Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Madagascar: Abafaransa baciriwe umunyororo ku mugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwa Andry Rajoelina
Abafaransa babiri baciriwe umunyororo w'imyaka 10 na 20 bagiriwe n'icaha co gutegura kugandagura umukuru w'igihugu ca Madagascar Andry Rajoelina.
Paul Rafanoharana na Philippe François barengukishijwe imbere ya sentare bagirizwa guhunganya umutekano w'igihugu, kwifatanya n'imirwi y'inkozi z'ikibi hamwe no gutegura umugambi wo kwica umukuru w'igihugu.
Abandi 20 basangiye ivyo bagirizwa na bo nyene baciriwe iminyororo.
Umushingwamanza aburanira aba bafaransa atefgura kwunguruza urubanza.
Umushingwamanza Solo Radson asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ati: "Si vyo nari niteze, ni urubanza ruhengamye...ni urubanza ruhengamiye ku mvo za poritike".
Abategetsi bavuga ko bagiye kumenya uwu mugambi, wari wiswe "Apollo 21", bashize iminwe ku butumwa muravyo (emails), ibirwanisho hamwe n'amafaranga mu gikorwa c'umutekano cakozwe mu kw'indwi.
Bivugwa ko mu vyo babonye harimwo integuro yo "kugandagura no guhagarika" abantu batari bake harimwo n'umukuru w'igihugu.
François yahoze ari koroneri (colonel) mu gisirikare c'Ubufaransa, yaciriwe umunyororo w'imyaka 10.
Rafanoharana, uyu akaba ari umufaransa afise amamuko muri Madagascar mbere akaba yarigeze kuba n'umuhanuzi wa Perezida Rajoelina, yaciriwe umunyororo w'imyaka 20. Umugore wiwe na we nyene yaciriwe umunyororo w'imyaka itanu.
Victor Ramahatra yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Madagascar na we yaciriwe gupfungwa ic'amaso imyaka itanu.
Madagascar nayo nyene ifise kahise karekare k'ama coups d'Etat n'imigumuko kuva ironse intahe y'ukwikukira yiganzuye intwaro ya gikoloni y'Ubufaransa mu 1960.