US na EU biragabisha igisirikare ca Sudan kudashiraho umushikiranganji wa mbere cishakiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Norvège, Ubwongereza hamwe n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya (EU/UE) birabagisha igisirikare ca Sudani ko kitohirariha ngo gishireho umushikiranganji wa mbere cishakiye, bikavuga ko ivyo vyota igihugu mu ntambara.
Ibi bihugu bivuga ko bidashobora gushigikira umushikiranganji wa mbere canke reta itarimwo igice kinini c'abasivire.
Ku wa Mungu, Abdalla Hamdok yahoze ari umushikiranganji wa mbere yaratanze imihoho inyuma y'ukutumvikana muri poritike hamwe n'imyiyerekano yabaye ndanse yadutse inyuma y'aho igisirikare gitembagarije ubutegetsi mu kw'icumi kw'umwaka uheze.
Ibihugu vyo mu burengero vyarashikirije impungenge zavyo ku gatotezo igisirikare gikorera abari mu myiyerekano - abarenga 50 bakaba bamaze kwicwa kuva habaye iri tembagazwa ry'ubutegetsi.
Ejo ku wa kabiri, inzego zijejwe umutekano zarateye vya vyuka bikoroza amosozi mu bisagara bitari bike mu ntumbero yo gusambura ibico binini vy'abari mu myiyerekano biyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare muri ico gihugu.
Sudani iri mu ruhagarara kuva Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi n'igisirikare inyuma y'imyaka 30 ku butegetsi, bivuye ku myiyerekano y'abarwanya ubutegetsi bwiwe, hari mu kwa kane 2019.







