Mali: Ibihugu vyo mu burengero biriyamiriza irungikwa ry'abacangero b'Abarusiya ba Wagner

Ubufaransa n'ibindi bihugu 14 bigenzi vyabwo ku mugabane wa Bulaya hamwe na Canada biriyamiriza ico vyita irungikwa ry'abacangero b'Abarusiya muri Mali.
Ibi bihugu bivuga ko ibi "bishobora gutuma umutekano uhungabana gusumba mu karere ka Afrika y'Uburengero", gahanganye n'imirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam.
Ibi bihugu vyo mu burengero vyagiriza reta y'Uburusiya ko ari yo itanga uburyo bwo kurungika aba bacangero b'umurwi Wagner.
Uburusiya burahakana ko ata migenderanire bufitaniye n'uyu murwi wa gisirikare ukorera mu rufuri.
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya riherutse gufatira ibihano umurwi Wagner, rikawagiriza ko ufise uruhara mu bikorwa bibi vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.
Uyu murwi karuhariwe ukorera mu kinyegero watanguye kumenyekana ubwa mbere mu 2014, igihe yarwana ku ruhande rw'abashaka kwiyonkora bafashwe mu mugongo n'Uburusiya mu ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine. Kuva ico gihe, warakoreye cane mu bihugu vya Syria, Mozambike, Sudan, Libya na Centrafrique.
Mw'itangazo vyaraye bisohoye, ibi bihugu vyo mu burengero bigabisha ko irungikwa ry'abacangero ba Wagner rishobora gutuma "ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri Mali rishobora kurenga inkombe, kandi ko rishobora guta mu kaga amasezerano y'amahoro n'ugusubiza hamwe" muri ico gihugu gisinzikajwe n'intambara.
Bivuga kandi ko "bibabajwe cane" n'ukuntu abategetsi ba Mali bahisemwo "gukoresha uburyo bw'igihugu busanzwe bukenye cane" mu guhemba abacangero mvamahanga hagufata mu mugongo ingabo z'igihugu.
Iri tangazo ryasohowe n'ibihugu vy'Ububiligi, Canada, République Tchèque, Danemark, Estonie, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Lituanie, Ubuholande, Norvège, Portugal, Roumanie , Suède n'Ubwongereza.
Gushika ubu, nta kintu na kimwe cerekana ko Mali igiye gukorana na Wagner, nk'uko abategetsi ba Mali baherutse kubibwira BBC, ko "ata masezerano ari hagari ya Mali na Wagner".

Ahavuye isanamu, AFP
Ubufaransa - igihugu cahoze gitwara Mali muri vya bihe vy'ubukoloni - buherutse gukura ingabo za nyuma mu buraruko bwa Mali muri wa mugambi wo gukura ingabo zabwo zari zarungitswe mu karere ka Sahel kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Gushika ubu, Mali ntaco iratangaza kuri ibi bivugwa n'ibi bihugu vyo mu burengero.











