DR Congo yaciriye imanza zo gupfa abagandaguye abahinga ba UN

Abaharurwa muri mirongo bari mu mirwi yitwara gisirikare baciriwe imanza zo gupfa muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo ku ruhara bagize mw'igandagurwa ry'abahinga babiri ba ONU.

Umunya Suède yamuka muri Chili, Zaida Catalan, hamwe n'umunyamerika Michael Sharp baranyurujwe baca baricwa mu ntara ya Kasai hari mu mwaka wa 2017.

Bariko barakora amatohoza ku binogo rusangi vyahambwemwo abantu inyuma y'intambara yadutse hagati y'ingabo za reta n'umurwi witwara gisirikare.

Umusiguzi wabo (interprète/interpreter), Betu Tshintela, na we nyene yarishwe. Ibiziga vyabo vyagiye gutorwa haciye imisi 16 banyurujwe.

Catalan yaciwe umutwe.

Ico gihe, ishirahamwe ONU ryarababajwe n'ubu bwicanyi, umunyamabanga mukuru António Guterres akaba yaciye avuga ko iri shirahamwe "ryategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo ubutungane bukore".

Abaharurwa mu majana barishwe muri iyo ntambara yo muri Kasai yagiye guhera mu 2017. Abarenga umuriyoni barateshejwe izabo muri iyo ntambara yadutse igihe indongozi kama, Kamwina Sapu, yicwa mu kwa munani 2016.

Izi manza zaciwe na sentare ya gisirikare zikaba zari zimaze imyaka ine yose.

Muri abo mirongo bagirizwa, 51, hafi bose bakaba ari abanywanyi b'uyo murwi witwara gisirikare, baciriwe urubanza rwo gupfa. Ariko, kubera Congo itagitanga igihano c'urupfu, ibi bihano bisa n'ibizoba iminyororo y'ubuzima bwose.

Bagiriwe n'ivyaha bitandukanye, kuva kw'iterabwoba n'ubwicanyi gushika ku caha co mu ntambara, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Col Jean de Dieu Mambweni yaciriwe umunyororo w'imyaka 10, yagirijwe kutubahiriza amategeko. Abandi babiri - umunyamakuru n'umupolisi - bejejwe.