Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia - Ukraine: Ibihugu bitari bike bisaba abavyo kuva muri Ukraine kubera ubwoba bw'ingwano
Ibihugu birenga cumi vyateye akamo abanyagihugu bavyo kuva muri Ukraine mu gihe ibihugu vyo mu Burengero bitekewe n'ubwoba ko igitero c'Uburusiya gishobora kuba kiri hafi.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Australia, Ubutaliyano, Israel, Ubuholande n'Ubuyapani biri mu bihugu vyasavye abavyo kuva mu gihugu. Hari bimwe mbere vyamaze no gutahukana abakora mu buserukizi bwavyo n'imiryango yabo.
Moscou yegeranirije abasirikare bayo hafi y'urubibe rw'Uburusiya na Ukraine, ariko ibandanya ihakana ko ata mugambi ifise wo gutera iki gihugu.
Ingabo z'Uburusiya kandi ziri mu myimenyerezo ya gisirikare muri Biélorussie/Belarus ihana urubibe na Ukraine mu buraruko, mu gihe abandi nabo barwanira mu kirere bimenyereza mu kiyaga ca Azov kiri mu bumanuko bushira ubuseruko, ivyatumye Kremlin yagirizwa ko izibira umuhora ushikana Ukraine ku nyanja.
Iki cuka kibi kibandanya ciyongera nico catumye nijoro ku wa gatandatu Perezida Joe Biden asubira guhamagara mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin, aho yasubiye kumugabisha ko mu gihe yoramuka ateye Ukraine, ingaruka zoba nyinshi kuri Moscou.
Nk'uko bivugwa na Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika), Biden yaramenyesheje Putin ko igihugu ciwe n'ibindi bihugu vy'incuti bizoca bifata "ubwo nyene ibihano bikomeye" mu gihe Uburusiya bworamuka buteye ico gihugu kibanyi.
Itangazo Maison Blanche yaraye isohoye rivuga riti: "Mu gihe Amerika yama yiteguriye inzira y'ibiganiro...turiteguriye kandi ikintu ico ari co cose coramuka gishitse".
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko uku kwama bagabisha ngo intambara igomba ibe umwanya uw'ari wo wose bishobora gutuma haba ubwoba bwinshi, ico yita "umugenzi pfa mpfe w'abansi bacu".
Maison Blanche igabisha ko igitero gishobora gutangura umwanya uw'ari wo wose, kigatangurira ku bitero vy'indege. Uburusiya buvuga ko aya majambo ari "agasotoro".
Abakozi badakenewe cane basabwe kuva mu biro vy'ubuserukizi bwa Amerika ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu gihe kuva kuri uyu wa Mungu ibikorwa vy'ibiro bikukira ubuserukizi (consulat) mu gisagara ca Lyiv kiri mu burengero bihagarikwa, hagasigara abakozi bakeya bo gukora ibikorwa bibayabaye.
Eka na Canada nayo nyene iriko irimurira abakozi bayo bo mu biro vy'ubuserukizi i Lviv, hafi y'urubibe na Pologne, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Canada. Uwuserukira Ubwongereza muri Ukraine Melinda Simmons avuga ko we n'abakozi bakuru bakuru baguma i Kyiv.
Uburusiya na bwo nyene ubwabwo buvuga ko buriko burahindura bimwe bimwe, bukavuga ko buzotunganya gushasha abakozi b'ibiro vy'ubuserukizi bwabwo muri Ukraine, kubera ico bwita "ibikorwa vy'agasotoro bishobora kuba biriko birategurwa na Kyiv canke ibindi bihugu".
Amerika kandi yakuye muri ico gihugu ingabo zabwo zababa 150 zari zarungitswe kwigisha abasirikare ba Ukraine, ikavuga ko ari mu nzira yo kwicungera. Ikompanyi y'indege y'Ubuholande KLM nayo itangaza ko ihagaritse ubwo nyene ingendo zayo muri Ukraine, nk'uko ibinyamakuru vy'Ubuholande bibitangaza.
Zelensky wewe avuga ko nimba ibihugu vyo mu Burengero hari ivyemezo ntabanduka bifise ko hari igitero cimirije, wewe nta na kimwe arabona gushika ubu.
Ati: "Nibaza ko hari amakuru menshi cane mu binyamakuru avuga ibijanye n'intambara yeruye".
"Turatahura ingaruka zose zishoboka, turazi ko ziriho. Nimba ufise, canke uwundi uw'ari we wese afise, ivyemezo nyavyo ijana kw'ijana vy'igitero kigiye gukorwa n'Uburusiya...turasavye mubiduhe".
Kremlin yoyo ivuga ko ibiriko biraba ari "ubwoba burenze urugero" bwa Amerika n'incuti zayo, ikavuga kandi ko Perezida Putin yabwiye mugenziwe ko bataratorera umuti amakenga Uburusiya bufise ku mutekano wabwo. Ariko, ivuga kandi ko impande zompi zizobandanya ibiganiro.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa na we nyene yarasubiye kuvugana na Putin kuri telefone ejo ku wa gatandatu, amubwira ko "ibiganiro vyiza bitajanye na gato n'ingene ibintu biriko birunyuka", nk'uko biri mu nyandiko yasohowe n'ubuserukizi bw'Ubufaransa.
I Kyiv, abantu baharurwa mu bihumbi baragize imyiyerekano ejo ku wa gatandatu, baririmba ivyivugo vyo kwerekana ko bazogwa inyuma ya Ukraine kandi ko bazohangana n'igitero c'Uburusiya.
Umunyamakuru wa BBC Eleanor Montague avuga ko iyi myiyerekano itari ikomeye cane, ariko ko ari yo ya mbere ibaye ku mugaragaro yerekana akababaro k'abanyagihugu kuva iki cuka kibi gitanguye kuba ndanse.
Sasha Nizelska, akora mu kigo kirera abana i Kyiv, yabwiye BBC ko azohangana n'igitero c'Uburusiya n'inguvu ziwe zose. Ibi ni vyo vyavugwa n'abantu b'ingeri zose bari muri iyo myiyerekano.
Hagati aho, ku birometero vyababa 7500 uvuye ku nkengera y'Uburusiya mu buseruko, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya butangaza ko bwabonye ubwato burwanira mu mazi bwa Amerika bwavogereye amazi yabwo. Abategetsi bavuga ko ubu bwato bwari hafi y'amazinga ya Kuril, bukaba butashoboye guseruka hejuru igihe bwabitegekwa.
Ubwato bw'intambara bw'Uburusiya nabwo Marshal Shaposhnikov bwaciye bufata ingingo "zikwiye" ariko zitatangajwe hanyuma ubu bwato bwa amerika bubona kuhava, nk'uko ubushikiranganji bubivuga. Umutegetsi wo mu gisata co kwivuna abansi wa Amerika yaciye atumwako na Moscou kugira yisigure ku vyabaye.
Hagati aho, abategetsi ba Amerika babeshuje bagenzi babo b'Abarusiya kuri ibi vyabaye.
"Nta kuri na kumwe kuri mu bivugwa n'Uburusiya ko twavogereye amazi yabwo", ni vyo biri mw'itangazo ryasohowe n'umuvugizi w'igisirikare ca Amerika Kyle Raines rigahabwa Ruters.
"Nta vyinshi mvuga ku bijanye n'ahari amato yacu ariko turakorera mu mazi mpuzamakungu ata ngorane".