Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Omicron: Ubwongereza bwisubiyeko bwemerera ingenzi zo muri Afrika kwinjira
Ubwongereza bwakuye ibihugu 11 vyo muri Afrika ku rutonde rutukura, ibintu vyari bibangamiye cane ingendo hagati y'ivyo bihugu na UK.
Abongereza gusa canke abo muri Irlande canke abafise uruhusha rwo kuba mu Bwongereza nibo gusa bari bemerewe kwinjira mu gihugu.
Ukwo gukumira kwashizweko mu kwezi guheze kugira hagabanywe ukwiyongera kw'ubwoko Omicron bwa Covid-19.
Bamwe mu bavyiyamirije bavuze ko iyo ngingo ari "mvangura-rukoba" kuko ibihugu vyo muri Afrika gusa ari vyo vyari kuri urwo rutonde rutukura.
Mu ntango ibihugu vyose vyari ivyo mu bumanuko bwa Afrika, birimwo Afrika y'epfo na Botswana aho Omicron yatowe ubwa mbere, ariko na Nigeria yaje kwongerwako mu nyuma.
Ivyo bihugu 11 ni:
Angola
Botswana
Eswatini
Lesotho
Malawi
Mozambike
Namibia
Nigeria
Afrika y'epfo
Zambia
Zimbabwe
Guhagarika ingingo yo kubikumira biraja mu ngiro kuwa gatatu itariki 15/12/2021 saa 04:00 GMT (06:00 mu Rwanda no mu Burundi).
Mu gukurako iyo ngingo umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe amagara, Sajid Javid, yabwiye inama nshingamateka ati:
"Mu gihe ubu hamaze gutangura kwanduzanya Omicron hagati mu Bwongereza kandi Omicron ikaba imaze gukwira hose mu gihugu, urutonde rutukura nta kamaro rugifise mu kugabanya Omicron yoza ivuye hanze".