Ivan Kuliak: Kubera iki urudome 'Z' rwabaye ikimenyetso c'abashigikiye intambara ya Russia

- Umwanditsi, Na Paul Kerley na Robert Greenall
- Igikorwa, BBC News
Umukinyi w'inkino ngororamubiri w'Uburusiya, Ivan Kuliak, ashobora guhabwa ibihano n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'inkino ngororamubiri (International Gymnastics Federation, FIG) inyuma yo kwerekana urudome "Z" ari imbere y'uwo bahanganye w'umunya Ukraine muri Qatar. Ariko none iki kimenyetso gisigura iki?
Mu Burusiya, urudome "Z" ruri ku muvuduko udasanzwe mu kuba ikimenyetso gikomeye c'abashigikiye intambara yavuye ku gitero Perezida Putin yakoze muri Ukraine.
Ni ikimenyetso usanga mu banyaporitike, ku mamodoka, no ku bibaho vyamamaza ibidandazwa - co kimwe no ku mamodoka yunguruza abantu. Caranakoreshejwe mbere mu myiyerekano y'abanya Serbia yo gushigikira Uburusiya ku mugwa mukuru Belgrade. Abafata amasanamu bamaze kugihanahana cane ku mbuga hwaniro.


Iki kimenyetso kiriko kiravugwako cane ku mbuga hwaniro, nk'uko bivugwa na Aglaya Snetkova yigisha ibijanye na poritike mpuzamakungu kw'ishure School of Slavonic and Eastern European Studies ryegukira ishure kaminuza ya Londres (UCL).
"Mu buryo bwinshi, ibi vyerekana ingene Uburusiya bufise, canke buriko burafata ikibanza gikomeye kw'isi".
Mu gihe mu ndome z'Uburusiya urudome "Z" rwandikwa mu buryo butandukanye - aho usanga rusa na 3 - Abarusiya benshi barazi indome z'iki latini.
Emily Ferris, umushakashatsi ku Burusiya no kuri Eurasia mw'ishirahamwe RUSI, avuga ko urudome "Z" ari ikimenyetso gikomeye kandi coroshe kumenya.
Uyu mupfasoni ati: "Akenshi muri propagande, hakoreshwa akantu gatoya koroshe gufata. Gisa n'igiteye ubwoba kandi gikomeye cane. Dufatiye ku kungene gisa, ni ikimenyetso gikomeye".
Vyafashe ikiringo kidashika indwi zibiri kugira ngo urudome "Z" rukwiragire muri abo bantu bose bashigikiye igitero ca Putin.
Mu gisagara ca Kazan kiri hagati mu Burusiya, abana n'abakozi b'ikigo c'irerero bababa 60 bafashwe isanamu bahagaze hanze mu rubura bakoze urudome runini rwa "Z" bari imbere y'inyubakwa yabo.


Insiguro zitari nke ziriko zirazunguruka zerekana ico ikimenyetso "Z" gisigura. Catanguye kwigaragaza ku mbuga hwaniro igihe ibifaru vy'Uburusiya vyanditseko "Z" bibonekeye biri mu nzira bitera bija muri Ukraine.
Mu ntango, abantu bibaza ko "Z" cari igiharuro "2" - cerekana igenekerezo rya 22 Ruhuhuma (02) 2022). Uwo ni wo musi Uburusiya bwatera igikumu ku masezerano "y'ubucuti, gufashanya, no gutabarana" n'uturere dushaka kwiyonkora turi mu buseruko bwa ukraine - Donetsk na Luhansk.
Ariko ubu bizwi ko iki kimenyetso ari gusa uburyo igisirikare c'Uburusiya kimenya ingabo zaco.
Mu ndwi iheze, abakurikiranye ikiganiro cacishijwe ku mboneshakure yegukira reta y'Uburusiya Channel One babwiwe ko urudome "Z" ari ikimenyetso cerekana ibikoresho vy'igisirikare c'Uburusiya.
Urubuga ngurukanabumenyi rw'aba kristu b'aba Orthodox Tsargrad rwabwiye abasomyi ko iki kimenyetso conyene gishobora "gutuma utaraswa na mugenzawe" kandi ko kidategerezwa "gufatanywa n'ikintu ico ari co cose".
Umukukuruke wo mu ngabo zidasanzwe z'Uburusiya Sergey Kuvykin yabwiye ikinyamakuru c'Uburusiya gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, Life, ko hari ibimenyetso bitandukanye vyerekana imirwi itandukanye y'igisirikare.
Ati: "Ibimenyetso nk'ibi birakoreshwa - urudome 'Z' ruri mw'ikwadarato, urudome 'Z' ruri mu muzingi, urudome 'Z' rufise inyenyeri canke 'Z' iri ukwa yonyene."
Avuga ko ibi bimenyetso vyafashije kumenya ko abasirikare bashobora kuba baburanye na bagenzi babo bari aho bategerezwa kuba bari.
Indege z'intambara z'Uburusiya ziguruka ku muvuduko munini cane ku buryo bigoye kubona ibi bimenyetso vyera nk'uko Liyetena-koroneri Tyson Wetzel - umuhinga mu ngabo zirwanira mu kirere akaba mu murwi w'abahinga bo mu Nama nkuru ya Atlantike - yabwibwiye ikinyamakuru gikorera ku rubunga ngurukanabumenyi Task and Purpose.
Ariko aremera ko ibimenyetso vy'urudome "Z" vyari "ingingo yo gufasha kugira ngo ntihagire abaraswa na benewabo".


Aglaya Snetkov wo muri UCL agabisha ko ikwirakwira ry'ikimenyetso "Z" ritatumwe n'imbuga hwaniro zonyene mu buryo giturumbuka.
"N'ubutegetsi bwarabigizemwo uruhara".
Umunyaporitike w'Uburusiya, Maria Butina, yakwiragije ireresi yerekana ingene ikimenyetso "Z" candikwa kw'ikoti y'akazi - nk'uko Snetkov abisigura - "rero urashobora kuja ku kazi ukacereka bose utarinze kuvuza induru".
Ariko Aglaya Snetkov avuga ko iki kimenyetso kidakwiye gufatwa nk'ikimenyetso c'ubutegetsi bw'igi-fascist. "Hari abantu benshi bagiye bigana uru rudome 'Z' baruhinduramwo ikimenyetso ca swastika [ca kimenyetso c'aba Nazi b'Abadagi kuri Hitler], ariko ibi bikorwa n'abantu bashaka gusubiza ubutegetsi inyuma".
Kandi hari n'ibindi bimenyetso bigenda vyibonekeza.
Urudoma "V" nk'akarorero ruraboneka mu butumwa bucishwa kuri konte y'igisata kijejwe kwivuna abansi c'Uburusiya ku rubuga rwa Istagram, hampande y'ibicapo vya "Z".
Hariho amajambo ndondasanamu. Umuntu arashobora kubona ahanditse ngo "Za PatsanoV", bisigura ngo "ivy'abahungu" - mu gihe hari ikindi kivuga ngo "Sila V pravde", twosigura mu kirundi ngo "inguvu ziri mu kuvuga ukuri".
Hari iyindi nsiguro ivuga ko izi ndome zibiri zishobora kuba ari impfunyapfunyo ya "vostok", bisigura ubuseruko, hamwe na "zapad", bisigura uburengero.
Ariko ku mbuga hwaniro, hari abavuga ko igisirikare ca Ukraine cemeza ko "Z" isigura "ingabo z'Uburusiya" - hanyuma "V" nayo igasigura "ingabo zirwanira mu mazi".


Isanamu yo hejuru: International Gymnastics Federation (FIG)










