Ukraine: 'Nabonye ibiziga vy'umugore wanje n'abana kuri Twitter nca menya ko umuryango wanje wahonye'

Umugabo w'umunya Ukraine avuga ko yamenye ko umugore wiwe n'abana biwe babiri bishwe n'ibitero vy'Uburusiya abonye ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter.

Serhiy Perebyinis yabwiye New York Times ati: "Narashoboye kumenya ivyari bitekeye, nca menya ivyabaye".

Tetiana Perebyinis n'abana babo babiri - Mykyta, 18, na Alisa, 9 - bapfiriye mu gisagara ca Irpin igihe bariko bagerageza guhunga.

Mu 2014, bahunze bava mu buseruko bwa Ukraine bimukira i Kyiv kubera intambara hagati y'igisirikare ca Ukraine n'abarwanyi barondera kwiyonkora bashigikiwe n'Uburusiya.

Isanamu y'uyu muryango wishwe urambaraye hampande y'icibutso c'abahitanywe n'intambara ya kabiri y'isi yose niyo yari yiganziye urupapuro rwa mbere rw'ikiyamakuru New York Times.

Serhiy yari yagiye kurwaza nyina wiwe imbere y'uko intambara yaduka avuga ati: "Isi yose yari ikwiye kumenya ibintu biriko birabera hano".

Yabwiye iki kinyamakuru ko kugira ngo asubire i Kyiv, vyabaye ngombwa ko yinjira mu Burusiya hanyuma agafata indege yamushikanye mu gisagara ca Kaliningrad kugira yinjirire muri Pologne.

Avuga ko yabwiye ingabo z'Uburusiya ku rubibe rwa Pologne ati: "Umuryango wanje wose wapfiriye mu vyo mwita ibikorwa bidasanzwe ariko natwe twita intambara.

"Shaka mukore ico mushaka kuri jewe. Ntaco ngifise ntakaza".

Serhiy yanditse ku rubuga rwa Facebook mu masaha make aheze mu kirusiya ko amahano yabonye "yari nk'ireresi iteye ubwoba".

Yandika ati: "Ibi ni ibintu bigoye kuraba iyo umugore wawe ukunda yaryamitswe hasi mu gifuko cirabura".

Yiyemeje kurwanira ubutungane ku muryango wiwe: "Nzobarwanira gushika ku ka nyuma. Nzokora ibishoboka vyose mpaka ubutungane bukoze".

Uwari intumwa ya Amerika asaba reta kurungika ingabo muri Ukraine

Mu gihe Uburusiya bubandanya busatira ibisagara vya Ukraine, James Jeffrey yahoze ari intumwa ya Amerika mu runani rwari rwashinzwe ku butegetsi bwa Trump mu ntumbero yo gutuza umuhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique) asaba ingabo za ONU n'iza Amerika kwinjira muri Ukraine kugira zishinge akarere k'ubutabazi.

Avuga ko Ukraine ikwiye gusaba ubufasha bwa ONU, busa n'ibikorwa vy'ukugarukana amahoro vyarangije igitero ca Israel mu bumanuko bwa Liban mu 2006.

Avuga ko OTAN ishobora kudafasha Ukraine kubera Uburusiya bwanse, ariko ko ingabo za Amerika zari zikwiye kuja ku rubuga muri ico gihugu.

Avuga ko vyosa n'ivyabaye muri Syria, aho ingabo z'Uburusiya zariko zirarwanira reta ya Bashar al Assad mu gihe ingabo za Amerika nazo zaciye zishinga ibirindiro bitari bike muri ico gihugu mu kurwanya intagondwa.

Avuga ko iyi nteguro ishobora kudafasha Ukraine gutsinda intambara, ariko ko ishobora gutuma Uburusiya bunanirwa no gufata igihugu cose.