Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Novak Djokovic: Singwanya kwicandagisha ariko nemeye guheba ibikombe haguhatirwa kwiteza urucanco
Novak Djokovic avuga ko yopfuma aheba gukinira ibikombe vyo muri kazoza haguhatirwa kwiteza urucanco rwa Covid -19.
Mu kiganiro cihariye na BBC, yavuze ko ataho ahuriye n'abagwanya incanco, ariko ko ashigikiye uburenganzira bw'umuntu bwo guhitamwo ico ashaka.
Djokovic yabajijwe niba yohitamwo guheba amahiganwa nka Wimbledon na French Open haguheba aho ahagaze ku vyerekeye incanco.
Nawe ati : "Ego, ico nico kiguzi niteguriye kuriha."
Uwo mukinyi amaze gutsinda Grand Slam incuro 20 yarirukanywe muri Australia mu kwezi guheze reta y'ico gihugu imaze gufuta visa yiwe ku mpari zijanye no kuba aticandagishije.
Djokovic, asanzwe ariwe wa mbere kw'isi muri tennis y'abagabo, avuga ko yari yarasonse uruhusha rudasansazwe rwo kwinjira muri ico gihugu gukina mw'ihiganwa rya Australian Open kubera yari amaze iminsi aheruka gukira Covid-19.
Ariko umushikiranganji wa Australia ajejwe abasohoka n'abinjira , Alex Hawke, ubwiwe yaciye afuta visa y'uwo mukinyi w'imyaka 34, ku mvo z'uko kuba ari muri Australia vyari gushobora "kugumura" bigaha intege agatima ko kugwanya incanco.
Yabwiye BBC ati "Sinigeze ngwanya incanco", yemeza ko yatewe incanco akiri umwana, "ariko namye nshigikira uburenganzira bwo guhitamwo ico ushira mu mubiri wawe."
Mu kiganiro caciye irya n'ino ibibazo vyinshi, ica mbere kuva apfungiwe i Melbourne muri Nzero (ukwa 1), Djokovic yisiguye ku bijanyue n'igihe yatorwa ko yanduye umugera wa corona muri Kigarama (ukwa 12) hamwe n'ingene abona incanco.
Djokovic yavuze ko yizeye ko ingingo zijanye n'ukwicandagisha ku mahiganwa amwe amwe zizohinduka, anavuga ko yizeye ko "ashobora kuzokina iyindi myaka myinshi".
Ariko yanemeje kandi ko yiteguriye guheba amahirwe yo kuba umugabo wa mbere w'ibihe vyose muri tennis kubera uko yumva ibintu.
Umukeba wa Djokovic, Rafael Nadal, amaze gutahukana intsinzi 21 za Grand Slam, gutyo akaba ariwe mugabo wa mbere afise intsinzi nyinshi za wenyene kurusha abandi bose.
Abajijwe igituma, yishuye ati: "Kubera ica ngenderwako mu gufata ingingo ku vyerekeye umubiri wanje kirakomeye kuruta igikombe canke ikindi kintu ico arico cose. Jewe ngerageza gukurikiza ivyo umubiri wanje ushaka uko bishoboka kwose."
Djokovic yavuze ko yamye ari umuntu ashira imbere "kumererwa neza, amagara, kurya neza," kandi ko ingingo yiwe ku ruhande rumwe yatumwe n'ingaruka nziza ibintu bimwe bimwe nko guhindura ingene arya n'ingene aryama, vyagize ku bushobozi bwiwe nk'umunonotsi.
Avuga ko aguma "ari maso" ku bijanye no gushobora kuzokwicandagisha muri kazoza "kuko turiko turagerageza gutora, twese hamwe, inyishu nziza ishoboka yo kurangiza Covid".
"Sinigeze ngwanya kwicandagisha. Ndatahura ko, kw'isi yose, abantu bose bariko baragerageza gushira inguvu mu kurwanya uwo mugera, kandi bizeye ko ugiye kurangira vuba."
Ikindi ashaka kumenya ni iki?
Umwihwezo w'umunyamakuru Fergus Walsh
Incanco (doses) zirenga miriyaridi 10 za Covid ziramaze guterwa kandi abantu hafi batandatu kuri 10 kw'isi yose baramaze kuronka nibura rumwe.
N'ukuvuga ko hari amakuru menshi. Nko ku yindi miti myinshi, incanco za Covid zirashobora kugira ingaruka, ariko integuro yazo ku mutekano ni nziza cane. Zimaze gukiza ubuzima bw'abantu badaharurwa, zakingiye abantu kurwara bakaremba, kandi zishobora kubuza kurwara Covid igihe kirekire.
Izi ncanco zakozwe mu mwanya muto cane, ubundi gukora urucanco bikunze guteba kubera ibibazo vyo kuronka uburyo. Abahinga bagize uruhara mu kugerageza incanco za Covid, hamwe n'inzego zijejwe kuzemeza, bavuga ko ataco birengangije mu bijanye n'umutekano wazo.
Hari ingaruka zishika gake cane zibonekeje hagitangura gutangwa izo ncanco ku bantu ama miriyoni, ari naco gituma abagenzura bama bariko barabikurikirana indwi ku ndwi.
Biragoye kumenya ibindi Djokovic akeneye canke yifuza kumenya. Avuga ko adafise amakuru akwiye ku "rucanco" nk'uko umenga hari rumwe gusa. Hari nyinshi. Nk'umunonotsi, ivyago vyo kurwara Covid ni bike. Ariko ntibingana n'ubusa. Kanatsinda amaze kuyirwara kabiri.
Uruhusha rudasanzwe rwo kwemererwa kwinjira muri Australia kandi aticandagishije rwasabwe hatavuzwe uwurusavye uwari we, kandi rwemewe n'imigwi y'inzego zibiri zigenga zo muri Australia.
Ariko hari n'urundi rupapuro rw'urugendo, rwagiyemwo ikosa.
Djokovic aremera ko "vy'ukuri, iryo kosa ku rupapuro rwo gusaba visa ntiryakozwe ibigarankana."
"Ryaremewe kandi riremezwa na sentare y'igihugu mbere n'umushikiranganji ubwiwe mu bushikiranganji bw'abinjira n'abasohoka muri Australia.
"Ico abantu bashobora kuba batazi ni uko ntirukanywe muri Australia ku mvo z'uko ntari naracandazwe, canke ko hari amategeko narenze canke ko nagize ikosa mu kwuzuza urupapuro rwo gusaba visa. Ivyo vyose vyaremejwe na sentare y'igihugu n'ubushikiranganji bw'abasohoka n'abinjira.
"Igituma nirukanywe muri Australia n'uko umushikiranganji ajejwe abasohoka n'abinjira yakoresheje ububasha bwiwe mu gufuta visa yanje agendeye ku kwibaza ko nshobora guha intege abafise agatima ko kurwanya incanco mu gihugu canke mu gisagara, ivyo navyo nkaba ntavyemera na gato."