Ingwano muri Ukraine: Ishobora kwatsa 'umuriro udahera kw'isi' ku biciro vy'ibiribwa

    • Umwanditsi, Na Tom Kavanagh
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'ishami rya OMU rijejwe imfungurwa kw'isi (PAM/WFP), David Beasley, yagabishije ko ingwano muri Ukraine ishobora gutuma ibiciro vy'ibiribwa kw'isi biba umurengera, ku buryo bishobora gutera akaga na cane cane ku basanzwe bakenye cane kurusha abandi.

Ukraine n'Uburusiya vyompi bishora hanze ibiribwa ngenderwako vyinshi cane, ingwano ubu ikaba imaze kugira ingaruka ku mwimbu w'ibiribwa, ibica biduza ibiciro.

Beasley avuga ko ivyo bituma hiyongera igitigiri c'abantu bashobora guhangwa n'inzara kw'isi.

"Niba mwibaza ko umuriro udahera udashobora kwaduka kw'isi, birashoboka."

Uburusiya na Ukraine, vyigeze gufatwa "nk'ikigega ca Buraya", bishora ica kane c'ingano zikoreshwa kw'isi, hamwe n'ica kabiri c'ibikomoka ku bihoke (tournesol/sunflower), nk'imbuto n'amavuta. Ukraine igurisha kandi ibigori vyinshi kw'isi.

Abihweza ibintu n'ibindi bagabisha ko ingwano ishobora kugira ingaruka ku mwimbu w'intete mbere igatuma ibiciro vy'ingano biduga incuro zibiri.

Beasley yabwiye ikiganiro ca BBC, Business Daily, ko igitigiri c'abantu bashobora guhangwa n'inzara kw'isi cari gisanzwe caraduze kuva kuri miriyoni 80 kija kuri miriyoni 276 muri iyi myaka ine y'imbere y'uko Ubusiya butera Ukraine, kubera ico yise "igihuhusi nyaco" c'intambara, ihindagurika ry'ibihe hamwe na coronavirus.

Avuga ko ibihugu bimwe bimwe bishobora guhura n'ingorane nyinshi kurusha ibindi biturutse kuri iyo ngwano, kubera urugero runini rw'intete vyagurira muri ako karere k'Ikiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea).

Avuga ati: "Igihugu ca Liban, hafi 50% y'intete gikoresha, ziva muri Ukraine. Yemen, Syria, Tunisia - nshobora kwongerako n'ibindi - bizera vyinshi cane ku vyimburwa muri Ukraine."

"Urumva kuva aho wahora ukura ibiribwa vyinshi, ubu ugasanga ari wewe hageze ko uharungika ico barya. Ntawokwibajije ko inzira yohindukiye gutyo."

'Kugwanira igihugu cacu'

Yara International, kompanyi yo muri Norvège ihingura umwavu (ifumbire) mwinshi, ikorera mu bihugu birenga 60, yabwiye BBC ko hamwe hatoboneka ibikwiye vyogira ingaruka zikomeye ku mwimbu, bigatuma haba "ikibazo gikomeye c'imfungurwa".

Umunyamategeko wo muri Ukraine Ivanna Dorichenko, asanzwe ari umuhinga mu manza zijanye n'urudandazwa mpuzamakungu, avuga ko bamwe mu barimyi muri Ukraine bahevye imirima yabo kugira bafate ibigwanisho bagwanye igitero c'Uburusiya.

Yabwiye BBC ati: "Abagabo bari basanzwe bakora mu mirima, ubu bariko baragwanira igihugu cacu. Kuko batagwaniye igihugu ubu, mu nyuma ntibazoronka ico bakora, ubu rero nta muntu n'umwe ushobora kuronka atariko aragerageza gufasha mu nzira iyo ariyo yose ashoboye."

Madame Dorichenko yavuze ko ingwano yahungabanije amayira ivyimburwa vy'uburimyi bifata kugira bishorwe hanze.

Igisirikare ca Ukraine carahagaritse ivyo gutwara ibintu hanze ku bivuko kuva habaye igitero c'Uburusiya.

"Ubwato ntibushobora guhaguruka ngo bufate ingendo, ubwato ntibushobora gupakirwa. Ni akarere k'intabara koko. Birababaje, ubu nta kintu na kimwe wovuga ko gishobora gushoka hanze kivuye muri Ukraine."

Avuga ko ivyo bisigura ko hari "igihombo kinini cane" ku bucuruzi, ariko no ku twigoro two kugarukira ku bari mu kaga, kuko ubu Ukraine idashobora kurungika ibintu mu turere nka Asia yo mu buseruko bushira ubumanuko, ibihugu vy'Abarabu hamwe na Afrika, co kimwe no ku mashirahamwe nka PAM.

Mu gihe mu bihugu bimwe bimwe ibiciro vy'ivyo kurya vyari bisanzwe bimaze kuduga cane n'imbere y'uko intambara ya Ukraine itangura, umunya-Afrika y'Epfo w'umuhinga mu vy'ubutunzi Wandile Sihlobo avuga ko atewe umutima uhagaze cane n'ibihugu vyo muri Afrika n'ahandi bizera cane kugurira intete hanze.

Sihlobo, umuhinga mukuru mu vy'ubutunzi mu gisata c'uburimyi mw'ishirahamwe ry'ubudandaji muri Afrika y'Epfo, yabwiye BBC ko mu gihe iduga ry'ibiciro rihanitse rishobora kuba ingorane mu gihe ca mbere, ikena ry'ivyo kurya ngenderwako rishobora gukurikira.

"Ku gihe kirekire bivanye n'umwanya n'ubukari bw'iyo ntambara, ushobora kubona hatanguye igabanuka ry'ibintu vyaza muri Afrika, ivyo navyo bigashobora guca bitera ikena. Na cane cane muri Afrika y'uburaruko, no kurugero ruto muri Afrika y'ubuseruko."

Yongerako ati: "Ubifatiye ku gipimo c'ibiciro vy'ivyo kurya ku rugero mpuzanakungu, usanga vyagiye biraduga kenshi uwu mwaka ugitangura.

Izo ngorane zije kwiyongera ku bihe vyari bisanzwe bitoroshe ku baguzi benshi, na cane cane mu bihugu biri mu nzira y'amajambere."

Ku wa mbere, Yara International, imwe muri kompanyi zikora ibitabizo vyinshi kw'isi, yagabishije ko iyo ngwano ishobora guhungabanya ibikorwa vyayo, ivyo bigaca bigira ingaruka ku biciro vy'ibiribwa. Ibiciro vy'ibitabizo vyari bimaze igihe biduga kubera iduga ry'ibiciro vya gaz.

Uburusiya busanzwe kandi buhingura ibintu vyinshi bikoreshwa mu gukora ibitabizo, ari navyo bituma ibiterwa bimera, bigakura bigatanga umwimbu.