Madagascar yugarijwe n'inzara iturutse kw'ihindagurika ry'ibihe

    • Umwanditsi, Na Andrew Harding
    • Igikorwa, BBC News

Madagascar iri hafi yo kwugarizwa n'inzara ya mbere kw'isi "itewe n'ihindagurika ry'ibihe", ku bwa ONU, ivuga ko abantu ibihumbi n'ibihumbi baja bamaze kubura ico barya ku rugero rw'akaga inyuma y'imyaka ine ata mvura igwa.

Urwo ruzuba - urwa mbere rukomeye mu myaka 40 - rwatumye abarimyi bo mu bumanuko bw'igihugu ataco bacimbura, ubu bakaba basigaye batoragura udukoko tuguruka kugira barye.

Shelly Thakral wo mw'ishami rya ONU riraba imfungurwa kw'si PAM/WFP avuga ati: "Bari nko mu gihe c'inzara kandi ivyo biterwa n'ibihe, ntibiva ku ntambara".

ONU igereranya ko abantu ibihumbi 30 ubu bugarijwe n'urugero rwa mbere ruzwi ku rwego mpuzamakungu rwo kuba ruri mw'ihungabana ryo kuronka ivyo kurya - urugero rwa gatanu - kandi hari amakenga ko ico gitigiri gishobora kuduga cane kuko Madagascar igiye kuja mu "gihe cama gishika c'ubukene bw'indya" imbere y'uko haba iyimbura (isarura).

Umupfasoni Thakral avuga ati: "Ibi ntivyari bwigere biba. Aba bantu nta na kimwe bakoze kugira batume haba ihindagurika ry'ibihe. Nta bitoro baturira. ….ariko ni bo bariko barakorwako n'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe."

Mu kigwati ca Fandiova, muri district ya Amboasary, imiryango mu minsi iheze yeretse abakozi ba PAM bari babagendeye inzige basigaye barya.

Tamaria, umuvyeyi w'abana babiri, yavuze ati: "Ndazironga neza uko nshoboye kwose ariko nta vyo nshobora kuko dusa n'uko ata mazi dufise."

Yongerako ati: "Jewe n'abana banje tumaze amezi umunani ari zo turya iminsi yose kuko nta kindi na kimwe dufise turya kandi nta mvura igwa kugira ngo twimbure ivyo twateye."

Uwundi muvyeyi, Bole, yicaye kw'isi yagadutse, nawe ati: "Ubu ntitugira ico turya namba kiretse amababi ya cactus."

Yavuze ko umugabo wiwe hari haheze iminsi yishwe n'inzara, co kimwe n'umwe mu babanyi biwe, amusigarana abandi bana babiri bo kugaburira.

"Mbega ndi buvuge iki? Ubu ubuzima bwacu n'ukurondera amababi ya cactus, uko bukeye uko bwije, kugira tumare kabiri."

Gukoresha amazi neza

N'ubwo muri Madagascar bisanzwe bishika kenshi hakaka uruzuba kandi ibihe bigahungabana kubera imiyaga ya El Niño, abahinga bavuga ko ihindagurika ry'ibihe rishobora gufatanywa n'akaga k'ihindagurika ririko riraba kw'isi.

Dr Rondro Barimalala, umuhinga w'umunya-Madagascar akorera kaminuza ya Cape Town muri Africa y'Epfo, avuga ati: "Mu nzira zitandukanye ibi bishobora kuba ari insiguro ikomeye yo kwumvisha abantu ko bategerezwa guhindura ingendo."

Chris Funk, uwundi muhinga wo kuri kaminuza ya Santa Barbara muri California, yemeza ko ibiriko biraba muri Madagascar bifitaniye isano "n'ugushuha kw'ikirere", kandi akavuga ko abategetsi ba Madagascar bakeneye gukora kugira batunganye neza gusumba ibijanye no gukoresha amazi.

Yongerako ati: "Nibaza ko hari vyinshi bishobora gukorwa. Akenshi turashobora kumenya ryari hazoba imvura ikwiye, hanyuma abarimyi bagakoresha ayo makuru kugira baduze umwimbu. Ntitubuze ico twokora imbere y'ihindagurika ry'ibihe".

Ingaruka y'urwo ruzuba muri Madagascar ziramaze gushika no mu bindi bisagara vy'ubumanuko bw'ico gihugu, aho abana ata kundi bafise bagira atari ukuja mu mabarabara gusega ivyo kurya.

Tshina Endor, akorera ishirahamwe ry'ubugiraneza, Seed, muri Tolanaro, avuga ati: "Ibiciro ku masoko biriko biraduga cane - incuro zitatu canke zine. Abantu baragurisha amatongo yabo kugirango baronke amafaranga yo kugura ivyo kurya."

Uwo bakorana, Lomba Hasoavana, avuga ko we n'abandi benshi vyabaye ngombwa ko baja kurara mu mirima yabo y'imyumbati kugirango abantu babuze ico barya ntibaze kuyiba, ariko ivyo bisigaye bishobora kugutwara agatwe.

Avuga ati: "Ushobora kuhasiga buzima. Biragoye cane, cane, kuko iminsi yose ntegerezwa kwibaza ingene ndonka ivyo turya hamwe n'umuryango.

"Ubu ntawukimenya ingene ikirere kizogenda. Twama muri kabaza - mbega ejo hazoba iki?"