Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine-Africa: Prezida Volodymyr Zelensky yifuza gushikiriza ijambo Africa
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky ariko ararondera gushikiriza ijambo ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika (African Union/Union Africaine, AU/UA) mu kurondera gushigikirwa ku bijanye n'igitero Uburusiya bwagavye ku gihugu ciwe.
Prezida Zelensky ku wa mbere yahamagaye umukuru wa UA akaba n'umukuru waa Senegal Macky Sall.
Ikiyago cabo cagarutse kw'itangazo ishirahamwe rya Afrika ryasohoye mu kwezi kwa kabiri ryasaba ko intambara yohagarara ubwo nyene hanyuma impande zompi zigasubira mu biganiro.
Senegal cabaye kimwe mu bihugu 17 vyo muri Afrika vyatoye kutagira aho bihagaze mu matora ya ONU y'ingingo yo gusaba ko Uburusiya guhagarika ibikorwa vya gisirikare vyabwo muri Ukraine.
Muri ico kiyago ca terefone, prezida Zelensky yamenyesheje prezida Sall ko "UKraine iri ku rugamba rw'igitero hamwe n'ivyaha vy'agahomerabunwa
vy'Uburusiya bwabateye" nk'uko bigaragara mu nyandiko yo kuri twitter.
Prezida Macky Sall aremera ko bayaze na prezida Zelensky kandi ko yamusavye gushikiriza ijambo ishirahamwe rya Afrika.
Ibihugu vyo muri Afrika vyerekanye ko bitavuga rumwe ku bijanye n'aho bihagaze ku gitero Uburusiya bwagavye kuri Ukraine.
Urwanda ruri mu bihugu vyemeje iyo ngingo, Uburundi nabwo bwatoye kutagira aho buhagaze.
Eritrea ni co gihugu co nyene co muri Afrika catoye kwanka iyo ngingo.