Wagner: Kubera iki EU/UE ibabajwe n'uyu murwi w'abacangero ba Russia muri Centrafrique?

Ahavuye isanamu, AFP
Muri ino ndwi, ishirahamwe ryUbumwe bwa Bulaya (UE/EU) ryarafatiye ibihano Wagner, umurwi w'abacangero b'Abarusiya wagirizwa ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri Centrafrique n'ahandi.
UE ivuga ko itazosubira guha ivyigwa vya gisirikare ingabo za Centrafrique kubera zifitaniye ubucuti na Wagner.
Muri Afrika, abarwanyi bayo bafise uruhara muri Libya, Sudan na Mozambique, kandi biragaragara ko no muri Mali basa n'abagiye gukorerayo.
Kubera iki umurwi Wagner muri Centrafrique?
Izi nyeshamba ziri muri ico gihugu gufata mu mugongo Perezida Faustin-Archange Touadéra mu kurwanya inyeshamba zisanzwe zigenzura uturere turari duke tw'ico gihugu n'aho mu misi iheze ingabo za reta zateye intambwe.
Iki gihugu kiri mu ndyane kuva reta ya Perezida François Bozizé itembagajwe mu 2013. Kuva ashitse ku butegetsi mu matora ya 2016, Perezida Touadéra ahanganye n'inyeshamba n'aho afashwe mu mugongo n'ingabo z'Ubufaransa n'iza ONU.
Reta ya Centrafrique yemeza ko abacangero b'Abarusiya ari bo bakora gusumba.
Wagner izwi ko yatanguye gukorera muri Centrafrique kuva mu 2017, inyuma y'aho Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano yemereye Uburusiya kuja gutangayo inyigisho za gisirikare, ikongera igakuraho ibihano vyo mu 2013 ku bijanye no kwinjiza ibirwanisho muri ico gihugu.
Mu kw'icumi 2017, Perezida Touadéra yaragendeye Uburusiya mu ntumbero yo gutera igikumu ku masezerano atari make na reta y'Uburusiya.
Muri aya masezerano harimwo imfashanyo ya gisirikare, maze Centrafrique nayo ikemerera Uburusiya gucukura ubutare bwa diamant/diamond, inzahabu na uranium.
ONU kandi yaremereye Uburusiya ko bworungika abigisha ba gisirikare 175 kugira bigishe igisirikare c'ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'aho Uburusiya buhakana, hariho ibirego, harimwo n'ibivugwa n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, ko hari isano hagati ya Wgner na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya).
Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko iri sano ryatumye abarwanyi b'uyu murwi wa gisirikare batangura gukorera muri Centrafrique inyuma y'aho amasezerano iki gihugu cagiriraniye n'Uburusiya atereweko igikumu.
Kuva ico gihe, uyo murwi waciye winjira ku bwinshi muri ico gihugu gitunze ubutare bwinshi.
Reta y'Uburusiya ivuga ko yarungitse abigisha ba gisirikare badafise ibirwanisho muri Centrafrique, kandi ko ata gihe na kimwe bigeze barenga 550.
Hagati aho, abahinga ba ONU, bemeza ko Uburusiya bushobora kuba bwarungitse muri Centrafrique abigisha barenga 2000, harimwo n'abavuye muri Syria na Libya, aho Wagner isanzwe ikorera.
Ibi biteye impungenge zidasanzwe ONU n'Ubufaransa, vyompi vyagirije uyu murwi gukokeza indyane mu guhonyanga agateka ka zina muntu n'ubwicanyi ndengerabutungane ku biketswe ko ari inyeshamba.
None uyu murwi wa Wagner wagirizwa iki neza na neza?
ONU hamwe n'Ubufaransa bivuga ko abarwanyi ba Wagner, co kimwe n'ingabo za reta, bafata ku nguvu, bakanyaga urukombamazi abasivire badafise ibirwanisho mu turere two mu misozi.
Mu cegeranyo co mu kwa munani ku bijanye n'ihohotera ry'agateka ka zina muntu muri Centrafrique, ishirahamwe ONU ryaharuye ubukozi bw'ikibi burenga 500 bwakozwe mu mwaka umwe, kuva mu kw'indwi 2020. Muri bwo harimwo ubwicanyi ndengerabutungane, iyicarubozo n'ihohotera rishingiye ku gitsina.

Mu kw'icumi, umurwi w'abahinga ba ONU wavuze ko abahagaritswe n'aba bigisha b'Abarusiya hamwe n'igisirikare c'igihugu akenshi ata burenganzira bahabwa bwo kuburana. Bavuga ko abakorewe ayo mabi batubahuka kwitwara, ibi bigasigura ko aya mabi yabandanije ata camira.
Mu ntango z'uko kwezi nyene, umushikiranganji w'ubutungane wa Centrafrique, Arnaud Abazene, yaremeye, ku ncuro ya mbere, ko hari ihohoterwa ryakozwe "n'abigisha b'Abarusiya".
