Kubera iki ingabo za France ziriko zirava muri Mali, bishobora gusigura iki ku karere ka Sahel?

Baturira ibendera ry'Ubufaransa mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yatangaje ko agiye gutahukana ingabo z'Ubufaransa mu gihugu ca Mali kiri mu burengero bwa Afrika, aho zari zimaze igihe zirwanya inyeshamba ziyitirira Islam kuva mu 2013.

Muri Mali no mu bihugu vy'akarere biyikikije, hari abasirikare 5000 b'Ubufaransa barwanya imirwi nka al-Qaeda na Etat Islamique/Islamic State (IS).

Ariko muri ino myaka umunani yose, reta n'abanyagihugu ba Mali ntibigeze babona ryiza izi ngabo z'Ubufaransa.

Imirwi y'iterabwoba yifashe gute muri Mali no mu karere ka Sahel?

Iyi mirwi yompi Etat Islamique na al-Qaeda yarafashe ingingo yo kurwanira cane muri aka karere ka Sahel ka Afrika, inyuma yo gutuzwa mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati.

Sahel ni akarere karangwamwo uruzuba kari hasi gato y'ubugaragwa bwa Sahara, buva mu buseruko bugashika mu burengero. Gasangiwe n'ibihugu vya Tchad, Niger, Mali, Burkina Faso na Mauritania.

IS na JNIM yegukira al-Qaeda yompi ragisibije mu karere ka Sahel aho iriko irondera kwigarurira ubutegetsi
Insiguro y'isanamu, IS na JNIM yegukira al-Qaeda yompi ragisibije mu karere ka Sahel aho iriko irondera kwigarurira ubutegetsi

Umuhari Islamic State in the Greater Sahara (ISGS) n'uwundi uzwi nka Jamaat Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM) wegamiye al-Qaeda imaze igihe ikora ibitero vy'iterabwoba mu karere bimaze guhitana ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu, abandi baharurwa mu bihumbi mirongo barata izabo, amashure nayo nyene aharurwa mu bihumbi arugarwa.

Hariho iyindi mirwi ibiri nayo nyene igisibije muri Sahel, iyi nayo ikaba izwi nka Ansaroul Islam na Boko Haram.

Kubera iki Ubufaransa bwafashe iya mbere?

Mu 2013, Ubufaransa bwararungitse abasirikare 5000 muri Mali gufasha reta y'iki gihugu yari ihanganye bikomeye n'inyeshamba.

Inyuma y'aho Perezida wa Libya Muammar Gaddafi yomorewe ku butegetsi mbere agahava yicwa, abacangero b'aba Tuareg bari bagiye kumufasha baciye basubira mu gihugu cabo ca Mali bafise intego yo kurwanira ukwikukira kw'akarere ko mu buraruko (amajyaruguru mu kinyarwanda) bw'igihugu.

Bifashishije ibirwanisho vya Gaddafi, baciye bunga ubucuti n'umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vya Islam wa al-Qaeda ari nawo waciye ubafata mu mugongo. Iri hamwe yompi, yarigaruriye uburaruko mbere ica igabisha ko yari kwigarurira igihugu cose.

Mali ni igihugu cahoze gitwarwa gikoloni n'ubufaransa gushika mu 1960. Reta y'Ubufaransa yavuze ko yashaka gukingira abanyagihugu ba Mali hamwe n'abafaransa 6000 baba muri iki gihugu.

Ingabo z'Ubufaransa ziri mu rugamba rwiswe Operation Barkhane rwo kurwanya inyeshamba muri Sahel

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Ubufaransa ziri mu rugamba rwiswe Operation Barkhane rwo kurwanya inyeshamba muri Sahel

Muri aba basirikare, 2400 barungitswe mu buraruko bwa Mali, mu gihe abandi babandanije bakoresha za kajugujugu na za ndege zitagira abadereva (drones) mu guhiga inyeshamba ziyitirira Islam mu bihugu vya Mali, Tchad, Niger, Burkina Faso na Mauritania.

Hari kandi ingabo za ONU 14000 zarungitswe kugarukana amahoro mu karere zisanzwe zikorana n'ingabo z'ibihugu, zikizura akarere kose k'ubugaragwa muri Sahel.

Kubera iki abafaransa bagenda biyamirizwa?

Ingabo z'Ubufaransa zarakirijwe yompi igihe zishika ubwa mbere muri Mali, haciye imyaka icenda, ariko imigenderanire yagiye itosekara.

