Bujumbura: Abatwara moto, tuk-tuk n'amakinga bongewe iminsi

Abakora akazi ko kwunguruza abantu kuri moto, amakinga canke tuk-tuk mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi bongewe ikiringo mu gihe itegeko ribabuza kuja mu bice bimwe vy'umuji ryagomba kuja mungiro kuri uyu wa 11 ukwezi kwa gatatu.
Abajejwe intwaro mu Burundi bari batanze itariki yo gushika kuri uyu wa gatanu ngo abanyonga ivyo vyuma ntibasubire kubicisha mu gice kinini c'umuji wa Bujumbura.
Kiretse abanyonga ivyo vyuma babicisha amafaranga, iryo tegeko ryaraba n'amakinga na moto vy'abiyunguruza ku giti cabo kiretse gusa moto ziriko imparati za leta.
Ariko mu butumwa bwagaragaye ku rubuga twitter ku wa kane ku muguroba, Mairie ya Bujumbura yatangaje y'uko abatwara ivyo vyuma bahawe igihe c'ukudohorerwa.
Ico gihe bahawe ni ico gushika itariki 21 Ntwarane (ukwa gatatu), ico kiringo ngo "kikazokoreshwa mu kwandika abatwara ivyo vyuma".
Ubwo butumwa bwo kuri twitter kandi bunavuga yuko hafashwe ingingo yo kwugurura vya vyumba vyo kwiyubikira canke kwiyuka bita sauna hamwe n'umuziki w'ikibiriraho uzwi nka karaoke ngo kuko "ikiza ca Covi-19 cagabanutse bimwe biboneka."
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Kutabona kumwe ibintu
Mu gufata ingingo yo kubuza ivyo vyuma gushika mu gice kinini c'igisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bujejwe umutekano bwavuga ko ari ingingo yo kurinda umutekano w'abakoresha amabarabara bose.
Ariko abo batwara ivyo vyuma bakavuga yuko ubuzima bugiye kugorana cane kuri bo, co kimwe no ku bavyikorako bibashikana hirya no hino mu gisagara mu buryo bworoshe.
Kuva leta itangaje ko iyo ngingo izoja mu ngiro itariki 11/03/2022, hari haheze iminsi haba amanama yo gusigurira abo ingingo igiye gukorako igituma yafashwe n'akamaro kayo.
Ariko bobo bavuga yuko abafahe iyo ngingo bari kubanza kubibamenyesha imbere yuko ifatwa bakagira ico bayivuzeko.
Jado Nzitunga, umuyobozi w'ishirahamwe ry'abagendesha moto zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura yabwiye BBC ko batagishijwe inama.

Ahavuye isanamu, Mairi de Bujumbura
Yagize ati: "Igihe iyo 'equipe technique' yabikora, yaba twebwe dusanzwe turongoye amashirahamwe, yaba abasanzwe biyunguruza kuri ayo mapikipiki, yaba abagendesha ayo mapikipiki n'ayo mabajaji, nta n'umwe bigeze barondera kugira bicare hamwe barabe iyo ngingo, iciza canke ingaruka zayo".
Ariko mu bushikiranganji bujejwe umutekano, bo bafashe iyo ngingo, bavuga yuko leta mu gufata icemezo kiraba ineza y'abanyagihugu iba yavyize neza.
Umuvugizi w'igipolisi gikorera muri ubwo bushikiranganji, Désiré Nduwimana, yagize ati: "Ubutegetsi iyo bubona yuko hariho ikiriko kirononekara, mu kuramira abenegihugu ntubanza kubabaza ati mbega bigende gute.
"Ugomba kugirira umutekano abantu ubakorera ibikenewe ntubanza kubagisha inama."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Désiré Nduwimana abandaniya avuga yuko amasanganya mu mabarabara ya Bujumbura yari amaze kuba umurengera, kandi ko ivyo vyuma vy'amakinga, moto na bajaji canke tuk-tuk bibifisemwo uruhara runini.
Hagati aho, abagendesha ivyo vyuma bagiye gukorwako n'iyi ngingo bavuga yuko amasanganya adatezwa gusa nabo, ko hari ikibazo c'amabarabara atameze neza hamwe n'ivyapa bibuze canke bitakigaragara neza.
Ingaruka ku bahora bikora kuri ivyo vyuma
Uyu mukuru w'ishirahamwe ry'abagendesha amapikipiki yunguruza abantu i Bujumbura avuga yuko ingaruka zigiye kuba nyishi cane.
Jado Nzitunga yagize ati: "... mw'ishirahame ryacu ngaha i Bujumbura hari amamoto ari hagati y'ibihumbi bine n'ibihumbi bitanu, urumva ayo yari asanzwe atunze imiryango.
"Ugasanga hari n'igihombo kizoba kuri aba basanzwe bafise amazu y'ama restaurant hamwe bafungurira, ndetse n'abo bantu bose bahora bayikorako bafise amikoro make bizobagora."
Ku mbuga hwaniro haragaragaye amasanamu y'abatanguye kujana mu yindi mihingo y'igihugu ivyo vyuma vyabo, mu gutinya ko babibaka ingingo niyamara kuja mu ngiro.
Kwiyunguruza na moto, ikinga canke tuk-tuk vyari bimaze kumenyerwa cane, kandi naho koko ayo masanganya aba, benshi bashima ivyo vyuma kubera ukuzimbuka hamwe no gushika aho baja banyarutse kurusha imiduga.










