Tel Aviv yagenywe ko ari co gisagara ca mbere kizimvye kubamwo kw'isi

Ahavuye isanamu, Reuters
Tel Aviv yagenywe ko arico gisagara ca mbere kizimvye kubamwo kw'isi , mu gihe ukwongerekana kw'urugero rw'ibiciro n'ingorane zijanye no gushikana ivyankenerwa aho bikenewe bituma ibiciro biduga kw'isi.
Ico gisagara co muri Israel kije kw'isonga ry'urutonde ubwa mbere muri iryo tohoza rikorwa na Economist Intelligence Unit (EIU), Tel Aviv ikaba ivuye ku kibanza ca gatanu mu mwaka uheze, ikaba imanuye Paris mu kibanza ca kabiri co kimwe na Singapore.
Damas (Damascus) , umurwa mukuru wa Syria yugarijwe n'intambara, wagumanye ikibanza cawo nk'igisagara ca mbere kizimbutse kw'isi.
Iryo tohoza rigereranya ibiciro mu ma dorari y'Abanyamerika (US$) ku vyankenerwa mu bisagara 173.
EIU ivuga ko amakuru yegeranije mu kwezi kwa Myandagaro (ukwa 8) na Nyakanga (ukwa 9) yerekana ko muri rusangi ibiciro vyaduze ku rugero rwa 3,5% ufatiye mu mafaranga yo mu gihugu kimwe kimwe - rukaba arirwo rugero rwa mbere rwihuse cane mw'iduga ry'ibiciro muri iyi myaka itanu iheze.
Mu gutwara abantu n'ibintu niho ibiciro vyiyongeye cane kurusha ahandi, aho igiciro ca ritiro ry'ibitoro ryaduze ku rugero rwa 21% muri rusangi mu bisagara vyakozweko itohoza.
Kuba Tel Aviv yagiye kw'isonga ry'utonde rwa EIU rw'ibisagara bizimvye cane kw'isi bigaragaza ahanini ukwiyongera kw'agaciro k'ifaranga rya Israel, shekel, ugereranije n'idorari. Ibiciro muri ico gisagara ku vyankenerwa bishika 10% navyo vyaraduze cane , na cane cane ku vyo kurya bigurirwa mu maduka.
Ico cigwa casanze Tel Aviv arico gisagara kiza ubugira kabiri mu kuzimba ku nzoga no kwiyunguruza, ica gatanu ku bintu vyo kwitunganya umuntu ubwiwe , n'ica gatanu mu vyo kwinezereza.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Umukuru w'igisagara ca Tel Aviv, Ron Huldai, yabwiye ikinyamakuru Haaretz ko iduga ry'ibiciro vy'amazu - bitarimwo mu vyo EIU yaharuriyeko -bisigura ko ico gisagara kiri mu nzira y'uko ibintu "binanirana".
Avuga ati: "Tel Aviv izobandanya kuzimba kurusha, nk'uko n'igihugu kiriko kirarushizaho kuzimba."
"Ingorane nyamukuru n'uko muri Israel ata kindi gisagara kinini cane kihari. Muri Amerika, hari New York, Chicago, Miami n'ibindi. Mu Bwongereza hari Londres, Manchester na Liverpool. Ngaho urashobora kwimukira mu kindi gisagara iyo ubuzima buzimye birengeje."
Mu mwaka uheze, Paris, Zurich na Hong Kong vyasangira ikibanza ca mbere muri ico cigwa ca EIU. Zurich na Hong Kong biza ubwa gatanu uyu mwaka , bigakurikirwa na New York, Geneve, Copenhagen, Los Angeles na Osaka.
Teheran muri Iran kiri mu vyaduze cane kuko cavuye ku kibanza ca 79 gisimbira ku ca 29, mu gihe ibihano vya Amerika bibandanya gutuma hakena ivyankenerwa kandi ibiciro vyo kugurira ibintu hanze bikaduga muri Iran.
EIU ivuga ko urutonde rw'ingene ibisagara bizimvye rufitaniye isano n'ingene ibintu vyahindutse kubera ikiza ca coronavirus.










