Burundi - Covid: Igiporisi kivuga ko igitigiri c'abandura ciyongeye muri iyi minsi

Uwuriko arapimwa umuriro yinjiye mu Burundi mu 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kivuga ko abandura Covid basubiye kwiyongera

Umukuru w'igipolisi c'Uburundi, Frederic Budomo, yandikiye abajejwe ibisata vy'urwego ajejwe, abahamagarira gusubira gukaza iyubahirizwa ry'ingingo zo kugwanya Covid avuga ko ibitigiri vy'abandura vyasubiye kwiyongera.

Muri uri urwo rwandiko, avuga ko abantu basubiye kwimenyera, hakaba hari ivyegeranyo bivuga ko ibiharuro vy'abanduye umugera wa Covid vyongerekanye cane muri iyi misi.

Avuga kandi ko n'igipolisi cadebukiwe mu kwubahiriza ingingo zo kugwanya Covid.

Umukuru w'igipolisi c'Uburundi Frederic Budomo agira ati: "Igipolisi ntikiriko kirubahiriza ingingo zari zafashwe zo kubuza ama karaokes [ibiteremwo bavuzamwo umuziki], kutugurura inzu z'ubutambiro (boites de nuit) hamwe n'izindi."

N'umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana, yateye akamo ababa muri ico gisagara ngo kubera ibiharuro vy'abanduye vyongerekanye mu makomine yose agize ico gisagara.

Asaba ashimitse ko abantu boreka kwijajara bakubahiriza za ngingo z'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu zirimwo gukaraba kenshi, kudasomana, kuramukanya indamutso y'amahoro no kwambara agafukamunwa aho bikenewe.

Jimmy Hatungimana abasaba gushira mu bikorwa umugambi wa "Ndakira, sinandura kandi sinanduza Corona virus" washizwe imbere n'umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye mu kurwanya ico kiza.

Ku rubuga rw'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO handitse ko kuva itariki 3 z'ukwezi kwa mbere 2020 gushika itariki 10 z'ukwezi kwa cumi na kabiri 2021, abantu bamaze gutorwa umugera wa Covid-19 mu Burundi ari 20.666, muri bo 14 bakaba bamaze gupfa.

OMS/WHO ivuga ko igitigiri c'abamaze kwicandagisha mu Burundi ari 3.396.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, OMS/WHO ivuga ko igitigiri c'abamaze kwicandagisha mu Burundi ari 3.396.

Iryo shirahamwe kandi rivuga ko igitigiri c'abamaze kwicandagisha mu Burundi ari 3.396, ni urugero rwa 0,02% ku bantu barenga miriyoni 12 Uburundi bufise.

Reta y'Uburundi ntawe ihimiriza kuja kwicandagisha, umuntu agenda ku bushake bwiwe. Gutanga urucanco vyatanguye mu kwezi kw'icumi.

Nta biharuro bishasha birashirwa ahabona vyerekana ingene abanduye biyongereye n'ikiringo vyabereyeko muri iyi minsi.

Mu gihe isi itewe impungene n'ubwoko bushasha bw'umugera wa corona wandukira cane watowe ubwa mbere muri Afrika y'Epfo mu kwezi guheze, Omicron, mu Burundi gushika ubu ntawurahavugwa.