Ukraine: Komanda wa marine muri Mariupol aratabaza ko basigaje amasaha make

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umu-komanda w'abasirikare ba Ukraine barwanira mu mazi mu gisagara cugarijwe ca Mariupol yarungitse ubutumwa bwa video bwo gutabaza kuri uyu wa gatatu mu gitondo avuga ko ingabo ziwe zisigaje amasaha make gusa.
Muri iyo video yarungikiwe BBC n'ibindi binyamakuru, Major Serhiy Volyna avuga ko ingabo ziwe zitazomanika amaboko, ariko asaba ko amakungu afasha gutabara abasirikare biwe 500 bakomeretse n'amajana y'abagore n'abana avuga ko binyegeje hamwe na bo mu kigo c'uruganda rw'ivyuma muri ico gisagara.
"Ubu nibwo butumwa turungikiye amakungu. Bushobora kuba ari bwo bwa nyuma burundu. Birashoboka ko dusigaranye iminsi mike canke amasaha" nk'uko Major Serhiy Volyna yavuze.
Yongeyeko ati: ''Dusaba abategetsi b'amakungu kudufasha. Tubasaba kuraba uko batuvana ngaha batujane mu kindi gihugu."
Azovstal, uruganda rw'ivyuma runini cane ruri ku buringanire burenga hegitari 1.000 - niryo vubiro rya nyuma ry'ukwihagararako kw'abanya-Ukraine muri Mariupol.
Major Volyna atwara regiment ya Azov ati: "Ingabo z'umwansi zisumba izacu incuro mirongo, zirakomeye mu kirere, mu bisasu vya muzinga, mu ngabo zo ku butaka, mu bimashini no mu biduga ntamenwa".

Ahavuye isanamu, Serhiy Volyna
Yanse kuvuga igitigiri c'ingabo za Ukraine zigisigaye mu kigo c'urwo ruganda ariko yavuze ko n'ubu bagifise "akanyarigabo ko kurwana". Ariko abakomeretse bamerewe "nabi cane". "Bari mu nzu yo munsi, aho niho bariko baraborera," nk'uko yavuze.
Igisagara ca Mariupol cagumye ari intego y'Uburusiya kuva ingabo zabwo ziteye Ukraine mu kwezi kwa kabiri.
Prezida Volodymyr Zelensky, yabwiye BBC ko yibaza ko abantu bashika 20.000 bashobora kuba barishwe muri Mariupol mu bitero vy'amabombe vy'Uburusiya kuri ico gisagara, abandi batazwi igitigiri nabo barajanywe ku butaka bw'Uburusiya.
Ivya vuba muri Ukraine:

Ahavuye isanamu, Ukraine military
Ku rubuga
- Igitero c'Uburusiya ubu gishimikiye ku buseruko bwa Ukraine. Ingabo za Ukraine zugaraniwe aho zigwanira ku rwasiro rurenga 480km
- Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwahaye ingabo za Ukraine, zugaraniwe mu kigo c'uruganda rw'ivyuma rwa Azovstal mu gisagara ca Mariupol, irindi sango ntarengwa, ryo gushira ibigwanisho hasi bitarenze isaha zitanu z'umurango kw'isaha mpuzamakungu -11GMT (isaha indwi y'umutaga mu Burundi no mu Rwanda) kuri uyu wa gatatu
- Nta musirikare n'umwe wa Ukraine yigeze yemera nk'ivyo nyene ku wa kabiri, nk'uko ubushikiranganji bwabivuze mw'itangazo
- Ariko Ukraine yashitse ku mwumvikano w'ibanze n'Uburusiya wo guhungisha abanyagihugu basanzwe, nk'uko bivugwa n'icegera c'umushikiranganji wa mbere. Ariko bene izo ngingo gushika ubu zaragoranye gushira mu ngiro muri iyo ntambara
- Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubwongereza bwagirije Uburusiya "ibitero bidasobanura" muri ico gisagara c'ikivuko ca Mariupol.
- Mu gihe ibitero vy'Uburusiya vyarushirije umurindi, ingabo za Ukraine gushika ubu ziracihagazeko, nk'uko bivugwa n'ubutegetsi bw'ingabo z'ico gihugu.
- Ukraine yemeza kandi ko yagavye ibitero vyo kwivuna ikisubiza igisagara ca Maryinka, hafi ya Donesk
- Umukuru wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, avuga ati iyo Ukraine yari kuba ifise ibigwanisho bikomeye gusumba, "tuba twararangije ingwano"
Mu migenderanire (diplomacie)
- Abashigikiye Ukraine mu bihugu vy'iburengerazuba barahiye ko bagiye kwongereza ubushobozi bwa gisirikare bw'ico gihugu, mu guha Kyiv izindi ndege
- Ubutetegetsi bwa Biden bwitezwe gutangaza iyindi mfashanyo ya miriyoni $800 mu mfashanyo ya gisirikare
- Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yavuze ko agiye guha Ukraine misire zo kurasa ubwato za Brimstone nawe umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Olaf Scholz, nawe avuga ko azotanga amafaranga yo gufasha Ukraine kugura ibigwanisho bikorerwa mu Budagi.











