Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine : Russia iriko ishira inguvu zose mu buseruko
Igisata kijejwe igendereza c'igisirikare c'Ubwongereza kivuga ko ingabo z'Uburusiya zavuye ku kibuga c'indege ca Hostomel kiri hafi y'umugwa mukuru wa Ukraine, cari kimaze imisi kirangwamwo intambara kuva yaduka.
Mu butumwa bwasohoye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubwongereza bwavuze buti: "Ingabo za Ukraine zirabandanya zisatira ingabo z'Uburusiya ziri mu micungararo ya Kyiv ubu ziriko zirasubira inyuma".
Ubu bushikiranganji bwongerako buti: "Mu buseruko, Ukraine yisubije ibigwati bitari bike. Mu buseruko bwa Ukraine, ingabo za Ukraine zashoboye kubohoza ibarabara rikomeye riri mu buseruko bwa Kharkiv inyuma y'intambara zikomeye".
Hostomel yarangwamwo intambara zikomeye kuva ku wa 24 z'ukwa kabiri, igihe ingabo z'Uburusiya zirwanira mu kirere zinjira ziri muri kajugujugu gufata ikibuga c'indege c'imizigo kugira kizibere ikiraro.
Hostomel ni igisagara gito ariko gikomeye cane. Imbere y'intambara, cari gifise ikibuga c'indege ca Ukraine ca mbere mpuzamakungu c'imizigo kikongera kibaba ikirindiro ca gisirikare.
None ku rubuga ibintu vyifashe gute?
Ikigo Institute of War co muri Amerika cihweza ibijanye n'intambara casohoye icegeranyo c'umwihwezo waco, aho kivuga ko ubu Uburusiya bwashize inguvu mu buseruko bwa Ukraine.
Bikuru bikuru biri muri iki cegeranyo:
- Uburusiya bwasubiyemwo integuro yabwo ya gisirikare inyuma y'ukwezi, aho bwananiwe no gufata umugwa mukuru Kyiv n'ibindi bisagara.
- Ibivugwa na Kremlin ko yamye irondera cane cane Ubuseruko bwa Ukraine ni ikinyoma, bivugwa n'iki kigo nyene, ahubwo bushaka ntibimenyekane ko bwananiwe mu ntambara yabwo ya mbere.
- Ibikorwa nyamukuru vya gisirikare vy'Uburusiya muri kino gihe biri cane cane mu buseruko bwa Ukraine - aho bushaka kwigarurira rwose intara za Donestsk na Luhansk
- Biraboneka ko Uburusiya bushobora kwigarurira Mariupol mu misi iri imbere, ariko bubandanya butakaza ingabo nyinshi.
- Ukraine yarigaruriye uturere tunini mu buraruko bushira uburengero hamwe no mu buseruko bwa Kyiv, ariko Uburusiya bwarashoboye guhungishiriza muri Biélorussie/Belarus hatararengerana ingabo zabwo zagize ingorane.
Zelensky: "Ibintu bimeze nabi cane mu buseruko"
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ibintu "bibandanya kumera nabi cane" mu bijanye na gisirikare mu buseruko bw'igihugu.
Mw'ijambo yashikirije mw'ireresi yasohoye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, avuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko zirasubira inyuma mu buraruko, ku muvuduko "muto ariko uboneka".
Ariko agabisha ko ziriko ziriyegeranya "zitegura ibitero bishasha bikomeye cane" mu ntara ya Donbas hamwe no mu gisagara ca Kharkiv.
"Himirije intambara zikomeye. Ntidushobora kuvuga ko twamaze kurengana ibigeragezo vyose".
Zelensky aragabisha 'ubwa nyuma' abakorana n'umwansi
Muri iri jambo yasohoye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, Perezida Zelensky yahaye ubutumwa abategetsi bashizweho n'Uburusiya mu turere bwigaruriye: nta misi basigaje.
Mu kwerekana ko ubu butegetsi ari nka "ca kinyoma c'ubuyayasi co ku mwa kane", yavuze ko aba bategetsi ari nk'aba "Gauleiters" b'igihe gito - aha akaba afatira ku bategetsi b'uturere bari bashizweho n'ubutegetsi bw'aba Nazi mu Budagi.
Ati: "Ubutumwa bwanje kuri bo burasanzwe: ni ngombwa muzoruhira kurengutswa kubera gukorana n'umwansi".
