Ukraine: US isaba imiryango y'abakozi b'ubuserukizi bwayo kuva mu gihugu

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye imiryango y'abakozi bo mu buserukizi bwazo muri Ukraine kuva muri iki gihugu mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera mu karere.

Ibiro vy'ubunyamabanga bujejwe imigenderanire vyahaye kandi uruhusha abakozi b'ubu buserukizi kuva mu gihugu, yongera isaba abanyagihugu ba Amerika bari muri Ukraine kwiyumvira ingene bovayo.

Mw'itangazo, ibi biro bimenyesha ko hari amakuru avuga ko Uburusiya buriko butegura igitero gikomeye kuri Ukraine.

Uburusiya burahakana ko ata mugambi bufise wo gutera Ukraine.

Ibiro vy'umunyamabanga wa reta bijejwe imigendranire bigabisha kandi abanyagihugu guheba ingendo zo muri Ukraine n'Uburusiya kubera icuka kibi kibandanya hamwe "n'ikubagurwa rishobora gukorerwa abanyagihugu ba Amerika".

Umutegetsi wo mu biro vy'ubunyamabanga yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ibi biro vy'ubuserukizi biguma vyuguruye ariko agasubiramwo amajambo yo kugabisha ashikirizwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House ko iki gitero gishobora kuba "umwanya uwo ari wo wose".

Maison Blanche ivuga ko reta "itazoshobora gutahukana abanyagihugu ba Amerika mu bihe nk'ivyo bigoye".

Umunyamakuru wa BBC Barbara Plett Usher avuga ko iki cemezo ca Amerika kiri mu rukurikirane rw'ingingo zifatwa n'ubunyamabanga bujejwe imigenderanire mu gihe hari ibibazo bishobora kubangamira abakozi ba Amerika bo mu gisata kijejwe imigenderanire.

Bivugwa ko ata kintu kidasanzwe cibonekeje mu masaha 24 aheze catumye hafatwa iyi ngingo.

Umukuru w'igisata kijejwe kwivuna abansi mw'ishirahamwe OTAN/NATO agabisha ko hashobora kwaduka intambara nshasha i Bulaya inyuma y'aho ingabo z'Uburusiya zababa 100.000 ziyegeranirije ku rubibe.

Ku wa gatandatu, hari imfashanyo "y'ibikoresho vy'intambara" yashitse muri Ukraine itanzwe na Amerika yababa amatoni 90, harimwo n'amasasu "ku basirikare bari ku rugamba".

Umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Anthony Blinken avuga ko reta iriko iregeranya "ingingo zitari nke zishobora kuba mu zofatwa ku nteguro za Perezida Putin" harimwo no kwongerereza inguvu inzego zo kwivuna abansi za Ukraine mu kuziha izindi mfashanyo za gisirikare.

Uburusiya buramaze kwigarurira ubutaka bwa Ukraine imbere y'aha, igihe bwigarurira Crimée/Crimea mu 2014, inyuma y'aho iki gihugu kibogoreje umukuru waco yari yegamiye ku ruhande rwa Moscou/Moscow.

Kuva ico gihe, igisirikare ca Ukraine kiri mu ntambara iyihuza n'inyeshamba zifashwe mu mugongo n'Uburusiya mu turere two mu buseruko hafi y'urubibe n'iki gihugu. Abantu baharurwa mu 14.000 baramaze kwicwa mu karere ka Donbas.

Ejo ku wa Mungu, ibiro bijejwe imigenderanire vy'Ubwongereza vyaragirije Perezida Putin ko ariko ategura gushira ku butegetsi umuntu yegamiye kuri Moscou ngo arongore reta ya Ukraine.

Abashikiranganji b'Ubwongereza baragabisha ko reta y'Uburusiya izohangana n'ingaruka zikomeye mu gihe hoba igitero.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko bafise amakenga ko Uburusiya bushobora kugerageza gusenyura ubutegetsi bwa Ukraine bakabusubiriza n'iyindi reta, ariko baranse kugira ico bavuze ku bijanye n'itangazo ryasohowe n'Ubwongereza mu mpera z'indwi iheze.