Albert Gilmour, yavutse ku musirikare wa Amerika mu ntambara ya 2 y'isi, yabonanye n'umuryango wiwe

Albert Gilmour yakuze azi ko mushikiwe mukuru yari we nyina wiwe
Insiguro y'isanamu, Albert Gilmour yakuze azi ko mushikiwe mukuru yari we nyina wiwe

Igihe Albert Gilmour yarondera urupapuro rw'amavuka kugira yubake urwiwe, nyina wiwe yabanje kugira amakenga mu kurumuha.

Amaze kurufata mu minwe, rwamweretse ibinyegezwa umuryango wari wagize ibanga.

Akiri umwana, Albert ntaco yinona, ariko mu 1965, afise imyaka 21, niho yagiye kumenya ko uwo yita ko ari mushikiwe mukuru yari we nyina wiwe.

Ati: "Wari umururazi utoroshe kumira".

Adatahura ingene yarezwe na inakuru na sekuru, Albert yasavye insiguro kwa Ruby Gilmour - yitwa ko yari "mushikiwe" ariko akaba ari we yamuvyaye.

Igihe Albert yarondera urupapuro rw'amavuko ashaka gushinga urwiwe yatangajwe n'ukubona ko se wiwe atawariko
Insiguro y'isanamu, Igihe Albert yarondera urupapuro rw'amavuko ashaka gushinga urwiwe yatangajwe n'ukubona ko se wiwe atawariko

Yabajije amakuru ya se wiwe, kuko kuri urwo rupapuro nta zina ryariko - bikaba vyaramugoye gutahura ivyo yamubwira.

Albert yafashe izina rya se wiwe, Albert Carlow, yava ahitwa Calais, mu ntara ya Maine muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yari umwe mu basirikare ba Amerika bashika ibihumbi 300 bari bacumbitse muri Irlande ya Ruguru mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.

Albert Carlow na Ruby Gilmour bari babonanye mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose

Ahavuye isanamu, Albert Gilmour

Insiguro y'isanamu, Albert Carlow na Ruby Gilmour bari babonanye mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose

Ruby yari afise imyaka 17 igihe yabonana n'uyo musirikare yari asanzwe acumbitse hafi yo muhira iwe mu karere ka Eglinton, comté ya Londonderry.

Abavyeyi ba Albert Gilmour bagiye gutandukana mu mezi yanyuma y'umwaka wa 1944, igihe se wiwe yarungikwa kurwana intambara ya Normandie mu Bufaransa iri mu zatumye Hitler atsindwa.

Igihe Ruby yibaruka mu kwezi kw'icumi na rimwe, umwana wiwe yamuhaye izina rya se, akibaza ko yari yapfiriye muri iyo ntambara.

Igihe aronkeye ayo makuru, Albert yavuze ko yafashe "ibintu uko biri" mu cubahiro yari afitiye sekuru, inakuru na nyina wiwe.

Ariko, inyuma hafi y'imyaka 35, mu mpera z'imyaka ya 1990, umukobwa wa Albert Gilmour, Karen Cooke, yafashe ingingo y'ukurondera amamuko ya se wiwe, kiba igitangaro.

'Inkuru ibabaje'

Kuva akiri umwana, Karen yari yaramenye ko sekuru yari umusirikare wa Amerika.

Yarashoboye kumenya umwe muri ba inasenge ba Albert Gilmour afatiye ku vyo inakuru wiwe Ruby yibuka ku vyerekeye amamuko ya Albert Carlow inyuma y'imyaka 50.

Albert Carlow yari yavyandikiye umukunzi wiwe (Ruby) ku ga karato k'itabi.

Karen ati: "Agashimye nyamukuru nshobora guhereza dawe ni uko ndamufasha akabonana n'abasigaye mu muryango iwabo".

"Nico conyene nari nzi ko azi, ko yamuka muri Amerika".

Albert aremeza ko ubuzima bwiwe bwahindutse kubera ishaka ry'umukobwa, Karen.

