Ingwano ya Ukraine: Umuhungu w'imyaka 11 yahungiye muri Slovakia yijanye wenyene

Umwana w'umuhungu yashitse amahoro muri Slovakia inyuma y'urugendo rwa 1.200km kuva mu buseruko bwa Ukraine ata kindi afise atari intekera zibiri, passport na nomero ya terefone y'umwe mu bantu bo mu muryango wiwe.

Hassan, w'imyaka 11, yavuye iwabo i Zaporizhzhia kuko nyina atari gushobora kuvirira nyina wiwe ashaje cane.

Yamwurije itereni (gariyamoshi) hanyuma ashitse ku rubibe aca afashwa kujabuka n'abakozi bajejwe kuraba ibidandazwa vyinjira n'ibisohoka ku mupaka.

Abategetsi bavuga ko yabaye intwari kandi ko abantu bose bamukunze kubera ukumwenyura kwiwe.

Uwo mwana w'umuhungu yashitse ku mupaka afise umufuko wa plastic, isakoshi itukura ahetse mu mugongo na passeport yiwe. Yaciye yakirwa n'abakorerabushake baciye bamuha ivyo kurya n'ico kunywa mu gihe abajejwe imbibe nabo baciye bavugana n'incuti ziri ku murwa mukuru wa Slovakia, Bratislava.

Muri video yashizwe ku mbuga hwaniro n'igiporisi ca Slovakia, nyina yashimiye abantu bose bamufatiye neza umwana wiwe aca asigura igituma yagenze igihugu cose mu gihe cari gihanzwe n'igitero c'Ubuurusiya.

Julia Pisecka, asanzwe ari umupfakazi, yavuze ati: "Hafi y'igisagara mbamwo hari uruganda rw'umuyagankuba abarusiya bariko bareterako ama bombe. Sinari guta mama wenyene - ntashobora kwihagurutsa - nca ndungika umuhungu wanje muri Slovakia."

Urwo ruganda rwa Zaporizhzhia rw'umuyagankuba uturuka kuri nucleaire nirwo rwa mbere runini i Buraya. Rwafashwe n'ingabo z'Uburusiya mu mpera z'indwi inyuma y'igitero prezida Volodymyr Zelensky yavuze gishobora kuba cararusanbuye ku rugero ruruta cane urwabaye mu kaga ka Chernobyl mu 1986.

Hassan n'umwe mu bantu barenga miriyoni zibiri bamaze guhunga intambara Uburusiya bwateye muri Ukraine. Abantu bashika miriyoni 1.2 bamaze gushika muri Pologne mu gihe 140.745 bamaze gushika muri Slovakia, hakurikijwe ibiharuro bitangwa na ONU..

Ahakwa kurira, nyina yasabiye abana ba Ukraine guhabwa aho bahungira hatekanye.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bwa Slovakia bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko Hassan yakuzwe n'abantu bose ku rubibe kubera ukumwenyura kwiwe, kutagira ubwoba no kugira ishaka.

Uwo mutegetsi yavuze ko yakoresheje nomero ya terefone yari yanditse ku kiganza c'uwo mwana , hamwe n'agapapuro yari afise mu mufuko, kugira haronderwe incuti ziwe ku murwa mukuru wa Slovakia zaciye ziza kumutora.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Roman Mukulec ku wa mbere yarabonanye na Hassan avuga ko we n'abo bavukana bamaze gusaba gukingirwa vy'imfatakibanza muri Slovakia.

Abategetsi ba Slovakia basavye abantu bifuza gufasha nyina w'uwo mwana hamwe na inakuru gucisha imfashanyo zabo mw'ishirahamwe ry'urwaruka rw'abakristu muri Solavakia ZKSM.