Intambara ya Ukraine: Zelensky yibukije 9/11 mu gutakambira Congress ya US

Mr Zelensky appears by video screen to a standing ovation

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Ukraine yakiriwe n'ugukomerwa amashi n'abanyaporike ba Amerika bahagurutse

Umukuru wa Ukraine yibukije amahano y'ibitero kuri Amerika mu 2001 ubwo yariko arasaba kwongerwa imfashanyo ya gisirikare mw'ijambo mbonekarimwe yashikirije abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) za Amerika.

Volodymyr Zelensky yavuze biciye kuri video link ko Ukraine iri nko mu gihe ca 9/11 buri munsi kuva ico gihugu gitewe n'Uburusiya.

Yongeye gusaba Amerika n'abagize Otan gushiraho ingingo ibuza ko indege zica mu kirere ca Ukraine, avuga ati: "Dukeneye gukingira ikirere."

President Biden mu masaha ari imbere arashira umukono kuri miriyoni $800 y'imfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine.

Prezida Zelensky yasavye abanyaporitike ba Amerika kwibuka ko nabo bagabweko ibitero muri kahise: kuri Pearl Habor mu 1941 no ku wa 11 Nyakanga(9) mu 2001 - avuga ko abanya-Ukraine babayeho nko muri ivyo bihe buri munsi.

Yavuze ati: "Muri kahise gakomeye kanyu, murafise ahobafasha kwumva ibiriko birashikira Ukraine.

"Ni mutwumve rero".

Yanagarutse kw'ijambo rizwi cane ry'umunyamerika yaharaniye uburenganzira bwa zina muntu Martin Luther King: "Ndafise inzozi, aya majambo arazwi kuri umwe umwe muri mwebwe - jewe uyu munsi novuga nti hari ico nkeneye. Nkeneye gukingira ikirere." niko yavuze.

Umukuru wa Ukraine yerekanye kandi video y'amabombe ariko aragwa ku nyubakwa ku bisagara vy'igihugu ciwe hamwe n'abo yica n'abo akomeretsa.

Yongeye gusubira gusaba ko Otan ishinga ikirere kizira indege hejuru y'igihugu ciwe, ariko ivyo Otan yaravyanse.

Ikirere kizira gucishamwo indege hejuru ya Ukraine coba gisigura ko OTAN yoca ihangana n'indege z'Uburusiya zigiciyemwo hanyuma ikazirasa bikenewe.

Ivy'ico kirere bidashobotse, Zelensky yasavye uburyo bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere hamwe n'indege.

Yari amaze gusaba Amerika n'ishirahamwe rya Buraya kumuha indege za Pologne za MIG-29 z'intambara, ariko ivyo vyaranswe na presida Biden kuko kwoba ari ugukwegera ibihugu vya OTAN muri iyo ntambara.

Agira ico abwiye prezida Joe Biden ubwiwe mu rurimi rw'icongereza, prezida Zelensky yavuze ati:

"Nifuza ko uba indongozi y'isi. Kuba indongozi y'isi ni kuba indongozi y'amahoro.

Ayo mafaranga miriyoni $800 aza gushirwako umukono mu masaha ari imbere azofasha Ukraine kuronka ibisasu bisambura ibiduga ntamenwa n'ibirasa indege, nka Stingers na Javelins, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Mu mwaka uheze, intwaro ya Biden yahaye Ukraine miriyaridi 1,2 z'amadorari aciye mu bigwanisho birimwo kajugujugu za Mi-17, ubwato bwo gukizura hamwe n'ibigwanisho bito bito birimwo ivyo gutera ama granade n'inkoho za machine guns, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times.

Ayo mafaranga ari mw'itegeko rigenga imfashanyo kuri Ukraine ryemejwe n'inzego zishinga amategeko ku ndwi iheze.

Ku wa gatatu, ibitero vy'uburusiya vyakomeje mu miji n'ibisagara mu gihugu:

  • ku murwa mukuru Kiyv, inyubakwa y'amagorofa 12 y kubamwo yagemwe n'igisasu
  • muri Kharkiv, igisagara kiza ubwa kabiri mu bunini muri Ukraine, abantu babiri bapfuye igihe igisasu cagema inyubakwa y'amagorofa menshi, nk'uko vyavuzwe n'inzego zo gutabara vyihuta
  • muri Zaporizhzhi, abategetsi bavuga ko misire yagemye igituro ca gariyamoshi n'ahi abantu bahagirika imidiga
  • abakozi n'abarwaye bashika 400 gushika ubu baracagotewe mu bitaro vyafashwe n'ingabo z'Uburusiya mu gisagara ca Mariupol cugarijwe. CICR ivuga ko aho hantu hameze nko "kurandamurwa mw'itiro n'indoto mbi"

Hagati aho abashikiranganji bo kwivuna abansi muri Otan bari mu nama i Bruxelles biga icokorwa kuri ico gitero.

Biden yitezwe kuja Bruxelles ku ndwi iza kubonana n'abo basangiye umuryango wa Otan yongere aje mu nama y'abategetsi b'ibishirahamwe rya Buraya.