Ibitero vy'iterabwoba vyagiye vyiyongera muri ico gihugu, ibi bigasigura ko igitigiri c'abanya Mali binjiye muri iyo mirwi naco nyene ciyongereye. Mu myaka icenda iheze, ibitero vy'izi nyeshamba ziyitirira Islam vyarakwiye mu bindi bihugu nka Burkina Faso na Niger, aho izi nyeshamba zagiye zikora ibitero zivuye ku birindiro vyazo mu bugaragwa bwa Sahara.

Abanyagihugu benshi babona ko Ubufaransa, nk'igihugu gikomeye gisirikare, bwategerezwa kuba bwatoreye umuti iki kibazo c'iterabwoba, bakabona ko bukwiye kubabisira nimba bwarananiwe. Hari mbere bamwe babona ko irungikwa ry'ingabo zabwo muri ico gihugu cahoze gitwarwa gikoloni n'Ubufaransa zarungitswe ngo "zicigarurire".

Kuva abasirikare 55 b'Ubufaransa bishwe mu rugamba rwiswe Operation Barkhane, no mu Bufaransa ntibishimiye ibiriko birakorwa muri ico gihugu.

Harabaye imyiyerekano y'urutavanako muri Mali biyamiriza ingabo z'Ubufaransa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Harabaye imyiyerekano y'urutavanako muri Mali biyamiriza ingabo z'Ubufaransa

Hari kandi n'impari hagati ya reta y'Ubufaransa n'igisirikare ca Mali cigaruriye ubutegetsi mu kwa munani 2020 - aho ubutegetsi bwa gisivire bwari butembagajwe ku ncuro igira kabiri mu myaka umunani.

Akarwi k'abasirikare kafashe ubutegetsi karanse gutegura amatora yari ategekanijwe muri uku kwa kabiri mbere gaca gatangaza ko kazoguma ku butgetsi gushika mu 2025. Igihe uwuserukira Ubufaransa yiyamiriza iyi ngingo, yaciye yirukanwa.

Perezida Macron yavize ati: "Ntidushobora kubandanya ibikorwa vya gisirikare dukorana n'aba bategetsi bafise integuro n'imigambi itazwi tudahuriyeko".

Ubufaransa bwaranse kugiriranira ibiganiro vy'amahoro n'imihari yiyitirira Islam, mu gihe abanya Mali benshi ari vyo bipfuza.

Ubufaransa kandi bwarashavujwe n'ingingo y'abategetsi ba gisirikare yo kuzana abacangero bo mw'ikompanyi y'Uburusiya ya Wagner kugira bafashe kurwanya izi nyeshamba z'iyitirira Islam.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubufaransa Florence Parly avuga ati "ntidushobora kubana n'abacangero".

None ubu ibintu bimeze gute?

Ingabo z'Ubufaransa ziri muri Operation Barkhane zigiye gutahukanwa mu mezi ane gushika kuri atandatu ari imbere.

Ubufaransa buzorungika ingabo mu bindi bihugu vya Sahel ziri kumwe n'izindi z'ibihugu vya Bulayi ziri mu gikorwa ca gisirikare ciswe Takuba Task Force. Ibihugu vyarngitse ingabo muri iki gikorwa bigiye gushira ahabona integuro z 'ingene bigiye gukorera mu karere muri kazoza.

Ibihugu bibanyi vya Mali bifise ubwoba ko ivanwa ry'ingabo muri Mali rishobora guhungabanya akarere gusumba. Umukuru w'igihugu ca Côte d'Ivoire Alassane Ouattara agabisha ko iyi ngingo ishobora gutuma haba igihengeri mu vya poritike.

Ati: "Bizoba ngombwa ko twongereza igitigiri c'ingabo hamwe n'ibikorwa vyo gucungera imbibe zacu".

Umukuru w'igihugu ca Ghana Nana Akufo-Addo asaba ONU ko yogumiza ingabo zayo muri Mali n'aho Ubufaransa bwafashe ingingo yo kuvayo.

Abacangero b'umurwi Wagner bakirijwe yompi na bamwe mu ba nya Mali babona ko uyu murwi utegamiye uruhande na rumwe mu vya poritike. Hagati aho,ibihugu bitari bike vy'Uburengero bawufitiye amakenga mu gihe bagiriza reta y'Uburusiya ko ari yo yawufashije kuja muri Mali.

Wagner imaze igihe ikorera mu bindi bihugu bitari bike vya Afrika, harimwo Mozambike, Sudan na Centrafrique. Uragirizwa kandi n'ivyaha vyo mu ntambara muri Libya.