Afghanistan-Taliban: Amategeko mashasha ku banyeshure b'abagore

Ahavuye isanamu, EPA
Kaminuza za Afghanistan zigiye kuzohora zigisha abagabo ukwabo n'abagore ukwabo, kandi hagiye gushingwa ingene bategerezwa kwambara, nk'uko aba Taliban babivuze.
Umushikiranganji ajejwe inyigisho za kaminuza Abdul Baqi Haqqani yavuze ko abagore bazokwemererwa kwiga, ariko badasukiranye n'abagabo.
Yanavuze ko hazosubirwamwo indinganizo y'ivyigwa abanyeshure bazokwigishwa.
Abagore n'abakobwa bari babujijwe kuja mu mashure na kaminuza igihe c'ubutegetsi bw'aba Taliban hagati ya 1996 na 2000.
Aba-Taliban bavuga ko batazobuza abagore kwiga canke gukora akazi. Ariko kuva bafashe ubutegetsi itariki 15 ukwezi kw'umunani, baciye babwira abagore bose, kiretse abo mu gisata c'ubuvuzi, kudasubira ku kazi, gushika umutekano wagarutse.
Ivyamenyeshejwe ku wa mungu ku bijanye n'intumbero y'inyigisho mu mashure ya kaminuza vyaje haciye umunsi umwe aba-Taliban baraye badugije ibendera ryabo ku kirimba c'umukuru w'igihugu, ikimenyetso ko intwaro yabo itanguye.
Haciye ukwezi batembagaje reta yari yaratowe.
Iyo ntumbero yabo ije guhindura cane ingene ibintu vyari bisanzwe bigenda imbere y'uko aba-Taliban bafata ubutegetsi.
Abanyeshure b'abagore nta nyambaro yihariye bahora bategekwa kwambara, kandi abagabo n'abagore bigana.
Ariko umushikiranganji Haqqani ntiyicuza kuri izo mpinduka.
Yavuze ati: "Nta ngorane tubona mu kuvanaho kwigana mw'ishure. Abantu ni aba-Islam, bazovyemera."
Hari ababona ko aya metegeko mashasha azokumira abagore mu mashure kuko kaminuza zidafise uburyo bwo kwigisha amashure abangabanganwa.
Ariko Haqqani yemeje ko hari abigisha b'abagore bakwiye kandi ko aho batari hazotorwa izindi nzira.
"Vyose bivana n'ubushobozi kaminuza iba ifise. Turashobora no gukoresha abigisha b'abagabo bakigisha bari inyuma y'igitambara kibakingiriye (rideau), canke hagakoreshwa ubuhinga (technologie).
Abahungu n'abakobwa bazokwiga kandi batandukanye mu mashure mato mato n'ayisumbuye, ivyo ahanini akaba ariko vyari bisanzwe muri Afganistan.
Abagore bazotegerezwa kwambara hijab ariko Haqqani ntiyatomoye niba kwifuka mu maso hose navyo bizoba ngombwa.
Uwo mushikiranganji aherutse kugenwa yanavuze ko ivyigwa bitangwa muri kaminuza bizosubirwamwo. Yavuze ko aba-Taliban bashaka gushiraho "urutonde rw'ivyigwa rwumvikana kandi rwisunga Islam n'amateka y'igihugu na kahise, ku ruhande rumwe, kandi rushobora guhiganwa n'ibindi bihugu".
Yabimenyesheje inyuma y'imyiyerekano y'abagore yo gushigikira intumbero y'aba-Taliban ku bijanye n'amashure, inyiyerekano yabereye kuri kaminuza ya Shaheed Rabbani i Kabul.
Abagore amajana, bose bambaye niqab zirabura bafise n'utubendera dutoduto tw'aba-Taliban, bumvirije amajambo yahayagiza intwaro nshasha akiyamiriza abari mu myiyerekano hirya no hino mu gihugu basaba ko hakingirwa uburenganzira bw'abagore.
Kuva aba-Taliban bakuwe ku butetegetsi mu 2001, muri Afghanistan harabaye utwigoro dukomeye two kuduza ibitigiri vy'abaja mu mashure, na cane cane ku bakobwa n'abagore.
Icegeranyo ca vuba c'ishami rya ONU riraba indero kwisi, UNESCO, cavuze ko igitigiri c'abakobwa baja mu mashure y'intango cavuye hafi ku busa gishika ku miriyoni 2,5 mu myaka 17 yakurikiye ubutegetsi bw'aba-Taliban.
Abanyeshure miriyoni 10 baragiye kw'ishure mu 2018, mu gihe bari miyiyoni imwe gusa mu 2001
Ico cegeranyo cavuga kandi ko urugero rw'abagore bazi gusoma no kwandika rwigwije na kabiri mu myaka 10 rushika ku 30%.
Reta nshasha y'aba-Taliban kandi ahahora ubushikiranganji bw'abagore yahashize ubushikiranganji bw'utunenge n'ubugororotsi.
Ico gisata gitinyitse cane cari kijejwe gushira igipolisi c'idini mu mabarabara kugira cubahize itegeko rya Sharia aho aba-Taliban baheruka ku butetegetsi.
Camenyekanye mu gukubita abagore ku makosa yo kutambara uko bibereye no kuja hanze badafise umugabo abaherekeje.
Incabwenge nyinshi z'abagore b'abanya-Afghanistan barahunze igihugu ubwo babona ko aba-Taliban bagiye gusubira kugaruka ku butetegetsi.
Umwe mu baririmvyi rurangiranwa muri ico gihugu, Aryana Sayeed, yavuye mu gihugu mu ndege y'abanyemerika itwara imizigo, naho umwe mu bazwi cane mu gutunganya ama cinema, Sahraa Karimi, ahungishirizwa muri Ukraine.











