Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Umugabo yiyubakiye imva mu kwitegurira gupfa
Umugabo wo muri Tanzania yatangaje abantu bo ku mutumba abako inyuma yo kwiyubakira imva mu kwitegurira urupfu rwiwe.
Patrick Kimaro w'imyaka 59 avuga ko umuryango wiwe uriko uremera buke buke ingingo yiwe ibonwa n'ababanyi nk'agasema.
Inararibonye zo mu bwoko bwa Kimaro mu ntara ya Kilimanjaro bavuga ko kizira kwimba imva umuntu atarapfa kandi ko kizira ko imara igihe kirekire yuguruye.
Kimaro, asanzwe ari umupolisi yabwiye BBC Swahili ko yatanguye kwiyimbira iyi mu kwa mbere kugira ngo umuryango wiwe ntuzokoreshe uburyo bwinshi bwo kumuhamba ni yapfa.
Ati: "Nk'umwana w'imfura mu muryango, naragize ingorane mu guhamba abavyeyi banje igihe bapfa batandukanye amezi atandatu…rero nafashe ingingo ko ntashaka gushira abana banje mu ngorane nk'izo nagize".
Kimaro ategekanya kuziganya amahera makeya yo kuzogura isandugu yiwe yo kumuhambamwo kandi yizeye ko umuryano wiwe uzoshobora kwegeranya imfashanyo y'ibindi nkenerwa ni yapfa.
Ategura kandi kurondera ishirahamwe rifata mu minwe ubwishingizi bw'imva yiwe mu gihe hoba ibiza bitera, nk'imyuzurira, bishobora kuyisambura.
Iyi mva yiwe, harimwo n'ivyo kuyisiga, yamutwaye amafaranga yose hamwe angana n'ibihumbi bitatu ($3,000) vy'amadorari y'abanyamerika, yababa imiriyoni zitandatu (6000.000) mu mafaranga y'amarundi.
Abacungera umuhana wa Kimaro bavuga ko bamwe mu babanyi biwe batinya no kumugendera kuko iyi mva yayimvye mu rugo iwe.
Hagati aho, bamwe mu banyamuryango iwe bamaze kumenyereza iyi mva ku buryo bicara hampande yayo bariko baratera inkuru.