Ukraine-Africa: Abanya-Africa bagotewe Sumy bayonza ibarafu kugira banywe amazi

Sumy city has been left without water and electricity

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisagara ca Sumy nta matara n'amazi gifise

Abanya-Nigeria, abanya-Ghana n'aba-Somali bari mu banyeshure amajana n'amajana b'abanyamahanga bagotewe mu gisagara ca Ukraine ca Sumy kiri mu buraruko bushira uburengero kimaze iminsi ibiri kiriko kirasukirwako ibisasu n'ingabo z'Uburusiya.

Nta biribwa biri mu masoko, imashini zitanga amafaranga ntizikora, none ubu abanyeshure bayonza ibarafu ryatewe n'ubukonje kugira banywe amazi yaryo kuko ata mazi akiboneka mu mazu.

Umunyeshure w'umuhindi, Vipin Yadav, ari muri abo bagotewe muri ico gisagara, avuga ko abanyeshure b'abanyamahanga bashika 1.300 aribo bagoswe - harimwo abaturuka muri Bangladesh, Pakistan na Turkia.

Avugira kuri terefone, Yadav yabwiye umunyamakuru wa BBC Danny Aeberhard ko haheze iminsi ine canke itanu ata kintu co kurya kihari.

Ibihugu vya Nigeria na Ghana bimaze iminsi biriko biratahana abanyagihugu bavyo bari muri Ukraine. Umugwi wa mbere washitse ku ndwi iheze.

Abanyeshure 1.000 b'abanya-Ghana bahora biga muri Ukraine gushika aho Uburusiya butereye ico gihugu.

Tanzania yarondereye inzira abayo

Zuma na Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jacob Zuma avuga ko Putin ari "umuntu w'amahoro"

Gushika ubu Ghana imaze kugira incuro zibiri itahukana abayo. Nigeria yitezwe gutahukana abayo 5.000 bajabutse bava muri Ukraine bakaja mu bihugu bibanyi vya Roumania, Pologne.

Tanzania yumvikanye n'Uburusiya guha inzira abanyeshure bayo biga kuri kaminuza ya Kharkiv muri Ukraine, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru aho muri Tanzania.

Ikinyamakuru cigenga Mwananchi candika ko ubuserukizi bwa Tanzania i Moscou bwasavye abanyeshure bayo biga kuri kaminuza ya Sumy muri Ukraine gutumbera urubibe rw'Uburusiya.

Mwananchi kivuga ko itangazo ry'ubuserukizi bwa Tanzania busaba abanyeshure kuja Sudja aho bazokwakirwa n'ingabo z'Uburusiya.

Abacangero b'abanya-Nigeria

Ikinyamakuru kibandanya candika ko iryo tangazo rivuvga riti: "Kuva Sudja ingabo z'Uburusiya zizoca zibajana i Belgorod [mu Burusiya] aho bazoca bakirwa n'abaserukira Tanzania basanzwe bakorera Moscou kugira babafashe gusubira muri Tanzania.

Ntivyashotse bimenyekana neza igitigiri c'abanyeshure b'aba-tanzania biga muri Sumy ingene bangana. Ikinyamakuru Mwananchi candika ko abanyehure b'aba-Tanzania bashika 400 bahora biga Odesa na 200 biga Kyiv bamaze kuva muri Ukraine.

Hagati aho Nigeria yamenyesheje ko itazokwemerera abanyagihugu bayo kwiyandikisha ngo baje kurwana muri Ukraine.

Ivyo bibaye inyuma y'ibivugwa ko hari abariko bariyandikisha muri ico gihugu ku gushaka kwabo ngo baje kurwana muri Ukraine.

Ubushikiranganji bwa Nigeria bujejwe imigenderanire bwavuze ko ubuserukizi bwa Ukraine muri ico gihugu bwahakanye kuba hari ruhara bubifisemwo.

Ariko bwemeje ko ko hari abanya-Nigeria babubwiye ko bafise ubushake bwo kuja kurwana, nk'uko bivugwa n'itangazo ry'ubwo bushikiranganji.

Ubwo buserukizi bwahakanye kandi ibivugwa ko busaba $1.000 (igihumbi c'amadorari) ku munya-Nigeria abishaka yo kugura itike na visa.

Umuvugizi w'ubushikiranganji yavuze ati: "Nigeria iranka ikoreshwa ry'abacangero ahari ho hose kw'isi, gutyo rero ntizokwemera ko haba gukoka muri Nigeria, abanya-Nigeria bashaka kuja kuba abacangero muri Ukraine canke ahandi aho ari ho hose kw'isi.

Ivyo bishitse no muri Senegal reta yaheruka kugabisha abo bose bashaka kwiyandikisha ngo baje kurwana muri Ukraine.

Yanaciye isaba uwuserukira Ukraine muri ico gihugu kuvana kuri Facebook itangazo ryasaba abanya-Senegal babishaka kwiyandikisha ngo baje kurwana.

Putin "n'umuntu w'amahoro"- Jacob Zuma

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Jacob Zuma yashigikiye Vladmir Putin mu gitero yagavye kuri Ukraine, avuga ko ari "umuntu w'amahoro."

Aho ni mu gihe kubera ico gitero, ibihugu vya Buraya vyafatiye Uburusiya ibihano bitandukanye birimwo gufatira amatungo ya Putin.

Ariko Zuma avuga ko ingingo ya Putin "yumvikana", nk'uko biri mw'itangazo ry'ikigo yashinze.

Rivuga riti: "Twese dukeneye amahoro kuri iyi si. Nico gituma twashaka guhimiriza abo bose babifisemwo uruhara kugarukana amahoro vuba hashoboka kugira ubuzima ntibubandanye kuhasigara."

Zuma yavuye ku butegetsi mu 2018 ahaswe n'umugambwe wiwe African National Congress (ANC) kubera ibiturire yavugwako. We gushika ubu arahakana ko ata caha yakoze.