Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: BBC yemerewe gusubira gukorera mu ico gihugu
Radiyo BBC yemerewe gusubira gukorera mu Burundi, nk'uko bihejeje gutangazwa n'urwego rw'Uburundi rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru, Conseil National de la Communication (CNC).
Uwurongoye urwego CNC, Madame Vestine Nahimana, yabimenyesheje mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma y'inama y'abagize urwo rwego.
BBC yari imaze neza na neza imyaka itatu yafatiwe ingingo yo guhagarikwa mu Burundi. Ingingo yari yafashwe itariki 29 ukwezi kwa gatatu mu 2019.
Madame Nahimana yavuze ko mu rwego CNC baronse ikete rya BBC isaba gusubira gukorera mu Burundi baca basanga "nta kindi gisigaye atari ukuyakira kugira ngo isubire gushira ahabona ibiganiro vyayo".
CNC yari yatse BBC uruhusha rwo gukorera mu Burundi iyagiriza kurenga amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru muri ico gihugu hamwe n'inyafato itajanye n'umwuga.
Nta biganiro yari irekuriwe gushikiriza mu Burundi, nta n'umunyamakuru yari yemerewe kuyikorera canke kuyiha inkuru mu buryo ubwaribwo bwose muri ico gihugu kuva ico gihe.
BBC yari yatswe uruhusha rwo gukorera mu Burundi yagirizwa gutosekaza izina rya reta yari irongowe ico gihe na prezida Pierre Nkurunziza.
Na cane cane inyanduruko yavuye ku matohoza ku vyavugwa ko ari ibibanza abantu bapfungirwamwo mu kinyegero kandi bakaborezwamwo igufa mu ntumbero yo gucecekesha abatavuga rumwe na reta, ivyo reta yiyamirije nk'"inkuru z'ibinyoma".
Ico gihe BBC yumvirizwa n'abantu bangana na miriyoni 1.3 mu Burundi.
Hemerewe ibinyamakuru bishasha vyinshi
Ibinyamakuru bitari bike birimwo n'Ijwi rya Amerika (VOA), Iwacu, radiyo Bonesha FM, Ikiriho n'ibindi vyarafatiwe ibihano mu bihe n'imvo bitandukanye vy'inyuma y'intureka za poritike zo mu 2015.
Ivyo bihano vyari vyiyamirijwe n'amashirahamwe haranira uburenganzira bwa zina muntu nka Amnesty International yavuze ko vyari ingingo "zeruye z'abategetsi b'Uburundi mu gucecekesha ibimenyeshamakuru".
Kuva presida Evariste Ndaishimiye ashitse ku butegetsi inyuma y'amatora yo mu 2020, imwe mu ntumbero yashize imbere n'ukunagura imigendeneranire myiza n'ibihugu canke amashirahamwe atarabana ryiza na reta y'Uburundi kuva mu 2015.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'ishirahamwe rya Buraya biherutse gufuta ingingo z'ibihano vyari vyarafatiye Uburundi.
Bimwe bimwe nka Iwacu, Ikiriho na Bonesha FM haheze igihe vyarahawe uruhusha rwo gusubira gukora.
Madame Nahimana yavuze ko CNC yumviye akamo k'umukuru w'igihugu yasavye urwo rwego kuvugana n'ibinyamakuru vyari vyarafatiwe ibihano kugirango bisubire guhabwa impusha zo gukora.
Muri iyo nama yemereye BBC gusubira gukorera mu Burundi, CNC yemereye kandi ama radiyo n'ama television mashasha:
- Radio Igicu FM
- TV Buja FM
- TV Katika Muziki
- Radio La voix des Jeunes
- Radio Afri-Digital Media Corporation
- Radio PG Classic FM Ijwi ry'Umunezero
- TV Tanganyika
Dosiye y'iyindi radiyo, Radio Voix de Developpement Communautaire de Bubanza yasubijwe inyuma kugira ije guhinyanyura ivyo CNC yayisavye.
Atangaza ko BBC yemerewe gusubira gukorera mu Burundi, umukuru wa CNC yagize ati: "Twizeye ko tugiye kubandanya dukorana n'iyo radiyo mu ntumbero yo kubandanya twubahiriza umwuga w'abamenyeshamakuru n'ibimenyeshamakuru."