Afghanistan: Aba-Taliban bisubiyeko ntibugurura amashue ku bakobwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aba-Taliban bisubiyeko ku ngingo yo kwemerera abakobwa bo muri Afghanistan gusubira ku mashure yisumbuye, bavuga ko hakiriko harafatwa ingingo y'umwambaro (uniformes) bategerezwa kwambara.
Amashure vyari bitegekanijwe ko asubira kwugururwa kuri uyu wa gatatu inyuma y'amezi yugawe kuva aba-Taliban bafashe ubutegetsi mu kwezi kw'umunani.
Ariko umushikiranganji ajejwe amashure yamenyesheje giturumbuka ko amashure yisumbuye ategerezwa kuguma yugaye ku bakobwa, bituma abantu bajuragirika.
Abakobwa bamwe baciye baduka bararira, abavyeyi n'abanyeshure nabo barashavura kandi barababazwa n'iyo ngingo yo ku munota wa nyuma.
Imbere yaho benshi bari bavuze ingene banezerewe kandi bishimiye ko basubiye kuja mw'isomero.
Iyo ngingo yaje haheze indwi umushukiranganji ajejwe amashure amenyesheje ko amashure agiye kwugururwa ku banyeshure bose harimwo n'abakobwa ku wa gatatu.
Ariko itangazo kuri uyu wa gatatu ryaciye riza rivuga riti: "Turamenyesheje amashure yose y'abakobwa n'ayafise abanyeshure b'abakobwa hejuru y'umwaka wa gatandatu ko yugawe gushika haje iyindi ngingo."
Iryo tangazo ribandanya rivuga ko amashure azokwugururwa ingingo kuri uniforme z'abanyeshure b'abakobwa imaze gufatwa hisunzwe "Itegeko rya Sharia hamwe n'imigenzo ya Afghanistan."
Iyi ngingo ya giturumbuka yababaje cane abavyeyi b'abana b'abakobwa.
Umugabo umwe atashatse ko umwidondoro wiwe umenyekana yabwiye BBC ko umukobwa wiwe yaciye yaduka ararira kuva yankiwe n'aba-Taliban kwinjira mw'ishure kuri uyu wa gatatu mu gitondo.
Yavuze ati: "Hamwe hogira igishikira umukobwa wanje, sinzobabarira aba-Taliban."

Umwihwezo wa Secunder Kermani, umunyamakuru wa BBC
Ku ntwaro y'aba-Taliban mu myaka ya 1990, abakobwa ntibari benerewe kuja mu mashure. None kuva aba-Taliban bongeye gufata ubutegetsi mu kwezi kw'umunani, amashure y'abakobwa y'intango n'ayo abahungu niyo yonyene yagumye yuguruye henshi mu gihugu.
Amashure yisumbuye y'abakobwa vyari bitegekanijwe ko yugurutrwa uyu munsi.
Umwe umwe ku giti ciwe, abakuru b'aba-Taliban baremera ko amashure y'abakobwa ari ikibazo kidahurizwako na bamwe mu ndongozi zabo z'umurongo ukaze.
Uku kumenyesha ingingo giturumbuka ku munota wanyuma biragaragaza ukutumvikana muri uwo mugwi - kandi vyerekana ingene bamwe mu ndongozi batitayeho ivyifuzo vy'abanya-Afghanistan ba none.


Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu baharanira uburenganzira Mahouba Seraj, yashinze urunani rw'abagore muri Afghanistan (Afghan Women's Network), yumiwe n'uko kwisubirako.
Yabwiye BBC ati: "Ico bitwaje ngo ni uko "mudafise hijab ibereye'. Nta ngingo ya sentare yahabaye, bifatiye iyo ngingo mu gitondo, ku mvo iyari yo yose."
Yavuze ko uniforme z'ishure z'abakobwa muri Afghanistan zama zifuka hose, imimsi yose".
Bimwe mu vyo amakungu yasavye n'uko aba-Taliban bemerera abagore n'abakobwa kuja mu mashure imbere y'uko bahabwa imfashanyo zo hanze.
Madame Seraja yavuze ati: "Ico nshaka kwumva canke kubona kuri bo n'uko bahagaruka bakavuga bati 'okay, iki nico mwahisemwo gukora? Emwe, natwe iki nico duhisemwo gukora: nta kubemera, nta mafaranga. Nta kindi!'"











