine ubu bateshejwe izabo.
Umunyamakuru wacu Yogita Limaye yavuganye n'umuryango w'umwana umwe - Elisei Ryabukon -yishwe n'abasirikare b'abarusiya.
"Abarusiya baraduhaye uruhusha rwo kuhava. Baranadupepeye bayi (bye) banatwifuriza amahirwe", nk'uko nyina, Inna, yavuze.
"Hanyuma turikiko turajabuka umurima, baca batangura kuturusako mu bice vyose."
Umuryango wari waratatanye wasubiye kuja hamwe
Iyo ngwano ikomeje guhungabanya imiryango y'abari mu bihugu vyo hanze ubu badashobora kuvugana canke kubonana n'abaryango canke abagenzi bari muri Ukraine.
Umunya-Ukraine Peter Chumak yari amaze imyaka 22 aba i Londres, ariko yari yagiye muri Ukraine ku mvo z'umuryango gato imbere y'uko Uburusiya butera.
Amategeko y'ibihe vy'intambara yaciye ashingwa iminota mike gusa imbere y'uko Peter ajabuka urubibe ngo yinjire muri Pologne, gutyo aca ategekwa kuguma muri Ukraine.
Inyuma y'amayinga indwi ari mu gihugu c'amavukiro, yaremerewe gusubira muri UK.
Umuryango w'aba Chumak wari warihebuye ko utazokwigera usubira kuba hamwe i Londres.