Koffi Olomide: Sentare mu Bufaransa yamukuyeko icaha co gufata ku nguvu

Sentare yunguruza imanza y'i Paris mu Bufaransa yahanaguye icaha co gufata ku nguvu cari cahamijwe rurangiranwa mu muziki wo muri RD Congo, Koffi Olomide

Ariko iyo sentare nyene yasanze yagirwa n'icaha co gufunga bitemewe n'amategeko abari abatamvyi biwe bane mu Bufaransa mu ntango z'imyaka y'2000.

Urubanza rwibanze ku vyagiriji vy'uko hagati y'imyaka ya 2002 na 2006 igihe yariko aremesha ibiteramo mu Bufaransa, Koffi Olomide yapfungiye abatamvyi biwe bane mu nzu i Paris ngo rimwe na rimwe akaza arabategeka kuryamana nawe.

Mu rubanza rwa mbere rumaze imyaka ibiri rubaye, sentare yahamije Koffi icaha co guhohotera bifatiye ku gitsina umwe muri abo batamvyi atari bwakwize imyaka 18 ico gihe, aca akatirwa igifungo c'imyaka ibiri ariko atagiye mu munyororo.

Sentare yamuhanaguyeko ibindi vyaha, umushinjacaha aca arunguruza avuga yuko sentare yaciye inkoni ngufi.

Ariko ubu mu rubanza rwa kabiri, sentare yunguruza imanza yashikanye kure ica ihanagura Koffi ivyaha vyose vyo guhohotera bifatiye ku gitsina, umucamanza avuga yuko ivyavuzwe n'abarega vyarimwo ukwivuguruza kwinshi ku buryo bitokwagira umuntu.

Ariko nsetare yunguruza imanza yagumijeko icaha co "kugumya umuntu ku gahato", mu gihe sentare y'intango itari yagishimikiyeko, bityo rero Bwana Olomide aca ahabwa igifungo c'amezi 18 ariko atagiye mw'ibohero.

Yabwirijwe kandi kuriha indishi y'ibihumbi indwi vy'ama euro kuri umwe umwe wese muri abo batamvyi bane.