Albert Gilmour

Ahavuye isanamu, Albert Gilmour

Insiguro y'isanamu, Albert Gilmour yatanguye kumenya ivyerekeye amamuko yiwe afise imyaka 21

Yagiye yumva inasenge wiwe amuhamagaye kuri telefone mw'ijoro hagati, amubwira inkuru ibabaje ko hari haciye imyaka 20 se wiwe apfuye.

Hagati aho, yararyohewe cane yumvise ko inakuru wiwe yari akiriho, kandi ko yari afise benewabo bandi babiri.

Inasenge wa Albert yaciye amwemerera ko amurungikira isanamu ya se wiwe.

Aravye iyo foto, vyaramutangaje abonye ingene yasa na se wiwe.

Albert Carlow na Albert Gilmour

Ahavuye isanamu, Albert Gilmour

Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Albert Carlow (i bubamfu) watangajwe n'ingene yasa na Albert Gilmour (i buryo)

Albert na Karen bajanye muri Amerika kubonana n'umuryango wiwe aho yavuze ko "ari nk'indoto zigiye mu ngiro".

Ati: "Si numva ivyo ari vyo. Bambwiye bati: ' Turazi ingene tukuraba, inyifato yawe, ingene usa, eka uri so wawe nyene'.

"Ntaco nari mfise mvuga, kuko ntaco nashobora kwerekana".

"Bose bari bazi uwo ndi. Niyumvise ko ndi muhira gusumba igihe bampa umuco kuri vyose".

Albert yabanje kubonana n'inkumbu nyishi na inakuru wiwe imbere y'uko ashika ku mva ya se wiwe.

Ati: "Imva yari yuzuyeko urubura, nkaba nategerezwa kurukubura kugira ngo nshobore kubona neza izina ryiwe. Numvise ndemurutswe. Nasubiye inyuma numva ko ntanguye ubuzima bushasha".

"Inyota yaraheze. Sinasubiye kwibaza ico ndi co".

Amaze gutaha, yashitse yereka Ruby (nyina wiwe) isanamu ya se wiwe.

Albert ati: "Yararize arababara cane, ntivyamworoheye kwihangana".

"Yambwiye ko yari umuntu yari afise indero, ameze neza, kandi ko bari bamerewe neza".

"Bompi barababaye cane igihe batandukana. Ntibasubiye kubonana".

Albert na inakuru wiwe Belle Carlow yari afise imyaka irenga 90 igihe babonana

Ahavuye isanamu, Albert Gilmour

Insiguro y'isanamu, Albert na inakuru wiwe Belle Carlow yari afise imyaka irenga 90 igihe babonana

Albert asigura ko se wiwe atasubiye kuraba umukunzi wiwe nk'uko yari yabimwemereye, kuko yaciye arungikwa muri Afrika avanywe mu Bufaransa, imbere y'uko arungikwa mu gihugu ciwe intambara iheze.

Ariko mu buzima bwiwe bwose yaragumanye amafaranga yakuye muri Irlande ya Ruguru.

Albert avuga ko yasubiye kuganira na nyina wiwe n'inkumbu nyinshi imbere y'uko asandaba.

"Yamfashe ukuboko avuga ati: 'Ndababaye, ndazi ko nakwononeye igice c'ubuzima bwawe'".

"Namwishuye nti: 'Nta mpamvu y'uko ubababara'."

Mu gihe yimirije guhimbaza imyaka 75 y'amavuko, Albert Gilmour avuga ko yari yipfuje gushikiriza ivyerekeye ubuzima bwiwe bwite ku ncuro ya mbere.

Yibaza ko hariho n'abandi benshi "bafise ba se b'abasirikare ba Amerika" nka we ariko "badafise iyo baja canke bigora kuvuga".

Ati: "Vyose vyagumijwe mw'ibanga imyaka yose. Ibanga bararigumije cane kandi nta n'umwe yambwiye ikintu na kimwe".

"Iyo wavutse nk'igitwarire, ni nk'uko uba utabaho. Bamwe babayeko uko ubuzima bwabo bwose barinda bapfa bataronse amahirwe nk'ayo naronse".

"Ndizeye ko aya makuru atazozimangana".