N'aho yavuze ko menshi muri aya mabi yakozwe n'inyeshamba, bwari bwo bwa mbere reta yemeye ko hari amabi yakozwe n'ingabo zayo n'abo bafatanije ibikorwa.
Umushikiranganji Abazene yavuze kandi ko abigisha b'Abasuriya barungitswe mu gihugu iwabo kugira ngo barengutswe imbere y'ubutungane.
Kubera iki ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya ryahagurutse?
Umuvugizi w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya Nabila Massrali yabwiye BBC ko iri shirahamwe ribandanya guterwa impungenge n'ibikorwa vy'umurwi Wagner. Hampande ya Centrafrique, ONU iragiriza kandi Wagner ivyaha vyo mu ntambara muri Libya.
Itohoza ryakozwe na BBC ryerekana ko abarwanyi ba Wagner bishe abasivire n'abanyororo muri Libya, bongera batega n'ibisasu bitamenyekana.
Massrali ati: "Amategeko abagenga ntatomoye, co kimwe n'intumbero yabo".
"Biragaragara ko bigoye kuzibira no gukurikirana abashobora kuba bakora ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'amategeko mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu mu bihe nk'ibi bidatomoye".
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya bwashaka gushimangira ko budakorana n'abacangero ba Wagner.
Ubu ryahagaritse inyigisho za gisirikare muri Centrafrique kubera rifise amakenga ko abo bacangero bakoresha ingabo zigishijwe n'Ubumwe bwa Bulaya.
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya ni rimwe mu mashirahamwe atanga imfashanyo nyinshi zo kugarukira ku banyagihugu bari mu ngorane muri Centrafrique, gushika ubu rikaba rimaze gutanga izirenga ku miriyaridi 1.4 kuva mu 2014.
Hari isano nyabaki hagati ya Wagner na reta y'Uburusiya?
Abategetsi bavuga ko ata sano na rimwe rihari n'uyu murwi. Ariko vyikekwa ko hari ubucuti bwa hafi cane.
Umwe mu bafatiwe ibihano n'Ubumwe bwa Bulaya ni Valery Zakharov yahoze akorera igisata kijejwe umutekano w'igihugu, yahoze kandi ari umuhanuzi wa Perezida Touadéra mu vyo umutekano.
Nk'uko EU ibivuga, Zakharov ni "umutegetsi akomeye mu ntwazangabo z'umurwi Wagner kandi ko abandanya afitaniye ubucuti bwa hafi cane n'abategetsi b'Uburusiya".
Wagner yagiye kumenyekana cane mu 2014, igihe yarwana ku ruhande rw'abashaka kwiyonkora bafashwe mu mugongo n'Uburusiya mu ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine. Kuva ico gihe, uyo murwi warakoreye cane mu burasirazuba bwo hagati, co kimwe no muri Centrafrique hamwe no muri Afrika y'Ubumanuko.
Uzwi ko uhabwa uburyo na Yevgeny Prigozhin, umurwizatunga afitaniye ubucuti na Perezida Vladimir Putin. Prigozhin abandanya ahakana ko ata bucuti na bumwe afitaniye na Wagner.
Reta y'Uburusiya kandi irahakana ko reta yabwo ata ruhara ifise muri uyo murwi kandi ikabandanya ivuga ko amategeko y'igihugu atemera uyu murwi kubera imirwi ya gisirikare y'abikorera ku giti cabo itemewe n'amategeko mu Burusiya.
Ni hehe handi Wagner yoba ikorera muri Afrika?
Hampande ya Libya, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya rivuga kandi ko abacangero ba Wagner bakorera muri Sudan na Mozambique.
Muri Sudan, bazwi ko bafise uruhara mu kwigisha no gucungera abategetsi n'ibigo bicukurwamwo ubutare.
Muri Mozambique, Wagner irafasha igisirikare kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam mu buraruko bw'iki gihugu.
Ubu bwa vuba, Mali, incuti ya kera y'ibihugu vyo mu Burengero bw'isi mu kurwanya abarwanyi biyitirira idini rya Islam mu karere ka Sahel, yaratangaje ko ishaka guha akazi abarwanyi ba Wagner bababa 1000 kugira bayifashe gucungera umutekano. Iyi ni ingingo yaje ikurikira itangazo ry'Ubufaransa bwavuga ko bwari bugiye kuvana igice c'ingabo zabwo muri ico gihugu zababa 5000.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zitewe "impungenge" n'integuro yo kurungika abarwanyi ba Wagner muri Mali. Zavuze ko aba bacangero bashobora guhungabanya akarere mu gihe boramuka barungitsweyo.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Mali, Abdoulaye Diop ,yavuze ko ingabo mpuzamakungu zarungitswe muri ico gihugu ataco zashitseko, ko rero igihugu categerezwa kuronderera ahandi.
Irungikwa ry'ingabo za Wagner muri Mali ryibutsa benshi mu bihweza ibintu n'ibindi ingene uyu murwi watanguye gukorera muri Centrafrique.












