Centrafrique: Abatavuga rumwe na reta basaba abagwanyi b'abarusiya gukura meza

Urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta muri Centrafrique ruhamagarira imigwi y'abagwanyi b'abarusiya iri muri ico gihugu gukura meza.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta muri Centrafrique ruhamagarira imigwi y'abagwanyi b'abarusiya iri muri ico gihugu gukura meza.

Urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta muri Centrafrique ruhamagarira imigwi y'abagwanyi b'abarusiya iri muri ico gihugu gukura meza.

Ako kamo gatewe inyuma y'inkuru zivuga ko iyo migwi y'abagwanyi yigenga yishe abantu cumi ikanaturira inzu 50 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Centrafrique.

Muri iyi myaka mike iheze, abagwanyi b'abarusiya bigenda barakoze mu gihugu ca Centrafrique, batanga inyigisho ku basirikare b'ico gihugu - babisabwe na reta.

Abo bagwanyi bakoreshwa na kompanyi yitwa Wagner Group, ishirwa mu majwi ko ifise aho ihurira na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin.

Abagwanyi ba Wagner bagenda bagira uruhara mu migwano myinshi, ubu vugaba bakaba baherutse kwagirizwa kugira uruhara mu gitero co mu buraruko bushira ubuseruko mu gisagara ca Haute - Kotto.

Inkuru zivuga ko bishe abanyagihugu 10 banaturira inzu 50 inyuma yo kubabaza ahinyegeje abitwaje ibigwanisho barwanya reta.

Amajwi yo gusaba reta ya Centrafrique kwirukana kompanyi ya Wagner Group abandanya kwongerekana, haba ku bahinga ba Onu bajejwe agateka ka zina muntu no ku runani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta, rwasavye ku mugaragaro ko iyo kompanyi ikura meza muri ico gihugu.

Mu ndwi iheze, ibinyamakuru vyo muri Centrafrique vyavuze ko abasirikare b'Urwanda - abariyo ku mwumvikano w'ivyo bihugu bibiri - bavuze ko batazosubira guhurira mu bikorwa vya gisirikare n'abacangero b'abarusiya ba Wagner.

Ariko igisirikare c''Urwanda nticigeze cemerera canke ngo gihakanire BBC ayo makuru.

Abagwanyi ba Wagner b'abarusiya hamwe n'abasirikare b'Urwanda, bari muri Centrafrique ku masezerano atandukanye, ariko bakaba bahuriye ku gukingira ubutegetsi bwa prezida Touadera, bwari bugeramiwe n'abagwanyi bashigikiwe na Francois Bozize mu mezi aheze.