Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imishamirano kuri Ukraine: Biden yibaza ko Putin 'azotera'
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko yibaza ko mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin "azokwinjira" muri Ukraine, ariko akaba adashaka intambara yeruye.
Mu kiganiro n'abanyamakuru, yabajijwe nimba afise ubwoba ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine, aca yishura ati: "Ico mbona ni uko azokwinjira, ategerezwa gukora ikintu".
Ariko aragabisha ko Uburusiya "buzokwibonerako bikomeye" kuri iyi ngendo yo "kugerageza" Uburengero.
Moscou/Moscow (umugwa mukuru w'Uburusiya) irahakana ko ata mugambi wo gutera canke kwinjira muri Ukraine ariko yarateguye ingabo zayo.
Izwi ko ifise ingabo zababa 100.000 hafi y'urubibe ihana na Ukraine.
Abategetsi ba Maison Blanche/White House basohoye itangazo berekana neza aho Amerika ihagaze, inyuma y'aho abanyamakuru babarije Perezida Biden mu kiganiro nabo nimba Amerika ishobora kwemerera ivogera n'aho ryoba rito muri Ukraine inyuma y'amajambo yari yavuze.
Mw'iryo tangazo ryasohowe nijoro ku wa gatatu, umunyamabanga wa Maison Blanche ajejwe kumenyesha amakuru Jen Psaki avuga ati: "Ari nka hamwe hogira ingabo z'Uburusiya zinjira muri Ukraine, iki coba ari igitero gishasha, kandi Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'incuti zacu twese turi hamwe twoca twishura vuba vuba kandi n'inguvu nyinshi".
Uburusiya bwarateguye urutonde rw'ivyo rusaba ibihugu vyo mu Burengero, harimwo y'uko Ukraine itohirahira ngo yinjire muri OTAN/NATO, kandi ko ibikorwa vya gisirikare vy'iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe vyogarukira mu bihugu vy'iri shirahamwe harimwo na Pologne/Poland.
Mu ndwi iheze, ibiganiro hagati y'Uburusiya n'Uburengero vyarananiwe no kugira ico bishitseko, aho bimwe mu bisabwa na Moscou vyiyamirijwe ko ari ibintu bidashoboka.
Mu 2014, Uburusiya bwarigaruriye akarere ka Crimea kegukira Ukraine inyuma y'aho reta yari yegamiye ku Burusiya itembagarijwe. Bufashe mu mugongo kandi inyeshamba zegamiye kuri Moscou zigenzura uturere two mu buseruko bwa Ukraine mu ntambara izihuza n'ingabo za reta imaze guhitana abatari bake.
Hari ubwoba ko iyi ntambara imaze guhitana abantu n'imiburiburi 13.000 ikanatesha izabo abantu n'imiburiburi imiriyoni zibiri, ishobora gusubira kuvyura umugara, aho n'ingabo z'Uburusiya zishobora kuyigiramwo uruhara.
Putin agiye 'kugerageza Uburengero'
Abajijwe ico yiyumvira ku migambi ya Putin, Biden yavuze ati: "Ubwo noba nibaza ko agiye kugerageza Uburengero? Agerageze Reta zunze Ubumwe za Amerika na OTAN uko ashoboye kwose? Ego, ndibaza ko azobikora, ariko nibaza ko azovyishura ku rugero rukomeye".
Biden avuga ati: "Ntarigera abona ibihano nk'ivyo nemeye ko nzomufatira mu gihe yokwinjira", akongera ko y'uko urugero rw'ibihano azohabwa bizovana n'ubukari bw'igitero ico ari co cose.
Abajijwe nimba yoba afise ubwoba ko intambara muri ukraine ishobora gutwara uburyo ibihugu bibanyi vya OTAN, yavuze ati: "Intambara yonyene ishobora kuba mbi cane gusumba iyitezwe ni igihe ibaye itari yitezwe, rero ubwoba mfise ni uko iyi ishobora kugorana".
"Ndizeye ko Vladimir Putin atahura ko adashobora, kiretse mu gihe hoba intambara yeruye ya nikleyeri, ko atari mu gihe ciza c'uko yoshobora kwiganzira isi. Rero sinibaza ko avyibaza, ariko ubwoba buriho".
Avuga kandi ko ari "nkenerwa cane" ko ibihugu vya OTAN vyokwama bigabirije uku nyene ku gitero c'Uburusiya gishobora kuba.
Biden avuga ko Amerika yama yiteguriye ibiganiro n'Uburusiya kandi ko umubonano na Putin "ugishoboka".
Umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yiteze kubonana n'umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov i Geneva ejo ku wa gatanu inyuma y'urugendo agize muri Ukraine n'ibiganiro yagiranye n'ibihugu bigenzi vya Bulaya i Berlin mu Budagi.
Mw'ijambo yashikirije i Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine), Blinken yavuze ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine "akanya ako ari ko kose" aca yongera kugabisha ko buzofatirwa ibihano bikomeye mu gihe bworamuka bubikoze.