Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imishamirano ya Ukraine: Russia iriyamiriza ingingo ya US yo kwongereza ingabo i Bulaya
Uburusiya buriyamiriza ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo kurungika izindi ngabo i Bulaya mu ntumbero yo gushigikira incuti zayo za OTAN/NATO, ni mu gihe hari ubwoba ko Ubusuriya bushobora gutera Ukraine.
Moscou/Moscow (umugwa mukuru w'Uburusiya) ivuga ko iyi ari ingingo ije "gusambura" kuko ije kwongera icuka kibi no kugabanya amahirwe yo gutorera umuti iki kibazo biciye mu nzira ya poritike.
Pentagon (ibiro vyo kwivuna abansi vya Amerika) ivuga ko ingabo 2000 za Amerika zizorungikwa muri Pologne/Poland no mu Budagi zivuye muri North Carolina, hanyuma izindi 1000 zisanzwe ziri mu Budagi zirungikwe muri Roumanie/Romania.
Uburusiya bufise abasirikare bababa 100.000 hafi ya Ukraine. Burahakana ko ata mugambi bufise wo gutera iki gihugu.
Iki cuka kibi kije inyuma y'imyaka umunani iheze Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimée/Crimea kari mu bumanuko bwa Ukraine, bwongera bufata mu mugongo inyeshamba zirwanira mu karere ka Donbas mu ntambara imaze guhitana abantu n'imiburiburi 14.000 kuva mu 2014.
Moscou yagiriza reta ya Ukraine ko yananiwe no gushira mu ngiro amasezerano ya Minsk - amasezerano mpuzamakungu afise intumbero yo kugarukana amahoro mu buseruko, aho izi nyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya zigenzura uturere tutari duke.
Yishura ku ngingo ya Perezida Joe Biden wa Amerika yo kurungika izindi ngabo i Bulaya muri ino ndwi, icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Alexander Grushko avuga ko ari ingingo ije "gusambura" kandi "idafise ifatiro".
Ejo ku wa gatatu, Grushko yavuze ko ibi "bizotera intege" abategetsi ba ukraine mu kubandanya bahonyanga amasezerano ya Minsk "ata camira".
Imbere y'aha, Pentagon yari yatangaje ko ingabo za Amerika ziriko zirarungikwa zitazorwana muri Ukraine - ahubwo ko ari ukugira ngo bashobore gukingira incuti za Washington.
Irungikwa ry'izi ngabo rije ryiyongera ku kamo Pentagon iherutse gutera ingabo 8500 mu kwezi guheze izisaba ko zokwama zigavye ko zishobora kurungikwa i Bulaya mu gihe vyoba ngombwa.
Ejo ku wa gatatu, umuvugizi wa Pentagon, John Kirby, yabwiye abanyamakuru ati: "Ni ngombwa ko turungikira ubutumwa bukomeye Putin , hanyuma kandi, mvugishije ukuri, no kw'isi yose, ko OTAN ari ngirakamaro kuri Amerika kandi ko ari ngirakamaro ku ncuti zacu".
Ariko ku kibazo c'umugambi uvugwa wa Putin wo gutera, yavuze ati: "Turacizeye ko atarafata ingingo yo gutera Ukraine".
Avuga kandi ko "amakuru yashikiriye ibinyamakuru vya Bulaya" yerekeye ivyasabwe na Amerika ari ay'ukuri.
Aha asa n'uwuvuga ku nkuru yasohowe n'ikinyamakuru El País co muri Espagne yavuga ko Amerika yasavye ko hoba ibiganiro n'Uburusiya vyo kugabanya ibirwanisho vya nikleyeri ndetse hagafatwa n'ingingo zo kugarukana ukwizerana, mu ntumbero yo kugabanya icuka kibi kuri Ukraine.
Hagati aho, utwigoro turabandanya mu kugerageza gutorera umuti iki kibazo biciye mu nzira ya poritike, ni mu gihe hari ubwoba ko gishobora gutuma Ubulaya bwinjira mu ntambara yeruye.
Ejo ku wa gatatu, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yaravuganye kuri telefone n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson.
Boris Johnson yabwiye Putin "ko ibihugu vyose vya Bulaya bigendera kuri demokarasi bifise uburenganzira bwo gusaba kwinjira muri OTAN", nk'uko itangazo ry'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza ribivuga. Uburusiya ntibushaka kwumva Ukraine yinjiye muri iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe.
Putin aragabisha OTAN avuga ko idashaka gutanga inyishu nyayo ku mpungenge z'Uburusiya, nk'uko biri mw'itangazo rya Kremlin.
Imbere y'aha, umukuru w'igihugu c'Uburusiya yari yagirije Amerika ko iriko iragerageza kwinjiza igihugu ciwe mu ntambara muri Ukraine. Yavuze ko Amerika ifise intego yo kwitwaza uguhangana kugira ifatire ibindi bihano Uburusiya.
Ubutumwa kuri Putin
Izi ni ingabo ziteguriye intambara ariko ntiziteze kurwana n'abasirikare b'Uburusiya - iyo biba ari uko hari kurungikwa ingabo nyinshi cane gusumba izi. Mu bisanzwe Moscou isa nk'aho ata ngorane iteye kuri Pologne na Roumanie.
Rero intumbero nyamukuru ni ugutanga ikimenyetso: guhumuriza incuti za OTAN zo mu buseruko bwa Bulaya zifise ubwoba ko kubona Uburusiya bwarungitse ingabo mu micungararo ya Ukraine bushobora kuvogera imbibe zavyo, bikaba vyasavye ubufasha.
Hanyuma kandi ni ukurungikira ubutumwa Vladimir Putin ko OTAN ari ngirakamaro kuri Amerika. Rero ingingo iyo ari yo yose yofata ku ncuti za OTAN ishobora gutuma Amerika yisunga ingingo ya gatanu ikaja gutabara.
Joe Biden ariko agerageza kwerekana ko atarota atezura ariko kandi adashize inyuma inzira y'ibiganiro. Nta ngabo nyinshi ariko ararungika, kandi na cane cane hakaba ata ngabo ziri muri vya bihugu vya Balte, ku muryango nyene w'Uburusiya.
Ariko gusa irungikwa ry'izi ngabo ryerekana ko ikibazo kihari gisumba kure cane Ukraine, ko kijanye n'umutekano w'Ubulaya inyuma ya ya ntambara yo kwikekana.
Uguhangana hagati y'Uburusiya na Amerika, ibihugu bifise ububiko bw'ibirwanisho vya nikleyeri bunini cane gusumba ibindi vyose kw'isi, kuva muri ca gihe c'intambara y'ukwikekana (1947-89). Ico gihe, Ukraine yari imwe mu ntara nyamukuru zari zigize Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet, inyuma y'Uburusiya.
Perezida Putin avuga ko Amerika yirengagije amakenga ya Moscou mu vyo isaba ku bijanye n'umutekano w'Uburusiya, harimwo no guhagarika OTAN ntibandanye yiyagurira akarere amaja mu buseruko.
Roumanie, igihugu giherutse kwakira ingabo za Amerika ziherutse kurungikwa, gifise ikigo ca misire ca Aegis, Uburusiya bukabona ko giteye impungenge ku mutekano wabwo kuva cugururwa mu 2016.