"Ejo canke hirya y'ejo ni ikindi kibazo. Ikintu nyamukuru ni uko impera n'imperuka intahe izofata ijambo".
Zelensky avuga ko Moscou yagumye "itera ubwoba abakozi b'amakompanyi hamwe n'abategetsi ngo bakorane n'aba bahenzwe ngo bahawe ubutegetsi".
Ariko avuga ko gukorana n'abo bategetsi mu buryo ubwo ari bwo bwose bizogira ingaruka mbi.
"Gukorana nabo canke n'abigaruriye ubutaka bwacu bizoteza ibibazo. Aha ndabagabishije ubwa nyuma".
Inyubakwa zituwemwo n'abantu zatewe amabombe mu buseruko
Amabombe yaraye arasirana mw'ijoro ryakeye yaguye ku nyubakwa zitari nke zo mu gisagara ca Lysychansk hamwe no mu gisagara kibanyi ca Toshkivka, nk'uko bivugwa na Serhiy Haidai, buramatari w'intara ya Luhansk mu buseruko bwa Ukraine.
Avuga ko abahitanywe n'ibi bitero bataramenyekana.
Muri kino gihe, ingabo z'Uburusiya ziriko ziriyegeranya - ziva mu turere two mu buraruko hafi y'umugwa mukuru Kyiv, zikaba zifise intumbero yo kwibanda cane cane ku turere tw'ubuseruko n'ubumanuko.
Ni ibiki biriko biraba mu buseruko?
Muri rusangi, Moscou yihojeje umugwa mukuru n'uburaruko - ubu ikaba iriko igerageza kuzingira ingabo za Ukraine ziri mu buseruko bw'igihugu.
Igisirikare cayo kiriko kirasatira ubumanuko, aho cigaruriye igisagara ca Izyum, congera gicucagira amabombe ibisagara vyo mu buseruko. Yizeye ko uburuhiro izokwigarurira ubumanuko.
Ariko none Uburusiya bushaka iki muri ino ntara izwi nka Donbas? Ku munwa buvuga ko bushaka "kubohora" ba nywarwinshi bavuga Ikirusiya.
Ikibazo kihari ni kimwe: None ingabo za Moscou zirashobora kunesha igisirikare ca ukraine muri iyo ntara, hanyuma kandi - na cane cane - ubwo aba banyagihugu baba muri aka karere kahoze kimbura ibizuku (charbon) n'ivyuma (fer) boba bipfuza kubohorwa?
Hari bamwe babona ko kuba bavuga ururimi rw'ikirusiya bishobora kuba bidahagije kugira ngo iyi ntara yiyumvemwo Uburusiya.
Amerika igiye kurungikira Ukraine imfashanyo ya gisirikare y'imiriyoni 300 z'amadorari
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko zigiye kurungikira Ukraine izindi mfashanyo za gisirikare zingana n'imiriyoni 300 z'amadorari y'abanyamerika.
Uwu muzigo uzoba ugizwe n'ibimodokari vya gisirikare, vya muzinga, za ndege zitagira abaderev (drones), vya bikoresho vyo kurabiramwo umwansi (jumelles) bikoreshwa mw'ijoro, inkoho zikomakomeye hamwe n'ibikoresho vyo mu buvuzi.
Ibi bisigura ko ubu Amerika imaze gufashisha Kyiv imiriyaridi 1.6 z'amadorari y'abanyamerika kuva intambara yaduka, haraciye amayinga arenga atanu.
Mw'itangazo bwasohoye, ubunyamabanga bwo kwivuna abansi buvuga ko iyi mfashanyo nshasha "yerekana intango y'amasezerano yo guha ubushobozi bushasha ingabo za Ukraine".
Hanyuma kandi ejo ku wa gatanu, ubunyamabanga bujejwe ubudandaji bwafatiye ibihano ibigo 120 vyo mu bisata vyo kwivuna abansi, vyo mu kirere no mu mazi vy'Uburusiya na Biélorussie.
Umunyamabanga ajejwe ubudandaji Gina Raimondo avuga ati: "Ingingo ya Vladimir Putin yo gutera Ukraine yarakumiriye igihugu n'ubutunzi vyiwe ku rubuga mpuzamakungu, ingingo y'uno musi ikaba ije gusongera isibe".